Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED:Ibiganiro nivyo vyotorera inyishu ikibazo c’Uburundi
CNARED:Ibiganiro nivyo vyotorera inyishu ikibazo c’Uburundi
mardi 22 Kigarama 2015
Inama y’igihugu yishinze gukingira amasezerano ya Arusha CNARED imenyesha ko ibiganiro bihuza Reta y’Uburundi na CNARED arivyo vyonyene bishobora kugarukana amahoro n’umutekano mu Burundi.
Mw’ikete umukuru wa CNARED yandikiye umukuru w’igihugu c’Ubuganda akaba n’umuhuza mu matati y’Uburundi Yoweri Museveni kuwa 20 Kigarama 2015,CNARED imenyesha ko itangazwa no kuba ibiganiro bizwi ko bizotangura kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2015,ariko gushika ubu bakaba batararonka ubutumire, canke bamenyeshwe urutonde rw’ibizokwigwa.
CNARED imenyesha ko vyamaze kuboneka ko hatumiwe impande cumi na zine,izo nazo zikaba zishigikiye Reta y ‘Uburundi,ivyo navyo bikaba bisa no guta umwanya kuko ataco vyoshikako.
Iryo kete rirangiza risaba umuhuza gukoresha ubwenge n’ubwitonzi mu gutahura ingaruka nziza zivuye mu biganiro bihuza Reta n’abatavuga rumwe nayo.
Van Naris Mugisha
Messages
22 Kigarama 2015, 10:55, par GH
None Ops Bos Ni Cnarde Ntananakimweyobajegukora Yohuzande Ubukirirobwabarundi Ni Cnarde
22 Kigarama 2015, 11:41, par Scott
CENARED kuvana aho mwavugiye twebwe twararushe namba vyabananiye kumugwanya nimwicare hama babazanire imitahe yukubafata kuko kuva aho mwavugiye mbona vyabaye ivy’ubusa rero namba mutabona ko ntabiganiro bizohaba nimuvyihoze hama imana izoccisha aho ishaka reta ntabiganiro ikeye namwe namba atavyo mwabonye kuva kera
22 Kigarama 2015, 11:42, par KOKO
Mbehataje Cnarde Hoganirabande
22 Kigarama 2015, 12:34, par Ntajororidaca
Gutumira abavuga rumw na leta y’uburundi azoba arugutakaza umwanya,mbe bo bapfa iki nibatumir CNARED yo leta yirirwa iragiriza umutekano muke,noho ibiganiro vyoba ndabona kwata kizovamwo kirets Imana ibahinduy imitima bakomantaje!
22 Kigarama 2015, 14:36, par nkdn
naho mwottumirwa muzemwemere mutwarwe niyi reta yatowe nabanyagihugu naho nimba mushaka nfatakibanza ntibishoboka nimuze babashire muri reta mwibake igihu cacu mureke kugisambura ari canyu amatora nayo ni 2O2O muzobamukoze
22 Kigarama 2015, 15:14, par K
Yomwavuga ko vyozamwo Kagame vyarikuba vyiza gusumba Sinehead.
22 Kigarama 2015, 16:01, par kamaro
ariko CNARED yibazako aribobarundi basumbabandi agaciro? riryasango nintabanduka barashakabaze canke bareke abazobabahari bazoganira, iryo terabwoba ryabo nibarigumize hiyo mubazungu....ubu ntawemugikanga turamazekubahinyurako mwagirizabahutu kwaribobazokorihonyambwoko, mwirirwa mubeshamakungu.......
22 Kigarama 2015, 16:39, par habumugisha
nimwihangane turicasigaje imisi itandatu ngo italiki 28 zigere harigihe mwokwibukwa ntawutanga imana kwihebura ariko mubonye harenze muzoce mumenya ko atabutumire murindiriye. ahubwo ko murindiriye umutahe wokubayora.
22 Kigarama 2015, 16:58, par Rusakumba
Birazwi y’uko kw’isi yose aho iva ikagera nta gihugu na kimwe caganiriye n’imirwi y’iterabwoba, ahubwo amakungu aca arondera uko yowuzimanganya. None abo bantu bemanze izuba riva, bene Burundi n’amakungu bakoranye ko aribo birirwa baratera amagerenade bakongera bakagandagura bunyamaswa abanyagihugu binzirakarengane hanyuma ngo baje mubiganiro! Ahubwo nibabafate bacirwe urubanza. Mugihe amakungu yoshigikira izontagondwa zagize ukwica ubuhizi, bitebe bitebuke n’iyindi mirwi y’iterabwoba izokwaduka itangure kwica abanyagihugu muntumbero y’uko nabo nyene baganire na Leta kugirango baronke ivyicaro.
22 Kigarama 2015, 17:22, par INTAGOHEKA
MBE KO MUTABAZA NGO BABATUMIRE? UBUTUMIRE SIKUNGUVU. NIMUBANZE MWIVUGE KWARIMWEBWE MWATEYIGIHUGU,HANYUMA TUBAH IRUMUTI MWAVUZE NGO NKURUNZIZA NGWASHIGIKIWE NAKAGWI GATOYA KABANTU BATARENGA CUMI NONE NDABABAZE ABANTU BAKEYA NAMWE MUVUGA NGO MURISINZI NIWE YABANANIYE NIMURINDIRE MUZOKWIBONERAKO INKONITARUZWA MUGUHUNGA VYARABOROHEYE GUHUNGUKA BIZOBAGORA KANDI MUMENYE NKURUNZIZ ARABASUMBA
22 Kigarama 2015, 17:35, par INTAGOHEKA
NBE UYU YIYITA NTAJORORIDACA KUMENG UFISUBWOBA RINDIRE TUBIGISHE GUSONERABABASUMBA KANDI MUMENYE KO NKURUNZIZA ABASUMBA
22 Kigarama 2015, 20:11, par tohoza
mwe ntimubona ko amakungu yatnguye gutahura ikinyoma cyabarwanya leta! none kuki amerika yafatiye ibihano Sinduhije bamwaguriza gutanga zagrenade noguha inkoho aba civil ngo bahangane n’inzego zumutekano? harya rero leta yaharonkeye amanota menshi cane,CRANED itakaza agaciro kuko ikorana n’abantu bahungabanya umutekano mugihugu banica abajejwe umutekano, ubu rero sentare mpuza makungu igiye kuza maze abatari muri leta babafate babajyane irahe,abari muri leta ibakingire ikibaba. wait and see!!!
23 Kigarama 2015, 01:41, par Frodebu
Naho Mura tapatapa muzapfa muzerera ni Kaini basha
23 Kigarama 2015, 14:12, par Irishur
Cnared indatumiwe yemwe ntacobinzoba !!! bimanze itegerezwakujamwo
24 Kigarama 2015, 21:09, par KAZOVIYO
Non CNARED itarimwo,ibiganiro vyoca bigirirwa bande?twebw abenegihugu batobato twarambiw n’amasase ya minsi yose.amakungu arashishikay arekere abarundi mu ndyane nk’izi?abantu birirwa barapfa ntibababona?boreka kuduha imfashanyo ariko bakadufasha amahoro n’umutekano.twarushe....
28 Kigarama 2015, 14:04, par Grace
CNARED ivyanyu vyaturunguriy bitugez mumuhogo aho mwavugiy mudakora muri ba ntege inda gusa nimubihebe mutwagwe ntakund