Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNARED isabira ibihano ubutegetsi bw’i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED isabira ibihano ubutegetsi bw’i Bujumbura

CNARED isabira ibihano ubutegetsi bw’i Bujumbura

vendredi 29 Nzero 2016, par egide

Mu gihe ibiganiro hagati ya Reta y’Uburundi hamwe n’abatavuga rumwe nayo bisa n’ivyahagaze bitumwe na Reta ititavye isango ry’ibiganiro vyari bitegekanijwe kw’igenekerezo rya 6 Nzero 2016 i Arusha muri Tanzaniya, mu runani CNARED basaba ko inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yofatira ibihano Reta y’Uburundi, kandi ko inteko mvamakungu zorungikwa ku nguvu mu Burundi.

Mu runani CNARED bibutsa ko Inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yabonanye n’ubutegetsi bw’i Bujumbura ku magenekerezo ya 21 na 22 Nzero 2016, ariko ko aho hose Reta y’Uburundi yiyamirije ivyasabwe ko hoba ibiganiro bihuza Reta n’abatavuga rumwe nayo, ko horungikwa inteko mvamakungu gukingira abanyagihugu, hamwe n’uko hokorwa amatohoza ku bantu bicwa, bagahabwa mu binogo rusangi.

JPEG - 110.6 ko
Nyangoma Leonard, umukuru w’urunani CNARED

Mu gihe ivyasabwe vyose vyanse, mu runani CNARED basaba inama nkuru y’umutekano ya ONU, hamwe n’inama y’abakuru b’ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, ko bofatira ibihano ubutegetsi bw’i Bujumbura, n’inteko mvamakungunzikarungikwa mu Burundi ku nguvu.

Mu runani CNARED bakebura amakungu ko atosamara, kuko ibiriko biraba mu Burundi bishobora kuzokwira mu karere kose mu gihe atacokorwa, bagatanga akarorero ka Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo n’Urwanda, ibihugu bisanzwe biriko birategura amatora. Mu gihe naho amakungu atotabara abarundi, muri CNARED bavuga ko atawotangara abanyagihugu ubwabo bafashe ingingo y’ukwirwanira.

Mu kiganiro cabaye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 28 Nzero 2016 muri Hôtel Marivaux iri mu gisagara ca Bruxelles, urunani CNARED rwibukije ko inzira y’ibiganiro ariyo yonyene izotora umuti w’ibibazo vya poritike bihanze Uburundi. Muri ivyo biganiro bisabwa, CNARED ikaba izogaruka cane cane ku kungene hoshirwaho intwaro mfatakibanza.


IGIHE

Messages

  • murahumba shaa, muzorindira intwaro mfatakibanza amaso ahume!!! igihugu mwaragisohotse kucinjira bizobagora ndabarahiye. urabona ukuntu muguma muduteza abazungu? CNARED irihambaza kabisa! erega isigaye itegeka ONU ico yokora!! ako nakamaramaza...kagame yarabahenze ngo azobaha igihugu cuburundi none vyabananiye ninako yahenze abanyamurenge ngo azobaha CONGO none baheze mubuhungiro ubu baricuza...nabandi nuko bizobagendekera...

  • Uko nukumara abantu amatora yarabaye baratora umukuru wigihugu ibice69 kwijana mbere birenga yarusha mwumvikanye ko bibiri nagatanu umukuru wigihugu azatorwa na bashingamateka abanyagihugu bazatangura gutora kuva bibiri nacumi kandi bazatora inshuro 2 umukuru wigihugu noneho yagize amahirw aratorwa hama mbona bamutura kabiri nkuko mwavyumvikanye kuza gusenyura ubutegetsi aho murasara kimbe muhaze inkoko i burayi?ngo habe intwaro nfatakibanza je ndibaza bamwe banywa drugs

  • nje maze kubonako satrite zishobora kuronka amakuru y’abantu bashinguwe mu vyobo rusangi, ndasaba leta gusaba saterite zikadufasha kubona abacu bapfuye 63,72,80,83,2003. nabandi bapfiriye mumacambi yo muri congo bahunga ingwano ya ba Kabira. kuko vyose saterite zirabifise.

