Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Claude Le Roy yasezereye umurwi nserukira gihugu wa RDC - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Claude Le Roy yasezereye umurwi nserukira gihugu wa RDC

Claude Le Roy yasezereye umurwi nserukira gihugu wa RDC

vendredi 21 Ruheshi 2013

Claude Le Roy yahora amenyereza umurwi nserukira gihugu wa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo yaraye amenyesheje ko asezereye kumenyereza uwo murwi nserukira gihugu, kuva ku musi w’ejo igenekerezo rya 20 Ruheshi 2013. Iyo nkuru yatanguye gukwiragizwa mu gisagara ca Kinshassa haraheze imisi, akaba yagiye kuyemeza ku musi w’ejo.

Uwo mumenyereza aturuka mu gihugu c’Ubufaransa akaba ahagaritse ayo mabanga yiwe imisi mike gusa uwo murwi utakaje amahirwe yo kuja mu gihugu ca Bresil mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose, mu mwaka w’2014, ubu akaba yamaze kwurira indege imushikana mu gihugu c’Ubufaransa.

Claude Le Roy yigeze kuba amenyereza umurwi nserukira gihugu wa Cameroun, Sénégal na Ghana yatanguye akazi ko kumenyereza umurwi nserukira gihugu wa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo kuva mu mwaka w’2006. Amasezerano yiwe yoheze mu kwezi kwa Nyakanga 2013, ariko akaba yarumvikanye n’abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri ico gihugu, baramwemerera ko yohagarika naho hatari bwagere.

Abakunzi b’umupira w’amaguru mu gihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo bakaba bamenyesha koi co bazokwama bibukirako Claude Le Roy ari ukungene yashoboye gushikana umurwi mw’ihiganwa ry’imirwi nserukira gihugu ya Afrika, igikombe c’umwaka w’2013.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.