Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Christian Ninteretse : "Abatanga amanota muri PRIMUSIC bazogira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Christian Ninteretse : "Abatanga amanota muri PRIMUSIC bazogira (...)

Christian Ninteretse : "Abatanga amanota muri PRIMUSIC bazogira ingorane"

vendredi 22 Myandagaro 2014

Christian Ninteretse ntabona neza uwuzohava atwara agahembo ka Primusic umwaka w’2014, ivyo abivuga afatiye ku kuntu abona ubushobozi bw’abagenzi we bari kumwe mu myiteguro yo guhiganwa mu gice ca nyuma. Hamwe yotsindira za miriyoni 20, yipfuza gushikana kure izina ry’Uburundi mu bijanye n’umuziki.

Basigaye ari abaririmvyi 6 bavuye muri 46 batowe mu ntara zose z’uburundi, Christian Ninteretse umwe muribo avuga ko abaririmvyi bose basigaye bigoye kubatondeka uravye ubushobozi bafise. Eka bose bariko bitegurira ihiganwa ry’igice ca nyuma, aho uwuzoba uwa mbere azotekererwa imiriyoni 20. Umurwi utanga amanota ntuzokworoherwa mu gice ca nyuma c’amahiganwa. Christian Ninteretse, aho afitiye icizere ni ku bikorwa bikomeye cane vyo gutegura ijwi ryiwe n’ubundi buhinga bwotuma aronka ico yosumvya abandi.

Hamwe bishitse agatsindira izo miriyoni, ica mbere avuga ko yokwiteza imbere n’umuryango wiwe, atibagiye guteza imbere igihugu ciwe maze kikaronka izina ryiza mu makungu mu muziki kandi mu rurimi rw’Ikirundi. Uko bizogenda kwose, Christian Ninteretse afise agaseke yateguriye abakunzi biwe karimwo indirimbo zimeze neza cane, aho ni inyuma y’ihiganwa rya Primusic.

Mwomenya ko Christian Ninteretse amaze imyaka itatu yitaba amahiganwa ya Primusic. Mu mwaka w’2012, ntiyashoboye gushika kure, umwaka w’2013, yaronse ikibanza ca gatatu, uno mwaka naho ari muri 6 barindiriye kuzohiganwa mu gice ca nyuma ca Primusic.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.