  • MURITWENGA HEWE BASEKA BATIKWIJE YAVYAYE NDABAKWAJE

  • Ndabahe inkuru banewacu? Barundi barundikazi namwe rwaruka burya Satani ntiyigendera igira icahenderako, ababa Sinahedi ntamutwebagirakoko, umwanamwe barafata bakazugurunka mubantu basanzwe baka uburundi bakabasaba amahera yokugira bahendeshe abarundi barimugihugu yaba amanyagihugu canke bamwe mubajejwe umutekano maze bakica abantu arikobakurikije amabwirizwa babahaye mazebaheza gukora ivyobababwiye bakaca bababwirango ivyomwatubwiye twabikoze, Sinahead koko ntibihenze, rindira kubona barikobararirimba ngwibinogo ukacawumva na amnesty international bose umuziki uriko uracurarangwa muri ritime imwe nimbakoko ivyobinogo biriho kuburyo butazwi na reta nabajejwe umutekano wabarundi ivyobinogo vyatuganijwe nabacangero ba Sinahead maze Sinadead iciriruka ibwira amnesty international ati nimuvugeko mwakoresheje satellite muraheza murabibona baraheza babaha address yaho ivyobinogo biherereye, kuko iyaba atari ba Sinahead bavyimvye amnesty international satellite yabo ntiyarikubona ivyobinogo bitanugusa kuko ibinogo vyakimbwe kuva muza 60s nivyishi barikubona isinzi ryavyo. Sinahead nizinaryanyu koko mumare benewanyu kubwamohe yaboba koroni birirwa barabaha abomukorera amanama yokurandura igihugu canyu mwasigiwe nabasokuru nabasogokuruza! Tuzobarwanya bazogaruka gukoroneza uburundi hasigayemwo ibintu gusa ariko atari abarundi.

  • nimureba nabi muzame hera nka Twagiramungu wo murwanda na kiskedi wo muri Congo. ubu ubutegetsi busigaye buva mubanyagihugu apana mu bubirigi.

  • CNARED IRAHUMBA ubunyene ishaka uburundi kubwigarurira?ahubwo nibimaramare bibuzuye hamwe nuburayi ,coudeta yabataye kuwamazi none ko vyanse mushak’iki?urupfu nukwangara muripime .kuburundi bwacu ndabarahiye muraze muzotubona!!!@i pom see you

  • murahumba k’uburundi nti mukorako twebwe intwaro za cami twarazisezereye. ahubwo wiyumvira nkuko teshwa ute. kuko umukuru w’igihugu mwaramutoye kandi turamwizeye kuko mwebwe mwene iryoshirahamwe ivyo mwiyumvira sivyo. mu burundi hariyo amahoro izo nteko mvamakungu ntazo dukeneye. gusa ubu ntimusubire kwigora ivyo mu burundi turabibona.twe turi abene gihugu bo. murakoze.!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!! !!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • CNARED IRAHUMBA ubunyene ishaka uburundi kubwigarurira?ahubwo nibimaramare bibuzuye hamwe nuburayi ,coudeta yabataye kuwamazi none ko vyanse mushak’iki?urupfu nukwangara muripime .kuburundi bwacu ndabarahiye muraze muzotubona!!!@i pom see you

