Accueil > Amakuru > Amashuri > Cibitoke: Abigeme bato bafashwe kunguvu
Cibitoke: Abigeme bato bafashwe kunguvu
mardi 5 Ruhuhuma 2013
Abigeme bane nibo batowe munzu iri hafi y’umugwa mukuru wa province ya Cibitoke inyuma y’abajejwe umutekano bahasakiye mu ndwi iheze.
Kubivugwa n’uwari mubariko barasaka iyo nzu,abo bigeme batorwa n’abantu bafise intumbero mbi mukubashingira abagabo.Umuporisikazi umwe arakekwa kuba arimwo mubagira iryo dandazwa ry’abigeme kuri uwo mugwa mukuru wa Cibitoke.
“Ntibitangaje ko uwo muporisikazi aronka isoko ryabakozi bamwe bamwe ba
Reta.Akabikora azi intumbero mbi zabo bagabo bashaka gukorera ikibi abo bigeme mukubononera ubuzima bafashwe kunguvu.”Bivugwa n’umuporisi yari mw’isaka ry’iyo nzu.
Imiryango yabo bana yarumiwe isanze bamwe mu bana babo bari aho bari “babanyegeje” barindiriye «aba clients».
Kubw’umuvyeyi wumwe mu bigeme batowe muri iyo nzu,umwana wiwe yavuye mu nzu ya se agiye kuba kuri uwo muporisikazi,se atabimwemereye avuga ko agiye kuba kuri uwo muporisikazi ku mugwa mukuru w’iyo ntara.
«Uyu n’umugizi wa nabi ashaka gutungira kuri kazoza kabo bigeme.»
Abo bana bamaze gutorwa muri iryo dandazwa bacika ibikoresho vyabo babakoresha bagaca banaheba n’amashure.Umukobwa wanje yagiye,haraciye ukwezi.Ndamubona gake ambwira kwazosubira kugaruka iwanje.Se w’umwana yavuze ko abajejwe intwaro bari bakwiye guhagarika ico kibi kibishe.
Munkuru zimwe zivugwa aho nyene, umwigeme w’imyika 14 yagendera muri iyonzu y’uwomuporisikazi bavuga yingenze inda y’amezi atatu.
Imiryango ntikigira uwo yitura.Nyina yemeza neza ko umudandaza wo muri ako karere yiba ari nyene iyo mbanyi yuwo mwigeme.Bamwe mubakozi ba let abo muri ako karere ko muburaruko bushira uburengero bwo mu Burundi baradomwako urutoke.
Benshi muba «kiriya» bagura abo bana n’abagabo bafise imiryango i Bujumbura. Bataha kuraba imiryango yabo inyuma y’indwi.
“Bamwe muri abo bana bajanwa mu miduga ihanitse ifise n’ibiyo bitabonerana.Kenshi babasanga mu bunywero bukomeye bwa Cibitoke baherekejwe nabo bagabo”,umwe mu bandi bagore baraho niwe yabivuze.
Komiseri w’igiporisi avuga yuko igice c’ambere kivyiga kigiye kurangira.
mu misi mike.
Twobamenyesha ko iyo dosiye igiye kurungikwa muri parket nkuru ya Cibitoke
Mariella Bukuru