Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED yashize ahabona inzego zayo
CNARED yashize ahabona inzego zayo
vendredi 21 Myandagaro 2015
Inama y’igihugu ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’igihugu,amasezerano ya Arusha n’intwaro ishingiye ku mategeko CNARED yasohoye inzego zayo,ibicishije mw’itangazo no2/2015 ryo kuwa 20 Myandagaro ryateweko umukono n’umukuru w’inama Leonard Nyangoma .
Nkuko vyashikirijwe na Jeremie Minani asanzwe arongoye umurwi wo kumenyesha amakuru mu runani CNARED,umukuru w’iyo nama ni Leonard Nyangoma,icegera ciwe ca mbere ni umushingwamanza Francois Nyamoya,icegera ciwe ca kabiri ni Onesime Nduwimana yahoze avugira umugambwe CNDD FDD.
Umunyamabanga nshingwabikorwa ni Pacifique Nininahazwe,icegera ciwe ni Frederic Bamvuginyumvira icegera c’umugambwe Frodebu.
Izindi nzego zihuriye mu mirwi iyo nayo ikaba igizwe n’imirwi ijejwe ibice bitandukanye :
Umurwi uraba ibijanye na politike n’umugambi w’amahoro no kumenyekanisha urwo runani hagati mu gihugu urongowe na Bernard Busokoza,umurwi ujejwe imigenderanire urongowe na Gervais Rufyikiri.
Iyindi mirwi ni umurwi ujejwe umutekano urongowe na Alexis Sinduhije,umurwi ujejwe ubutunzi urongowe na Eupfrasie Bigirimana,umurwi ujejwe kumenyesha amakuu urongowe na Jeremie Minani,umurwi ujejwe agateka ka zinamuntu,ubutungane no gufatana mu nda urongowe na Vital nshimirimana.
Abahanuzi ni abahoze barongoye igihugu,abahoze barongoye inama nshingamateka,umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma .
Umuvugizi w’urwo runani ni Chovineau Murwengezo,icegera ciwe akaba Pancras Cimpaye.
Van Naris Mugisha
Messages
21 Myandagaro 2015, 17:48, par john
aba bose bararondera kuba president dela republique du burundi ,ibindi ni ukutubesha, none Pacifique ko atarondera ivyicaro vya politic none bakaba bamushizemo azovyemera canke yaraduhendaga atwohereza muri manifestation.
bazorahira ryari imbere y’ababijejwe?
21 Myandagaro 2015, 17:58, par eric
IBI NIVYIZA UBWO BATANGUYE KWITEGURIRA AMATORA YA 2020 NAKARE AMATORA TANGIRA GUTEGURWA ANDI AHEZE,NAHO UBU MURI 2015 NDABONA BIRIKO BIRABASIGA CANE.
21 Myandagaro 2015, 18:03, par julienne
nimukore turinyuma yanyu
21 Myandagaro 2015, 18:22, par nijimbere
jewe ico nsavye umukuru wigihugu nyakwubahwa se wabarundi petero nkurunziza koyaraye yitorewe nabanyagihugu aba bagabo bose bashizwe kurutonde na [cnared] bose abahakazi kuko inzara irabamara bace bacumura kumana biyumvire ico badashoboye gukora barundi barundi kazi muntara 17 zigize igihugu cacu tubandanye dufatana munda in peace. thanks.
21 Myandagaro 2015, 18:33, par Minani
Ronkibintu muzopfamwangara mwankezimwe moize komwamwibagiye muzokorerahehe? Ibiromwavyubatsehehe mumwnye ko inkubansa zidasangira igicu
21 Myandagaro 2015, 18:35, par Ndayiserges
Komera Kumuheto Batama Tubarinyuma None Iyo Leta Irihh?Ubwo Ntimushaka Kuduta Murudubi?Non Inyuma Ya Le26hazokurikirik?mweho muzorahira ryari?turabanyotew kandi turabakej
21 Myandagaro 2015, 18:47, par Lionel
Twobasaba ikiringo bazorahirirako imbere y’abarundi n’amakungu turabe uko bizogenda mugabasha jew sindavyizey yuko bizohava bikunda kuko abarundi barahejeje gutora ikiri kumutima ndumva bitazobornhera kurahira imber y’abantu batatow!baragez turabe nabo sabana barahabona!!!
21 Myandagaro 2015, 18:50, par Michael junior
Basha havuyemwo Rwasa gusa baramutaye canke baramwinuba kubera iri muri leta?
