Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke:Ivyaranguwe na Komine Rugombo mu mwaka w’2012
Cibitoke:Ivyaranguwe na Komine Rugombo mu mwaka w’2012
dimanche 30 Kigarama 2012
Kuri uno wa gatanu itariki 28 kigarama 2012, ikomine ya Rugombo imwe muzigize intara ya Cibitoke yarashize ahabona ivyaranguwe mu mwaka ugiye kurangira wa 2012.
Muri iyo nama yari yahuje abagize inama mpanuzwajambo ya Komine Rugombo hamwe n’abaserukira amashengero nkuko biri mw’itegeko rya cumi na gatanu rigenga amakomine,musitanteri yaramenyesheje ko muri uno mwaka wa 2012 Komine ya Rugombo yahuye n’ingorane zitari nke harimwo imiyaga y’igihuhusi.
Twobamenyeshako Komine ya Rugombo iri mu makomine asanzwe arimwo ibitoki vyinshi ikaba yimburwamwo n’itomati zitari nkeya.
Mugisha Van Naris