Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke: Abasore babiri bimba inzahabu baratemanye izosi n’ukuboko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke: Abasore babiri bimba inzahabu baratemanye izosi n’ukuboko

Cibitoke: Abasore babiri bimba inzahabu baratemanye izosi n’ukuboko

samedi 12 Nzero 2013

Abasore babiri bahatswe kwicana, umwe muribo yari yavuze ko ata n’umwe yomuca umutwe mugenzi we acazana umupanga aramutema arakomereka cane ariko Imana yarakinze ntiyapfuye.

Abo basore n’abahantu hitwa Gisaba muri komine Rugombo intara ya cibitoke. Bompi babiri basanzwe ari abimvyi b’inzahabu aho nyene i Gisaba. Ku mugoroba wo kuri uyu wa kane, umwe muribo ahaze akagwa kamushitse mu mutwe yaciye abwira abagenzi biwe ko ata muntu n’umwe ariho kw’isi yoshobora kumutema izosi hanyuma umwe mu bagnzi biwe ati” Wanguha reka nkwereke ko bishoboka”.

Buno nyene yaciye yihinda i muhira aza azanye umupanga hanyuma wa wundi nawe yavuga ko ata womuca izosi acaratega izosi nk’urya bagire bamwe umushatsi yibaza ko ari ivyo gufyina. Wa muhungu utanka yaciye abangura wa mupanga hanyuma avuga yawutaye kw’izosi rya mugenzi we. Uwo nawe abonye ko Atari ivyo gufyina,naho yibutse kuyora yasheshe, yaciye abangura ukuboko arikingira wa mupanga uca ufata ukuboko urarimura guhakwa gukorokera hasi kwose.

Uwo yacitse ukuboko yaci ajanwa kwa muganga hanyuma uwo nyene kugutema nawe aca ajanwa gufungirwa mu gipolisi. Ababanyi n’abari bahari bamenyesha ko iyo misore yari yanyoye inzoga nyinshi zirenze urugero arico gituma bakoze ibidakorwa.

Imbere y’ugutema uwo mugenzi we, nyene gutema yabanje kuzana amafaranga ibihumbi cumi avuga ko hamwe aramutse adashoboye kumutema ayo mafaranga acatahira nyene gutemwa izosi, uwo nawe yari yazanye terefone yiwe amenyesha ko izosi ryiwe riramutse ricitse iterefone ica itahira uwo nyene kumutema.

Bamwe mu begereye uwo musore yatanze izosi ryiwe ngo barigegene bavuga ko adakomeye neza mu mutwe.


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.