21 Myandagaro 2015, 18:52
izo nindoto
21 Myandagaro 2015, 18:53, par Jazz
Ntaco banz, nibakumd bemer inzgo zihari.
21 Myandagaro 2015, 18:53, par julienne
ewe nijimbere iyonzaruvuga rindira uzoyibona kwarinzara uzoyikugura uyumuns uraryohew ejo uzorira ubure ikiguhoza
21 Myandagaro 2015, 18:59, par Louis
Uko ni ukugumuka nyangoma yipfuje gutegeka yishe abatavuka
Bururi bose biranka yantumwe kwica
Ntibantunganya na
Minani mu 1997 ngo kuko bapfuye abantya
Bururi boca babasubirira
Bampa mission ndagenda mfise lance loquete
Ama
R4 10 naciye mu kamenge mpanuza umuhisi adolphe ambwira ati ntukore ibara
Bosco na mbawa baca bancira ugo gupfa imana irakinga ndabimenya nca mva muri fdd ikiyobowe na ndabarushimana antoine aliace mbawa na ndayikengurukiye jean bosco ni vyishi sinorônka aho ndavyandika amabi ya nyangoma
21 Myandagaro 2015, 19:04, par DIR
KOMERA BATAMA
21 Myandagaro 2015, 19:21, par Yuda
ivyo mugira vyose intumbero y’Imana niyo yo.pourvu k ineza y’igihugu nabakibamwo ishirwimbere.
21 Myandagaro 2015, 19:33, par None?
Nintara 18 ncutiyanje, ariko nkuko wabivuze twariyemeje gufatanamunda ntituzosubirinyuma inyuma nihabi, ngirango warabibonye Cibitoke, na Kayanza, kandi abaribibajije ko rwitaha barabonye kobidashoboka ububakora nkivyihebe ivyokuza ngoduhangane vyarabataye kuwamazi, arikonyene amaro yokuguma twiteze kobagaruka araturembeje kukotwaritwarapaze akantuntashoboye kuvugirangaya tuzokorerera abazosubiragutera katazigera kibagirana kw’Isi yose.
21 Myandagaro 2015, 19:39, par Lead
Dans votre combat du CNARED, vous gagneriez a integrer la dimension juridique; Pacifique et F. Nyamoya savent de quoi je parle et je ne vois pas ce qu,ils attendent. Arusha mis a part, le 3eme mandat de Nkuruziza est une violation de la Constitution burundaise. Ceci a lui seul suffit pour intenter un proces en inconstitutionalitE aupres de la Cour EAC. La saisine est recevable et l,execution du jugement obligatoire. Cette victoire juridique forcera Nkurunziza a quitter le pouvoir malgrE lui. Ouvrez un canal de communication si vous voulez des complements juridiques la-dessus. Cette demarche est plus rassurante dans ses resultats, que le fameux dialogue que vous quemandez depuis. Nkurunziza continuera a se moquer de vous et de la CI.
21 Myandagaro 2015, 19:44, par masabe
Je nkumurundi kandi maze kubona ibintu nibindi ndakeje u mukuru w,igihugu Petero Nkurunziza I mana yo mushobora vyose imujimbere uburundi bwaho hambere sibwo Burundi bwuno munsi. Abibaza ko bashobora guhindura ibintu munkina mico bamenyeyuko abarundi baciyubwenge kandi bamenyukuri. Aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye ngonzoba ndihagati yabo. Imana ibahumugisha.
21 Myandagaro 2015, 19:49, par Twarisubiyeko
Erega Nyangoma ivyarimwo arakora mumisiheze vyariyumvirwa nabeshi mubarundi, ariko twasanze uyumwanya atarimwiza wokubikora nicogituma uzokwishinga guhondagura ariko ntiwugururirwe kandiwariwibazako harihabantu barikwukugururira, ivyurimwo ubuntibikunda ariko gukomeza kwica abantu nubwo atacobizokumarira ukoresheje buryaburyo bwagikotanyi uzobica abataribake raba Adolphe, Bikomagu nabandi murarabije!!!.
