Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Chris Brown ashobora gupfungwa imyaka ine - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Chris Brown ashobora gupfungwa imyaka ine

Chris Brown ashobora gupfungwa imyaka ine

mardi 16 Mukakaro 2013

Chris Brown yatanguye kwumvirizwa mu butungane, kandi agashobora guhanishwa umunyororo w’imyaka ine mu gihe yokwagirwa n’icaha c’isanganya yoba yarateje mu kwezi kwa Rusama guheze.

Igihe ejo kuri uyu wa 15 Mukakaro yitaba mu butungane bw’i Los Angeles kugira yisigure ku vyaha yagirizwa vy’iryo sanganya ryo muri Rusama, uyo mutamvyi akongera akaba n’umuririmvyi w’umunyamerika yarashoboye kuronswa ubwigenge ariko akazosubira kwitaba umunsi wose azoba atumweko. Uyo yahoze ari umugenzi pfa mpfe wa Rihanna, ashobora gupfungwa imyaka igera kuri ine hamwe yokwagirwa n’icaya. Chris Brown kuva mu mwaka w’2009, yagiye araca mu bintu bitameze neza, kuko kuva ico gihe yagiye aravurwako amajambo atameze neza ku bijanye n’urukundo rwa be na Rihanna.

Ngo naho rero Chris Brown yagize Imana ejo agasohoka amahoro mu butumgane, ku wa 16 Myandagaro uyu mwaka, arashobora kutahasimba kuko ubutungane bwipfuza kumenya uko bigenda kwose uwateje iryo sanganya, naryo rikaba rikekwako Chris Brown. Uyo muririmvyi w’umunyamerika afise imyaka y’amavuko 24, aragirizwa kandi kuba uruhusha rwiwe rwo kugendesha umuduga rwoba rwaraheze, ariko akaguma arukoresha, co kimwe no kwanka gutanga ibiharuro ndanga kori vyiwe.

Asohotse mu butungane, Chris Brown yavuze ko Imana ariyo nkuru kandi ko yizeye gutsinda urubanza na rirya muri iryo sanganya ata wapfuye canke ngo akomereke. Ariko kandi aremeza ko ivyo yasabwe n’igipolisi, harimwo amakuru amwe amwe ku bijanye n’iryo sanganya, vyose yabigize ukwo yabisabwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.