Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNARED yiteguriye gutunganya imisi y’ukwibuka incungu z’Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED yiteguriye gutunganya imisi y’ukwibuka incungu z’Uburundi

CNARED yiteguriye gutunganya imisi y’ukwibuka incungu z’Uburundi

mercredi 7 Gitugutu 2015, par egide

Mu gihe Uburundi bwimirije kwibuka imyaka iheze hagandaguwe incungu y’intahe y’ukwikukira hamwe n’incungu y’intwaro rusangi, abagize urwego CNARED bamenyesha ko bagiye gutunganya ibirori vy’ukwibuka izo ncungu.

Mw’itangazo ryateweko umukono na Pancrace CIMPAYE icegera c’umuvugizi w’urwego CNARED, bamenyesha ko Petero Nkurunziza atubahirije iragi n’akarangamutima k’umuganwa Rudoviko RWAGASORE yarondeye intahe y’ukwikukira, hamwe na Melchior NDADAYE yarondeye intwaro rusangi, ari naco gituma atohabwa iryo teka ry’ugutunganya ibirori vy’ukwibuka imyaka iheze izo ncungu zigandaguwe.

JPEG - 109.6 ko
Pancrace CIMPAYE, icegera c’umuvugizi w’urwego CNARED

Mu rwego CNARED bamenyesha ko bafadikanije n’abarundi baba hanze, bagiye gutunganya ingene izo ncungu z’Uburundi zokwibukwa, abari mu Burundi bakaba bazobimenyeshwa.

Kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2013 umuganwa Rudoviko RWAGASORE azokwiza imyaka 53 agandaguwe, mu gihe Melchior NDADAYE azorumanya kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo imyaka 22 agandaguwe.


IGIHE

Messages

  • Nivyiza,mais Aba DD sinziko bazotwemerera ko tuwuhimbaza! Mutakura Cibitoke bazoba batumaz. Mais ntaco tuzoba Iman-iratubona!

  • Ivyahindutse muburundi nivyinshi nkindirimbo ihayagiza igihugu kubona itakibaho none urwaruka ruriko rurakura ruzobimenya gute?nikintu gikwiye kubahirizwa kuburyo ntamuntu numwe afise kurengana iyo ndirimbo iriko iraririmbwa mugabo vyose barabifuse ntanakimwe kigikurikizwa yemwe nimureke kabisa.

  • abami babiri mugihugu kimwe?Pas possible vaut mieux retourner dans les elections

  • Mwoba Mugize Ikintu Ciza Cane Kuko Yaba Ndadaye, Yaba Rwagasore,barememeye Gupfira Abarundi, Ntamuntu Yigeze Yicwa Kuntwaro Zabo. Kanatsinda Umwungere Mwiza Yigura Intama Ziwe. Ariko Ubu, Umwungere, Yica Intama Zhwe.

  • EWE NYANGOMA USERA MURUZI,ATWO TUJAMBO UDEDEMBERA HANZE NTIWOZA KUBIVUGIRA MUGIHU CAWE CAMAVUKIRO?ABO BATUTSI BARAGUSHUKA.NIHO MUZOPFA MURIBIGUGU,AHO NTIMWOZA TUGAKORER IGIHUGU CACU,BISHINGE BAZOBAMESA!

  • CNREAD IZOBA IRONS AKARYO KOKUBITAMBA KUMUVYIMBA SIBOBABAGANDAGUYE BAFADIKANIJE NA BABIRIGI .

  • Murahangayitse ndababwiye! Ivyovyokwibuka izondanga ntawubinegurira uyundi wewe urazihayagiza ubikunze nuyundi gurtyo ntibikeneweko urindakuvugango ntuzeya ngontakwiye kuzihayagiza, nicogituma abazubwenge iyobashaka kugira uwonegura birinda kuvuga izina nizinaryumurwi kanaka maze bakavugati abasibu Burundi bagandaguye izondanga nubuntahobaraja, ariko birinda kuvugango: None? Ntakwiriye guhayagiza izondanga! Iyonimvugo yabantu bataye indero canke batakigira controls, ekandetse basanabahababutse, kandinivyo urevye igihe nkababa Pancras bakuruyemwo nabokwitwararika abatwononera naba Babiligi ahokubaremesha bababwira kujamubishoboka bababwira kujamubintu bituma batabona iyobajaniyobava, kukoharikintu babonabashigikiwemwo naba Babiligi bakacababonako mumezimakeya kizobacagiye ahobashaka , bagiraguti bakabona imyaka irihaye ikingo ivyovyose bituma mubwonko hashuha iyorero umuntuyize agumagiribintu bikanka asigarasumbwa numuntu atize mukuvuga ivyavuga usubuyinyumaneza mugihewewenawe wobutabayenkawe ushiborakubonako bidatandukanye cane nivyumuntu arwaye akarwara komumutwe avuga. Nkakarorero kahafi numuntu aherutse mukiganiro citwa Imvonimvano yavuze arikuruhande rwumurwi urongowe na Nyangoma, ahokuvugako ivyobavugako u Rwanda rushigikira abadurumbanya uburundi mugihevyobarivyo atinatwe vyotubabaza yariyamurije reta Yu Burundi gusa kubera twatugorane navuze turimumitwe twatumwe biyibagizako urwanda bwikigihe danger mubiyagabinini mwikigihe arinavyo mugombakuzokwibonera mugihekutarenze imyaka 2 twimirije imbere ibibizovurwavyemangwe ni bihungu bitaribike.