  • Reta Yuburundi Nifatigwe Ibihano Kubera Ukutumva Kwayo

  • AMENYO ARAGUTWENGA ARAYAWE AHO NYANGOMA YAFOYURUGONGO NKUMUGWAYI AGWAYE GUCIBWAMWO NGWATDGEREYE LETA NFATAKIBANZA NATEGERE AZOTAHANWA ARI MWISANDUGU ABARUNDISI BARIKUBIKORWA VYITERANBERE MUBURUNDI NIHEZA UWUHIFURIZA INABI ARIHENDA TWASHIZE IMANA INBERE MUKUR WIGIHUGU IMANA YADUHAYE UWUMWANKA NIYIMANIKE AHAGEJEJUBURUNDI NIHEZA CANE TUGUMA DUSONGA NBERE TWARAKIRUHIYE UMUTEKANO TWAGWANIYE NTAWUZOWUTWAKA

  • Ewe Nyangoma Warataye Ubuntu!Barungike Abasoda Mvamakungu Kunguvu,uribaza Ingaruka Zoshikira Abanyagihu,canke N’uko Wahungishije Umugore n’abana Bawe!Ushaka Kuba Prezida Ubanje Kurigitisha Abenegihugu.Ngw’ibihano!Wumva Har’abarundi Bokwizigira Wewe?

  • Turashigikiye urunani CNARED n,Inzego zarwo atakuntu badakora kugira Uburundi bwogorore komera kumuheto kandi turasavye ko ibiganiro vyanse amakungu yofasha kugira umutekano ugaruke.vyanse ko abarundi bitorere umuti wokwigwanira kuko nibo bariko bahona

  • UMUNTU YIYUNVIRINFATAKIBANZA MUBURUNDI. SHAAA!!!. NUMUSAZI MURAZOMUPIMISHE KUBAGANGA BAVURAMUMUTWE

  • komera turi inyuma yanyu!

  • komera turi inyuma yanyu!

  • nosaba ko hoza inteko kuko abanyagihugu baguma bicwa.

  • mbega barundi barundikazi koabazungu bari guhenda abasenarede ngo reta mfakibaza ndababaze iyo reta ibakangahe mugihugu kimwe senarede mwebwe turaziko muri mububirigi mubufaransa amerika nahandi murumva aho reta mfakibanza yabayeho kabiri reke rerro kujuragiza abene gihugu ubuturi muridemokarasi yemwe .tanzania imaze imyaka myishi muridemokarasi chadema ntabwo iravuga tuje murireta mfatakiba jemumatora nta izoreta uzoronka nabobazungu barikubahenda ntazo bazokwera kuko nabonyene ubwabo ntazobagishaka nyangoma weeee vibuzimu ujibuntu taha iwanyu ureke gushumbirikindi gihugu nibihugubingahe kwisi bifise reta zibiri atari uburundi

  • Yemwe yemwe. Nabumvirije nsanga mwese murafise ivyo muharanira. Ariko mwibuke ko ijambo ryimana rivuga ngo" ntimuhe Satani icicaro" satani ibimuranga ni ibi: ukwicana, kwankana, kurenganya, gusambana kuraguza, kubesha, kurementaniriza abandi,gutuka abandi, kwihora...hahiriwe abaremesha amahoro adakumira. ico udashaka ko bokugirira ntukakigirire uwundi. Imana ibafashe

  • CNARED nimubandanye mukirimire mu Bubiligi kuko ntahendi mwoja,uyumusi Nyangoma nabo bafadikanije muri kugomatwa mugomatigwa mu Bubiligi muhenda abana b’u Burundi ngo babafashe kurasa aribo baca bahonera kw’icumu abanyu bari gutabagura amaguru y’inkoko,ka Pacifique koko ko kadaherutse gukuga,Nyangoma w’ubwenke buri mu ngunguru niwe ariko aramoka,ikonw’imoka bakarinda baheza...........Mwese muri busome iyi nkuru nagira ndabahanure mwebwe muri guhendwa na canecane ugwaruka murabe kure kuko naho Nkurunziza yovaho Nyangoma canke Pacifique ntanakimwe bazobamarira kanatsinze noneho muzoba mwarahoneye ku ntambara nimwicare mutekane abana baze kumasomero abiga kaminuza mwige aho mwirigwa mubundabunda ngo harivyo murimwo abana ba Pacifique canke aba Nyangoma muri kumwe?murabahanugwa mutabonye abana ba Nyangoma cnke aba Pacifique muri kumwe ntimwemere kongera kuja kugwana.Murakoze

  • Genda usabire ibihano so na nyoko bakuvyaye kuko batigeze bakwigisha gukunda igihugu cakwibarutse kugezaho uja kugicurika ugicuranguza mumakungu sha ego uri kamujeri ubuze umurizo!

