IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNARED isaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kurungika abasirikare mu (...)

CNARED isaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kurungika abasirikare mu Burundi

vendredi 11 Kigarama 2015

Inama y’igihugu yishinze gukingira amasezera ya Arusha CNARED imenyesha ko irajwe ishinga n’isambuka ry’inzego z’igisirikare n’igipolisi hisunzwe amaoko,ivyo navyo bigashobora gutuma igihugu gisubira mu ntambara.

Mw’itangazo ry’Inama y’igihugu CNARED ryateweko umukono n’umukuru wayo Leonard Nyangoma kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015, CNARED imenyesha ko iteye ivyatsi ibikorwa vy’ihonyabwoko biriko biraba kandi ikamenyesha ko itemera ishirwaho rya Reta yihutirwa kuko koba akaryo ka Reta ihari ko kuzimanganya amabi amaze gukorwa,kandi ata vyabona.

CNARED isaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU kurungika abasirikare bohagarika intambara iri mu Burundi.Isaba kandi ibiganiro vyoyihuza na Reta bihagarikiwe n’akarere,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya hamwe n’amakungu kugira ukutumvikana kuri mu gihugu guhagarare,gutyo amahoro aboneke mu gihugu.

Muri iryo tangazo CNARED isaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya gufatira ibihano mu bijanye n’ubutunzi Reta.Isaba kandi sentare mpuzamakungu gufata ingingo n’ibihano abariko batuma haba impfu mu Burundi.

Mu kurangiza,CNARED isaba abarundi bose kuguma bafatanye mu nda,kuko ubumwe arico kirwanisho co nyene gishobora gufasha kwikurako agacinyizo.

Mwomenya ko inama y’igihugu CNARED yasohoye iryo tangazo inyuma y’ibitero vyabaye ku makambi abiri y’abasirikare,imwe iri ku Ngagara n’iyindi ikoreramwo ishuri kaminuza rya gisirikare.


Van Naris Mugisha

Messages

  • SINHEAD urahumiwe nukuri! Mushatse kuvugako arihonyabwoko rikorerwa aba terrorist bazabisuka kubajejwe umutekano wu Burundi nabarundi?

  • Abo mubona ari assaillants! Bashobora gute kwica aba assaillants babanje kubaboha?N,abanyagihugu bakuye muma karitiye babanje kubabohera amaboko imugongo!

  • Nyangma se ko nawe uli umwicanyi hewe na Radjab , mukaba alimwe mugba ibierougiranoarsa 2 uzoyiraho ???
    Muabo uburundiuracneye abasilikali, ahubwo LONU yagobye kurungika ingabo zurwanda zigatabalira hafi kuko zalitoje bihgie mubyo utabara abababaye , darfor , centre Africa ninazo zlina president , urumva rero zili iburundi zolinda NKurunziza kandi ziigisha abarundi kbana mumaho

  • MANA DUTABARE AMARASO ARIKO ARATEMBA MU BRD BITEYE UMUBABARO.

  • cenared niyo mizero y, abarundi. amarementanya akorwa n, ubutegetsi araturambiye kuko n, aba dd bakirwana ntibigeze begera n, irembo ry, ikambi. kandi mugutera amabohero ntibaca mumakambî.

  • Wesha nyangoma genda uvuze ingoma naho politic uyihebere muzehe pter Nkurunziza naho wewe twarabahinyuye.teshwa mute a bene gihugu barakanuye

  • Nyangoma yariyiteguye gutangazako bafashe Bujumbura none vyase nikwo kumaramara yivugisha gurtyo, kandikindi bashaka kubohoza abantu baherutse gufatwa baribajejwe gushombera ibirwanisho mu Burundi babikura Rwanda.

    Mbemuraziko bababona barengana abajejwe umutekano wuburundi ntibamenyeko bashombera ibirwanisho Burundi babikuye Rwanda ngonabakozi ba HCSR ngontakibazo ariko bagiye kubibwirwa nabantu bafashwe ninzego ziperereza bagaheza bakababwira abashombera ibirwanisho Burundiabaribo.

    Arinaho mubona baciye bahagarika iryamodoka ya Toyota Hilluixue bakaca basambura ikintu carigishashe inyuma gipfutse ibirwanisho?
    Biryasabajejwe umutekano biburundi bavyibwiye babibwiwe nabamwe mubafashwe ninzego ziperereza bakababwira ibanga bakoresha mugushombera ibirwanisho Burundi babikura Rwanda nayandi mabanga tudashobora kuvuga ubu kubera igihe cokuyavuga kitaragera.

