IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Imbwa zisara zimaze kurya abanyagihugu batatu

Cibitoke : Imbwa zisara zimaze kurya abanyagihugu batatu

lundi 23 Ruheshi 2014

Imbwa zisara zirabangamiye abanyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke nk’uko bivugwa na bamwe mu banyagihugu bo muri iyo ntara, aho batatu boba bamaze kuribwa n’izombwa.

Bamwe mu bahaye amakuru ikinyamakuru IGIHE, bakavuga ko mu butegetsi ku musozi wa Nyamagana basaba abo barongoye guhigisha izo mbwa zisara ubuhiri, ivyo bavuga ko batoshobora, mu gihe izo ntozo zikoze ku maguru yazo ane, ziruka kurusha indege. Basaba nyabuna koabaporisi boza kubafasha kuzihiga, kugira bibaye ngombwa baze barazirasa, kuko mu masaha y’ijoro ata muntu agicaruka.

Mwomenya ko abanyagihugu bo muri iyo ntara ya Cibitoke bavuga ko badateza incanco imbwa zabo, niyo bishitse harinda kuba ihimirizwa ridasanzwe ry’abarongoye abandi mu ntwaro. Muri iyo ntara ya Cibitoke rero, abamaze kuribwa n’izo mbwa, bakaba barakomeretse cane , aho ndetse bavuga ko no kwivuza bitaboroheye na gato, kuko uburyo atari ikirenga.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.