IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke: Ikiziga c’umuntu catowe mu ruzi Nyabagere,abandi 8 barafatwa (...)

Cibitoke: Ikiziga c’umuntu catowe mu ruzi Nyabagere,abandi 8 barafatwa n’igipolisi

jeudi 3 Nyakanga 2015

Umuntu umwe niwe yatowe yitavye Imana,uwundi yafashwe agomba atere grenade hamwe n’imodoka yononekaye,inyuma y’amasase menshi n’amagrenade vyumvikanye mw’ijoro ryo kuwa gatatu,igenekerezo rya 2 Nyakanga 2015.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye avuga ko uwo yatowe yapfuye yatowe mu ruzi rwa Nyabagere rugabura ama zone ya Ngagara na Cibitoke ari muri Komine nshasha ya Nyabagere iri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Pierre Nkurikiye avuga ko inyuma y’igikorwa co gusaka cabaye mu gatondo kuri uno wa kane igenekerezo rya 3 Nyakanga muri zone ya Cibitoke,hatowe ibikono 2 vy’amasase kimwe carimwo amasase 14,hamwe n’impuzu z’igisirikare.

Muri Zone ya Musaga iri muri Komine ya Muha mu buraruko bw’igisagara,icegera c’umuvugizi w’igipolisi amenyesha ko,inyuma y’amasase yumvikanye mw’ijoro ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 2 Nyakanga 2015,abantu batatu aribo bakomeretse harimwo abapolisi babiri.

Muri quartier ya Jabe,Pierre Nkurikiye amenyesha ko naho hafashwe abantu batatu mu gikorwa co gusaka cabay mu gatondo co kuri uno wa kane igenekerezo rya 3 Nyakanga,muri abo harimwo abagabo 2 n’umugore umwe.

Mwomenya ko hari haheze iminsi ata masase yumvikana mw’ijoro,yasubiye kwumvikana kuva mw’ijoro ryo kuwa kabiri igenekerezo rya 1 Nyakanga 2015,mu bice vyabereyemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.