    Ubunobabwirako amakuruyose nimipango yose vyaramaze kubikwa nabenevyo ubunkuwomena ibanga yobibandikirangaha mukavyisomera mwotangara!.

    Ariko ryobarikosha rikomeye reka inzego zumumutekano zizoze zirabibereka mugihe zakoze akazi kazo.
    Egome buri kumusi utashe tumenya ayandimabanga kuko iyohafashwe umu terrorist bitugirira akamaro gusumba kumwica, kuko abafashwe ivyobagiye batubwira dukomeje kubikorerako tugasanga ntibaduhenze.

    Ivyabo dufata batubwira tuzobikorerako imyaka myishi ntituzigera tuvugango ntibigikenewe kuko hariho ivyapanzwe kobizokorwa mumyaka yakurecane nigiherero twobona icogihe kigeze ntituzigera twirara harinahonovugango harakabona habayeho nyakwubahwa umukuru wigihugu cu Burundi Pierre Nkurunziza kuko yatabaho ayamabanga ntitwarikuyamenya.

    Hanyuma sinorangiza ntashimiye bamwe mubahungiye mu Rwanda badahengeshanya kuduha amakuru yibikorerwa Rwanda, burya abatutsi ntihazogire uwubahenda ngobose barashigikiye amabi akorwa nabamwe mubatutsi bishimikije akarwi karongowe na Kagame, nicogituma umututsi aringaha Burundi aharanira ko umuhutu abaho, umuhutu nawe agaharanira ko umututsi abaho mumahoro.
    Tutibagiye abatutsi isinzi barimurwanda nohanze yarwo amabanga bakomeje kutubwira wongira n’Imana ibabwira ngo nimuvugishe ukuri mukubwira abarundi ayamabi apangirwa mugihugucanyu yogukorera abarundi nuburundi bwabo!.
    kuvugisha ukuri, nimwabona mumisiza tugiranye imisimikuru ntimuzogire bizobaribishasha tuzoba twaridusanganwe, arikubu ntidushobora kuvyerekana twobatubagiriye nabi kuko bobica bagahanagura ivyontitwobikora nabapfuye 94 baracatubabaje kanduwabicishije niwafise ijambo mugihugu cabo.

    Mbemurazi igihe twaterwa Cibitoke na Kayanza kwaba nyarwanda baribahejeje kubitubwira kera ibigomba gukorwa? Kandi twasanze bataduhenze ukwotwipanze tubiteze twasanze vyarukuri turaheza turabatunganiriza mwarabibonye ahosinsubirayo.
    Ndababwirako kwizina ryabanyarwanda ntakibazo ku Burundi, ikibazo nakarwi karaho kabategetsi gafata ivyemezo niko vyasebikunze dutegerezwa kuzoruhuka tugakosoye maze abarundi nabanyarwanda bazoce bisanzura mubihugu vyompi atawikeka uyundindi.

  • cnarde reka ubo ne niwewe wabiteye uhamagarira abajene kugwana none abana bacu barahonye namwe mwibereye mububirigi none nibareke kuba kwirikirana nahandi barahera hama ngo nihonya bwoko ari mwe mubaru ngika

  • Nn ga yemw izo ntambara iryo honyabwoko rikorwa nabande atari mwebwe nyene mupfa ubutegets?ikibabaj nuku kuv kera hos mwaguma mutwicisha amajambo nimuzibe mutwihere amahoro

  • NONE ABASODA BA ONU NIBARAMUK BAJE NUKUVUGA KO IGIPOLIS HAMW N’ABASILIKAR BUBURUNDI NTAKAZI BAZOBA BAFISE KURI TWBW ABANYAGIHUGU?

