IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chris Brown > Chris Brown ashobora gupfungwa imyaka 4

Chris Brown ashobora gupfungwa imyaka 4

jeudi 8 Rusama 2014

Chris Brown yasubiriye kurenguka imbere y’ubutungane, yagirizwa kuba yarakubaguye umusore w’imyaka 20 mu mpera z’umwaka w’2013. Iryo kosa ryiyongera kugukwirikiranwa ku caha co gukubagura uwahoze ari umukunzi wiwe Rihanna mu mwaka w’2009.

Chris Brown n’uwumucungera ubuzima Christopher Hollosy bararengutse imbere y’ubutungane. Uwo muririmvyi yari amaze indwi 8 ari mu gasho, inyuma yo kwumvirizwa ntibasubiye inyuma baciye binjizwa mw’ibohero aho bagirizwa kuba bakubaguye umusore w’imyaka 20 mu mpera z’umwaka w’2013.

Chris Brown ashobora gupfungwa imyaka 4, kuko inyuma yo guhohotera ubuzima bw’uwo bahoze bakundana, Rihanna, yaciye ashirwa muri bimwe bita "garde à vue". Vyasigura ko asubiriye kugira irindi kosa risa canke rifitaniye isano n’irya mbere aca ahanirwa ivyaha 2.

Abakunzi biwe cane cane Karruche Tran bivugwako ariwe bakundanye, baguma bibaza kazoza ka Chris Brown aguma asubira inyuma nk’ibirenge kandi yarageze ku rwego rukomeye rw’abaririmvyi bo kw’isi mu mudiho wa Rap.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.