Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke: Abacukura ubutare bahawe amezi abiri gusa
Cibitoke: Abacukura ubutare bahawe amezi abiri gusa
mardi 19 Ntwarante 2013
Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 19 ntwarante ,umushikaranganji w’ubutare n’amasoko ntanganguvu Come Manirakiza yamenyesheje ko icukurwa ry’ubutare muri komine mabayi yo mu ntara ya Cibitoke bitegerezwa guhagarikwa muri aya mezi abiri bisunze ingingo y’umukuru w’igihugu yo kuwa 1 ntwarante 2013 nkuko bimeze ku bindi bice bisigaye vyo mu gihugu .
Umushikiranganji w’ubutare n’agataka ivyo yabivuze mu rugendo mu ntara ya cibitoke rwari gwateguwe n’abashikiranganji bane n’ukuvuga we ,uwo kwivuna abansi,uwo umutekano,hamwe n’ uwo intwaro yo hagati mu gihugu.
Froxella Karire