21 Myandagaro 2015, 19:53, par PIERRE
nyongoma nukuri siwewe urarushe mumutwe kuko nagukurikiranye kugitutsi kibishe kinuka bw,amaziranto yazananye mukanwa kawe ahokuyacisha ahoyagenewe ukaba wayacishije mukanwa kawe!! urubahuka uradedemba ngo abarundi isinzi dushigikiye NYENICUBA PIERRE NKURUNZIZA NGO TWESE TURI IBIPURIZO!! INZEGO Z,UMUTEKANO PNB FDN ZOSE NGO NIBIPURIZO!! IMIRWI YOSE IGIZE IGIHUGU NGO NIBIPURIZO !!NDASAVYE UMURUNDI WESE W,UMUTIMA WO MURIYO MIRWI WAKUYEKO AGAHUZU UWUZOKUBONA WESE wewe nyongoma leonard aguce umutwe atawe arinze kubaza kuko TWEBWE ABARUNDI DUSANZE ATAMUTIMA UFISE.nyokongoma uzohera nkifu yimijira urakavumwa n,IMANA. NDASAVYE NTIMUREKO KURUBUGA IKI CIYUMVIRO NSHIKIJE nyangoma,ndaziko muknda guhengama abomuriki kinyamakuru,murakoze.
21 Myandagaro 2015, 20:08, par bacemw
tubarinyuma
21 Myandagaro 2015, 20:19, par niyonkuru deus
mbega nyangoma yaritoje?ivyobintu bizoherera he?
21 Myandagaro 2015, 20:20, par comissaire
ndasavye Nkurinziza mbere yo guha imyanya aba batavugarumwe na leta azabanze arabe neza ko buzuye mumitwe yabo canke batarota kumurango.
21 Myandagaro 2015, 20:32, par James
Turaba Shimiye Batama Kumigambiyanyu Ira Mushishikare Mukore Tuzobarwa Inyuma Twebwe Abarundi Yaba Imetero Tuzoy ibaterera Kuko Nivyo Bitoreranda Twarazibaha Mbere Bagatako Bakatunyaga Ndetsemwebwe Imana Ibazigamei
21 Myandagaro 2015, 20:44, par irakoze
icokintu bakoze ntikigaragara neza kuko bahereye kuco boherejeko bisa nuguhahamira ubutegetsi ne jamais chanter la victoire avant le match
21 Myandagaro 2015, 20:47, par roger nsabimana
Nyangoma na biwe bararushe,natware ivyo bihwiji nyene.
21 Myandagaro 2015, 20:58, par pamela
ntagaciro ndabihaye mwese muronderera inda zanyu gusa pacifique yagiye muvya politique gute kandi ari muri societe civil murahaye muramenyekana mukitubesha
21 Myandagaro 2015, 20:59, par Sinzoyiheba Fulgence
Kazemutama Udukreko Akagwi Kankurunziza Umurundi Atarushe Nigipfamutima Kimwe Bita Ipurizo
21 Myandagaro 2015, 21:12, par Dodo
NATWE TURI KUMAVI.NYANGOMA NABAWE MWIJORO MURONGORWE NINKINGI Y’UMURIRO.KUMURANGO NAHO MURONGORWE N’IGICU.IMANA IRIKUMWE NAMWE.
21 Myandagaro 2015, 21:13, par Jogingi Marahwe
Nobashigikiy Nosubiy Busokoza Arimubish Ndaday Non Ubu Aharanir Iki? Iyo Mutor Abantu Batagirizwa Akabi Nkako.
21 Myandagaro 2015, 21:56, par MESSI
We are together
21 Myandagaro 2015, 22:07, par dududjdd
EGO KWELI IYO BUREAU NIYO IRUBATSE NEZA CANE ,,,KANDI AMABANGA MWESE MWAROSE MBONA MUYAKWIYE KOKO ,,,NIRYAMBERE KUVA UBURUNDI BWIKUKIRA TURONKA UNE STRUCTURE YUBATSE NEZA NKIYI ABANTU BOSE BIBIHANGANGE BARIMWO,,,,,,mais sachez que vous n’avez pas Droit à l ‘echec
21 Myandagaro 2015, 22:07, par mandayabo ntiragera
emwe kokayine nimbi nibayirwanye nivyo irasaza garanti yayo mumubiri imyaka 5o ans
21 Myandagaro 2015, 22:45, par ruhwikira fabro
rek turab iyo bizohere kweli.mb none bazoza muburundi ahoho bazohava baca bicwa nya mwarirya umenga kashushe
21 Myandagaro 2015, 23:01, par saturday
ah mwaburiw ko mur hanz ivy’igihugu murabizi.