  • Ndasubiye Gusaba Kuba Umuhuza Wabarundi Na Cenarede Hatabaye Mo Agakengere Ndasavye Abo Vyega Kumpande Zose Ari cenarde Nareta Yuburundi Ukuvyemera Nuko Museveni Ntiyananiwe Yanse Kuvuga Ukuri Kumpandezose Uwondondera 0726502452 Hatabaye Ugukengerana Kumpanezose Jewe Ndizera Ko Kananirabagabo Atimye

  • NON BUSOKOZA YO KWIBUKA NDADAYE ARIW YARARONGOY IKAMBI YAPFIRIYEMWO ARIKO YIRORERERA GUSA? IBI TURIMWO BUSOKOZA NIW YABIDUKWEGEY.

  • cnred nimishenzi abatsi mwishe ndadaye hanyuma ngo mumwibuke muri mbwa.

  • Mbe Wewe Wiyita None! Wibaza Ko Kwandika Vyishi Ariko Kurh? Ko Ubuza Kuvuga Amazina Y’ Abantu, Gelase Ndabirabe Yavuze Ayangana Gute? Ko Utamuhaye Remarque? Ubona Ivyo Wama Ushikiriza Ari Nde Yobiha Agaciro?

  • ico kintu bita#cnared#abakigize ngira barwaye mumutwe!bibuka intagondwa za bagumutsi ngo incungu!izotuzi. rwagasore na ndadaye.abandi izo nimbwebwe kandi nabiyahuzi.barya nimana ntiyabakiri imana ntiyokwakira abicanyi baturiye abantu.icokintu ntavuze nibate umwanya wabo

  • bandanya mwibuka abo mwagandaguye murikumwe na babirigi kandi mububirigi ataraho ntibosubira kubaha ibigwanisho ngo mwice abo badakunda.Abo bo turumva komwibua komwabishe,duhe urutonde rwabandi murihafi kwica murakoze

  • Noneho ibararigiye kurwa mwabwa Bulaya bamwenabandi bakunze kwiratira! Umva mwishirahamwe ryubumwebwa Bulaya ibintubimezenabi kuvabatangajeko bahagaritse gufasha reta yu Burundi aho ibihugubimwe bitariko biravyumvakumwe nibindi bisanzwebisangiye iryoshirahamwe, uburero ivyobihugu bisaba iryoshirahamwe kuganira na reta yu Burundi vyihuta ngokandi iryoshirahamwe rigatangazako iryohagarika ryogufasha u Burundi babihagaritse ngobitabaye ivyo ibihugubimwe bigize ubwobumwe bwabulaya ngobiravamwiryo shirahamwe ryubumwe bwabulaya.

  • Ni Mureke Kwitana Bamwana! mbega CNARED yibereye i buraya,yaje kwica abarundi ryari??INGWE igutwara umwana ikagutanga kuraka!!kirya gipolisi gikora amabi y’ubwoko bwose gitumwa na CNARED?Canke urya yavuze ko abantu bazohera nk’ifu y’imijira ni CNARED yamutumye?

  • CNARED nimutubwire uwo munsi erega twebwe nimwe tuzi ko muri indongozi zacu,ibi binywamaraso none bizotuvako gute?

  • Nta mutwe ufise wamugabo uraza uwugirire aha mu burundi uje Kuri stadium wibuke izoncungu zuburundi. Naho ivyonavyo ninja kaguma murimwo kavanze nakabonge kubuhungiro murimwo komutabigize mumyaka iheze niguye hanze? Ivyomurigusabiriza bizabatekurukana basha. Gushika 2020 muzoba mukiboroga.

  • mwe raba mudukureko uyumusalaba abarundi twikoreye nahubundi turarushe NKURUNZIZA Pierre ico twomusaba nuko yokwemera intwaro rusangi nkuko Nyakwigendera yabishatse ataruko naho turanka turapfa nabi kuko nawe vyamunaniye gutunganya uburundi

  • Uwubuz Icakora Ntabura Ivyab Arafwangagura.Aho Cimpaye Ntiwosubiza Ubwenge Kugihe?Peter Niw Twahay Ivy Uburundi Gushika 2020.Uri Igtangaza Pe!!!

  • None uyo musi wo kwibuka izo ncungu wa rafuswe mu Burundi? Canke ufatwa nki bisanzwe?

  • Muribuka nabo mwasize muhenze mu gaca mwigira.Abarundi bamaze gutwarwa n’uwo mwakije ni benshi,bo muzabibuka gute?

  • Retournez chez vous svp. Le pays vous a instruit pas pour le brûler mais pour le bâtir. Que faites vous vraiment en europe? Nous faire honte seulement? Ca fait mal.

  • nivyo batama nkurumbi ntateka ntamutima afise vyo kwibuka incungu zacu ndadaye na rwagasore numuvukanyi wiwe nyakubahwa umuhisi lt gen adolpe ntiyahonyoje ikirenge kumaziko.

  • NKURUNZIZA NARETA YIWE NTABIRORI YOTUNGANYA KUBERA ATADEMOKRASI YAKURIKIJE NONE MUZOBITUNGANIRIZA HEHE ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.