Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke : Umugambi wo kuvura indwara yo mu kigo wabashikiriye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Cibitoke : Umugambi wo kuvura indwara yo mu kigo wabashikiriye

Cibitoke : Umugambi wo kuvura indwara yo mu kigo wabashikiriye

lundi 2 Kigarama 2013

Ishirahamwe Handicap international ryatanguje umugambi wo kuvura abakenyezi n’abigeme bagwaye indwara yo mu kigo mu ntara ya Cibitoke.

Ishirahamwe Handicap international ryishinze gufasha abagendana ubumuga hamwe no guteza imbere agateka kabo mu kwongereza ubushobozi abasanzwe bafasha abamugaye ryatanguje umugambvi wo kuvura abigeme n’abakenyezi barwaye indwara yo mu kigo, mu ntara ya Cibitoke. Uwo mugambi uje inyuma y’ikindi kigo kiri mu ntara ya Gitega bita "Centre Urumuri" c’ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSF (Médecins sans frontieres). Iryo shirahamwe Handicap international rikaba ritanguje uwo mugambi ku mvo y’uko abitura akenshi ikigo Urumuri usanga bava mu ntara za Cibitoke na Muyinga. Bakazokorana rero na MSF nk’uko vyari bisanzwe.
Muri iryo shirahamwe basaba abajejwe intwaro canke abitaho ingo n’imiryango kuza baratabariza uwo wese afise iyo ndwara, ikibano naco gisabwa kumuba hafi.

Mwomenya ko mu cegeranyo c’amatohoza aheruka gukorwa n’ishirahamwe FNUAP (Fonds des Nations Unies pour la Population) basanze mu Burundi abakenyezi 3550 aribo bagwaye indwara yo mu kigo. 750 nibo baboneka ko bagwaye iyo ndwara uko umwaka utashe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.