Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chine : Yarahiye ko bazika umugore wiwe ku bw’urukundo bakundana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Chine : Yarahiye ko bazika umugore wiwe ku bw’urukundo bakundana

Chine : Yarahiye ko bazika umugore wiwe ku bw’urukundo bakundana

jeudi 4 Ruheshi 2015

Mu Bushinwa mu gisagara ca pekin Pekin, umugabo yitwa Jian Maode yatangaje abantu inyuma yo gusanga yaranse guhamba ikiziga c’umugore wiwe, akakibika muri frigo kugira azoze akivugisha kandi uko abikeneye.

Amakuru dukesha ww http://www.ibtimes.co.uk , avuga ko Jiang Maode w’imyaka 53 y’amavuko yatangaje ko yakunda cane umugore wiwe Yang Huiging, ibi bikaba ari vyo byamuteye kwemera kumubika amezi 5 mu vyuma bikanyisha, kugira ikiziga c’umugore wiwe nticononekare, hanyuma aze amubwira amajambo y’urukundo nk’ukwo yarabimenyereye iminsi yose avuye kukazi.

Umuryango uyu mugore avukamwo wakomeje kugira icizere ko mu minsi mike, ko bazohashika akabaha ico kiziga bakagihamba, ariko vyaranse amezi 5 aheze ata n’iciyunviro aragira. Yemeza ko yumva atokwikura umugore wiwe ngo amuhambe kuko kuri we bakiri kumwe.

Igiporisi cahise gitanguza amatohoza kuri Maode ku mvo z’uko amategeko y’Ubushinwa atemerera ikiziga kumara iminsi irenze 5 kitarashingurwa. Maode avuga ko yasezeraniye umugore wiwe kuzomurekera mu nzu kandi ko ari vyo binezera uwo mugore wiwe naho bavugako yapfuye.
Maode Jiang avuga ko avugana n’umugore we isaha imwe avuye ku kazi, akamubwira uko ubuzima bwose bwagenze uwo munsi.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.