21 Myandagaro 2015, 23:03, par saturday
ah mwaburiw ko mur hanz ivy’igihugu murabizi?muregera mwes mutama nkurunziza.
22 Myandagaro 2015, 00:05, par kipling
kweri nyangoma uzopha wabira nkinyanana,kuva kuri mbirigi ntanigihe nakimwe wigeze ubona kwamatora yabaye mumuco nikindi naho uri ntanumwe agushigikiye mbabazwa n,uwugutunga micro.
22 Myandagaro 2015, 00:07, par mwene harimesj
Muribipfamutima vyabarundi mbese mwahahamuste? CE mwurira indege rero muze muyishingire ngaha ibujumbura numunsi nyene murabe ko gwitaha ndababwire muzosazira mubuhungiro basha.
22 Myandagaro 2015, 00:15, par mwene harimesj
Kumbe bwabundi nawe Nyangoma MWe na Pangrasi muri mubishe Ndadaye? Ubwo Busokoza musangiye iyo reta ntimumwibuka re azomanze abasokoze basha Niko rafikiyake yarayeke Bikomagu yaraye ashitse yo bo bo bobikuriye muburiri ngira ivy a Ndadaye mwaravyibaye se we nihobavute anti uwurushe natura kumavyi ( ahobaneye) namwe mwarushe naho mutuye ngo muruhuke
22 Myandagaro 2015, 00:29, par mwene harimesj
Mumajambo make vuge uti umugwi wi kiroberi ugizwe Nabamureke kwiyitirira ivya Arusha bamwe murimwebwe mutanayemera. mbere mweho mukugena iyo reta mwari mwashigikiwe na makungu nka za amerika , ububirigi, ubufansa nahandi ko nzi murabaja bivyo bihugu?
22 Myandagaro 2015, 03:01, par RIGIN
IMANA IZI VYOSE
22 Myandagaro 2015, 05:17, par nkdn
jewe ico nomenyesha abarundi namakungu hamwe mwosigikira iyo kudeta iriko ikorerwa hanze twoba tugiye gushira nkabana bimbebba uyo nyangoma muramuzi ntakindi ashaka atari ubukuru bwigihugu muribuka 2O1O abonye adatowe yaciye yirukira mumahanga kubabesha ngaratotejwe atawe amuhize kuko ntakunda barundi akunda inda yiwe ati gute? barundi mubigenzure simbabesha abobagabo nabo birikumwe nibo basubije igihugu inyuma mukwiruka isi yose basabira abarundi ibihano aho bobasabiye infashanyo ngo barabakunda namba twarabahinyuye gusa barundi kanura simanda si arusha ninda zabo bagumutsi ariko bamye basubiza igihugu mwihumbi ico nobwira abo bagumutsi ntibihende ngo binjire muburundi kungufu kuko boba biyahuye kuko abarundi twaciye ubwenge ja mubiganiro kandi mwemere gutwarwa ikibnza kimwe nticobakwira demokrasi nugukorera hamwe sugusambura mugakoresha ingufu naho abarundi turabona mushaka abo mutwara kungufu bariho aho murwanda bamwe babakurikira atawe abirutseko kagame abakebere agapande mushiremwo iyo reta muburundi noo
22 Myandagaro 2015, 06:32, par Jean Claude Ntakiyisumba
Aba Dd Muraryohera Pee!Nkuru Arabaca Kw’imigani Imyinyo Mukanikira Ntimutahur Na kimwe,ugira Ngw’arabesha!Eka Muzohera Nk’ifu Y’imijira.
22 Myandagaro 2015, 06:34, par Jean Claude Ntakiyisumba
Aba Dd Muraryohera Pee!Nkuru Arabaca Kw’imigani Imyinyo Mukanikira Ntimutahur Na kimwe,ugira Ngw’arabesha!Eka Muzohera Nk’ifu Y’imijira.
22 Myandagaro 2015, 06:40, par 76756905
BIENVENU
22 Myandagaro 2015, 07:08, par emmanuel
mbe basha bafise inguvu izihe?Nibareke kwizeza abarundi ko bizoshoboka bidaku bararushe nibareke gubyina cnk iyo changement nibayinyarutse hma turuhuke.