  • Mbanje gushimira uyu mugabo None?naho atashoboye kwivuga ivyo yavuze no ukuri kandi ndashimye ubwitonzi wabigiranye
    Karaciye ingani nyangoma wewe aho wahereye wica wiba nturaruha?wigira ngo ukunda abarundi atanico uriko urabafasha warivye amahera yikawa yabarundi ibubanza ko ubakunda yabasubize warishe abo wishe ko atavyo uvuga ahubwo amakungu nayo ndayaneguye gooose bakwiye gufata abo banyangoma n,abandi bakokeza indwano Muburundi ahagarara mububirigi akavuga yamuhe naze abavugire ari Muburundi mbe woho twibaze nimba abakunda yovuga ngo bafatirwe ibihano none abarundi bari anze n,abari mugihugu abari hanze nibo barundi bonyene ?mbe ama miriyoni ari mugihugu bobo sabarundi?merenk,uwuraho nukuri abo bantu bakamisha ibiziga
    Sha wewe nyangoma nabandi muriko mugira ubujanja murarabe neza kuko mushobora gusanga n,uburundi mupfuye mutabujemwo nimurindire kagame we ntabiseke bamugemuriye none iwacu hoho ntibajisha?natwe tuzobigemura twigane ababanyi erega twiganye urwanda ntakabi nakare twari dusangiye vyose twari dusangiye Ryangombe
    Nkurunziza nimumureke mumushigikire arangize ikiringo neza kuko namwe bizobafasha weho uribuka mukiri kumwe ko wazize inda yawe nico gituma habaye cndd na cndd fdd
    Nimba ari ugusaza none wewe ko udakunda guhanurwa ugira urinde upfa uri mukirobeli nka Etienne kisekedi navutse ashaka kuba president nubu atakibasha guhaguruka?raba rwasa yemeye guhanurwa ubona adatekanye?arya duke akaryama kare ubwo nibwo bugabo
    Imugabo s,amanyama amanyama nayimbwa.Abo benshi mubo muri kumwe baraguhenda kuko barahaciye baraguka bamera nkawamugani wayananga ya Maconco naboni bataye umurongo kandi twosaba inararibonye mumugambwe babagirire ikigongwe kuko ntibazi ico bakora.Mutama tugusavye ugire sevice yimodoka yawe uyikore neza kuko uracari kW,ivola nkurunziza wee itegurire gupfundurura ibiseke by,amakete yabarundi tugusaba kubandanya iyindi myaka nkiyo bongeye uyo kagame wewe agumeho akokeze abandi ngo baveho ntigikunda Murakoze

  • Cnared We Va Ib’uzimu Uje Ib’ubuntu Abanyagihugu Twaratahuye Reka Guhenda Urwo Rwaruka Urjana Muntambara Wibagye Ko Igisikare Ca Nkuru Ari Bitumwako Mu Makungu?Enda Ndakugre Inama Ubarungitse Nimube Mujana Uzobre Inkuru Wabonye.

  • ahubwo bari baratevye kuza

  • Mr TAHURA,IL EST TRES IMPORTANT D’ETRE SAGE DEVANT LES SITUATIONS PAREILLES!EN EFFET,LE BURUNDI NS APARTIENT TOUS ET PERSONNE NE PEUT SE CROIRE GARANT DE LA NATION BURUNDAISE!NI NKURUNZIZA NI NYANGOMA NE PEUT JUSTIFIER CEQUI SE FAIT DANS CE PAYS KUKO BABIGIZE BIBAZA NGO BIROROSHE ARIKO RABA!UMANIKA AGATU WICAYE MUKUKAMANURA UGAHAGURUKA!HAGURUKA RERO MUREKE KUGIRA KUMABWIRE YIMITIMA YANYU NAYABABAHENDA NGOBAZOFASHA IBI NABIRIYA

  • Bantu muhurikiye mucitwa CNARD mutantwengeje pe Muti bafatire ibihano vy’ubutunzi IGIHUGU basha Murikuyeko Agashambara ivyo muronderera ABARUNDI ntwaraye tubibonye iyaba mukijijwe MWOMENYE ko HERODI Yatanguye guhiga YESU Akivuka akageseza ABANA B’igihugu nkuko muriko Murabikora BASha muzorangiza nabi imbere y’UHORAHO wewe mutazoshobora kubesha Kuri ivyo muriko murakora

  • Bantu muhurikiye mucitwa CNARD mutantwengeje pe Muti bafatire ibihano vy’ubutunzi IGIHUGU basha Murikuyeko Agashambara ivyo muronderera ABARUNDI ntwaraye tubibonye iyaba mukijijwe MWOMENYE ko HERODI Yatanguye guhiga YESU Akivuka akageseza ABANA B’igihugu nkuko muriko Murabikora BASha muzorangiza nabi imbere y’UHORAHO wewe mutazoshobora kubesha Kuri ivyo muriko murakora

  • <strong> Nous sommes tres content de cetb article</strong>

  • Ubundi icambere sukumaramara ngo ujegufata igihugu nishirehamwe bahuze burumwe wese amenyeko gusesekaza amaraso atari vyo duharanire icaduhuza twimamatwi abadutanya murakoze

  • abarundi nitwe twifitiye umuti wivyacu atagutaka hanze canke ngo dusabire abarundi gufatigwa mukanigo CENARED tsindwa twabahinyuye shindwe katika jina la Yesu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.