  • Nya ngo ma wewe ntaco yo vugaturaziko ari uki rwarudubi.

  • Yemwe Yemwe Ahubwo Ico Mbona Nugusengera Isi Kuko Ibiriko Biba Hirya No Hino Bigaragaza Ko Turi Mu Misi Yanyuma(twame Twiteguye Kuko Tutazi Umusi Nisaha)

  • twarabahinyuye sha,muri kuronderera inda zanyu mukatugira ibimazi, aho mwirirwa mura yerera hose siko intwaro zaho zikunzwe nabanyagihugu a100% ariko siko basambura ibihugu vyabo,mweho rero bababonyemo ibijuju vyo guhenda kunyungu zabo. muhere aho beligique abemera letanibarenga40%, gera kenya, uganda nahandi ariko hose muhayerera kuko hari amahoro kubera bakunda ibihugu vyabo, naho mweho babonye muri abo guhendwa nkaho atabwenge mugira. abanyagihugu insinzi batanguye gutahura ivyo murimwo ibu noneho muje mumatora mwaronka 1%. Rwasa yabaretse yababonye ko ata patriotisme mufise.

  • yemw yemwe menga abanyepolite bamwe ntibacibuka ko uturiy ishamba ngo urwanij inzoka uba uhoneje ibinyabuzima vyose bihaba! arko ndaguye ndagaruts iyo CNARED Abayimwo bose ntawuri m’uburundi niyompamvu bipfuriza inabi uburundi, ubuho biratekuruts ntabihano uburundi bwafatiw na MAPROBU biyemerana ntikij nzoraba

  • ivyintwaro mfatakibaza muburundi vyarasezerewe

  • Nyangoma : un hutu ventirotique de service ( ameze nka Kanyarengwe, rukokoma,...) . Umuhemu ugambanira abahutu ngo bariko barakora genocide i Burundi. Cyo kimwe na Leonce Ngendakumana et Jean Minani. Aba bagabo ni umwanda mw’izina ry’abarundi

  • Uyo nyangoma nagabanye urumogi atari uko arimugusara benabo bafatanije urugamba.

  • jewe nibazako mwataye imitwe! Erega bafatiye ibihano leta baba babifatiye abarundi bose kandi nibo bagira ingorane! Jewe ndibaza kuri nyangoma leonard ko yoba akomeye neza kuko amaze imyaka myinshi mu buhungiro. Nta leta nimwe muzabaye mu burundi barigera bahuza! Kubwiwe zose zama arimbi gusa! Vyari kwumvikana iyaba muri mwebwe atanumwe yatwaye! Quand le ventre est gros urumva kubera umutima uri munda uca ubura ikibanza! Mukaba muzi ko ubwenge nabwo bwabanyepolitike buri mu mutima! Le ventre est gros, le coeur est petit! Nta mutima, mpema yuzuye

  • cnared nibaze bishikane, hama bahanwe kumabi meshi bakoreye abarundi. yarabivuze ko abazowatsa uzotangurira iwabo ugaherera I wabo, barawakije bonyene uburero waratse vyarakunze ariko nibemere rero uzimire kuribo nyene. ntakundi ko mwahaye satani ikibanza akabahenda nimwemere, ntakundi muhanwe kuko mwaravyiyemeje. ingero yicaha nurupfu, ariko impano iva ku Mana nubuzima.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.