22 Myandagaro 2015, 07:59, par Ntawuburumwansi
Suma urenga Nyangoma Suma renga nka Rusama
22 Myandagaro 2015, 08:28, par JAD J
ABOBANTUBOSE BAGIZE UWOMURWI SINOVUGAKO ATABWENGE BAFISE AHUBWO BAZOJE KAMUGANGA KUKO BARARWAYE
22 Myandagaro 2015, 09:24, par eric
Nyangoma nabo muri kumwe muhirwe niyo reta yanyu.ariko ntaco imaze ahubwo aho mwayishingiye namba mushaka kubirukana barabareba neza
22 Myandagaro 2015, 09:55, par intagoheka
ewenyangoma uribesha turakuzi mwege murahunga hanyuma ngo mwarahiye ngomutwarigihugu wewe nabo murikumwe muzohera nkifu yimijira,bamwe bapasifike ngo ntibaharanira inyungu zaporitike iyoreta yanyu bayigiyemwo kuber iki imigumuko yabananiye none ngo mwashinze reta twarabahinyuye
22 Myandagaro 2015, 10:06, par kenny
Mwari Mwaratevye Tubereke Aba DD Ko Turiho Werindira!
22 Myandagaro 2015, 11:16, par Bodoin
Ibikotomugupfa.Bimeramababa.Nyango.Wananiwe Nintambarayariyoroshe.Ahokuyigwana Ushimamahera Ugurishabasoda!Bahatorwana,nya Pita Icona Uzogwinyumayigihugu
22 Myandagaro 2015, 12:44, par kamenge Elvis kamenge
Ewe Nyangoma urarushe!politik yawe irashaje kabisa!!
22 Myandagaro 2015, 13:16, par Pascal
NTAMUSHOFERI ANYONGERA UMUDUGA HANZE ATAWURIMWO. ARINJIRAMWO AGAFATA VOLANT ARI INDANI. MUGABO MBONA IVYUBU VYARATEYE IMBERE AHO BASIGAYE BATRANSFERA UMURIRO MU MABATERIE YA FONE (CHARGE TRANSFERT), NGIRA NUKUNYONGA IMODOKA UTAYIRIMWO,NTANKEKA KO BIZA VYARADEKUVUWE. NYANGOMA, NAGITWARIRE HANZE MURI ETHIOPIE, MAZE NANJE NDI MURI ZAMBIA AZONGIRE UMUKURU W’UMUTUMBA WA RUZIBA. KANDI NZOWUTWARA ATACAMIRA NIBEREYE MURI ZAMBIA.
22 Myandagaro 2015, 13:45, par Rugeregere
Nimuze mwubake igihugumu mureke kujujuta murabarunda? ntanzuyubakwamuyindi umwana atorana ahaba
22 Myandagaro 2015, 20:19, par emma
emma
murahinyutse basha, twari tubizi ko atakindi murondera atarugutwara uburundi, hahahahahaha ndabatwenze kandi ndabavumye ntaneza mushakira uburundi na barundi,kandi murabe neza muriko murondera urupfu kandi nago muzorubona. iyo migwi jana mungo iwanyu
22 Myandagaro 2015, 20:28, par Gakozi Emmanuel i PRETORIA 27 835 053 098
Mbega ayo mazina mwandice nivyo koko? bari murugwo runani? Murugwo runani abajejwe umutekano ntibarimwo? abaserukira ugwaruka bo? tutibagiwe na bakenyenzi ba ntanga_majwi. turabakeje. Imana ibaj’imbere uko mwatanguranye abe ariko muzosozera.
22 Myandagaro 2015, 21:13, par GARUKIRUBURUNDI
Ahubwo numva inzego zotwar igihugu zikwiye.nibaze bakure iki gihugu mu kaga
23 Myandagaro 2015, 00:05, par MURABESHA
ARAHIMBA AHISE UMUTAMA MUGUPFA ARAVYIBUHA EWE NYANGOMA UGUTWARA KUVA KUMANA NCUTIYANZE BIMENYE
23 Myandagaro 2015, 06:10, par Muhuza
BIRAME MBONE PE!.
23 Myandagaro 2015, 09:01, par eric
ewe Nyangoma uriyahura, ubu murizey ko muzohonyora kugataka kuburundi?
Ha nawewe vuba tukwubakira Monument
23 Myandagaro 2015, 21:41, par clementi
Abo bose bari inyuma ya nyangoma nibasabe ikigongwe aba dd baheze batahuke baze gufasha abandi barundi( bari kuri terrain)
23 Myandagaro 2015, 21:49, par KAYITESI
Ewenyangoma ntiwibazeko uburundi kwari zayire yakera gumamurico gihugu cabatutsi babuze kugutahurakera ubuho baragutahura mugabomumenye korutitaha karibu
24 Myandagaro 2015, 00:20, par Albert
Ivyo bontu biratangaje kuko abo bantu biragaragara ko atakintu nakimwe biteze kumarora abarundi. Turavye uko tubazi ni abagomba ivyicaro n’amaronko gusa. Biratangaje kondi kubona abahoze biyita amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bafata iyambere muri mwene ivyo bikorwarwa bigaragara ko ari ivya politike. Imana ifashe abarundi n’igihugu kuko abogikijije canke bagahanura aribo babaye abambere gufata inziro yo kuconona. Hari abo bitahuritse kandi bidatangaje n’abandi bigoye kwemera no gutahura. Ni bahindukire igihugu n’abarundi ntibikwiye kwama mu ruhagarara.
24 Myandagaro 2015, 01:41, par AMANDE Pierre
Irihnyabwako rigombakugirirwa Abahutu ,ririko Ritegurirwa Muri Ethiopie Naryo Murivuga Kwiki?
24 Myandagaro 2015, 02:06, par AMANDE pierre
Burya Nasanze Nihenze Ntabwo Ari Ethiopie,sinibuka Igihugu ,ariko Na Kagame Arimuri Iryotegugwa, mbegahoho,kw’amakuru Yanyu Atumvikana Kumaradio Ka BBC Canke Voix D,AMERIQUE.?
24 Myandagaro 2015, 02:47, par AMANDE pierre
Mbegahoho Muzokoresha Inguvunya,niba Ari Inkoho Muzozikurahe Ko muburundi ata Nkoho Bakora.?
24 Myandagaro 2015, 14:59, par Mudundo Wa Klachi
CNARED,nimunyarutse twarambiwe,sitwe tuzobona harageze ! Turindiriye ifirimbi.
24 Myandagaro 2015, 20:58, par dusabamahoro
komera mutama mwese murabene gihugu gusa
24 Myandagaro 2015, 23:03, par Adolphe NSHIMIRIMANA
ahubwo je ngaho natahuye kimwe. bashaka kubandanya akajagari gusa nayo ivyo gutwara vyovyo ntavyo bashoboye. nkako gatama koko ngo ni nyangoma karinze kananirwa kakibasha ubu niho kazobishobora? ikawa yacu kagiye gatembagaranye kakaganza kudutuka gusa ngo turi ibipulizo; turamurindiriye kandi bamenye ko tutakiri muri ya myaka baze bamuturekere twebwe abanyagihugu twenyene tuzomwereka ko turya dukaravye.
25 Myandagaro 2015, 14:01, par SYLVESTER
AMAKURUYANYANGOMA
25 Myandagaro 2015, 18:06, par Bonza Jacques
Komere Batama
25 Myandagaro 2015, 20:46, par Jules Nijimbere
Nyangoma.1993 warugifis ubweng,ariko ububwakujanye.ahontiwozugafata nabandi kwubak igihugu?abobagabo,harimwo ba Pie naba Rufyikiri baraguhenda.babony batiyongej bacabatangura kwonon isahani baririyemwo,kand bobobari bigeranij.raba rwasa.abahtu mwapfuyuko,
26 Myandagaro 2015, 00:29, par Kana
Ewe nyangomawamenjeroreraumunsibaguhindukiriyentitwamenyakoufisebeneivyovyiyumvirororeraumunsibaguhindukiriyeurakinwkurwandawibazakobagukundanumurundiyahorakwiyumvamwotukuvuyekowaramenjeutigaruye.
26 Myandagaro 2015, 07:30, par ducubwenge
Hahahaha!biratwengeje kweri.ivyari vyovyose harimwo abakurikiye ubwije bazicuza icatumye baja muri CENERED!reka tubirindire muzombwira.
27 Myandagaro 2015, 04:26, par Ayubu Mutananirwa Cankuzo
None Bizogendagute Ko Numvishe Arinkuba2 Zigiye Guhurira Mugicu? Emwe Reka Basenga Dukomeze Ndabonisi Muyimaze Kare Muteye Yesu Kuza Hataribwagere,
3 Nyakanga 2015, 10:14, par Paterne
Turabakeje
10 Nzero 2017, 18:44, par Nsengiyumva J Claude
C’est Beau.