Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNCA : Umugambi CSLP2 ntiwananiwe gushika kw’ihangiro wihaye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > CNCA : Umugambi CSLP2 ntiwananiwe gushika kw’ihangiro wihaye

CNCA : Umugambi CSLP2 ntiwananiwe gushika kw’ihangiro wihaye

jeudi 18 Kigarama 2014

Muri kigo CNCA kijejwe kwegeranya imfashanyo, imvugo si mwe n’abavuga ko wa mugambi wa kabiri wo kurwanya ubukene CSLP2 woba wananiwe gushika kw’ihangiro wihaye, nk’uko bishikirizwa na Pamphile Muderega, umunyamabanga ntayegayezwa muri ico kigo.

Pamphile Muderega umunyamabanga ntayegayezwa mu kigo kijejwe gutorokanya imfashanyo za Reta, amenyesha ko abo bavuga ko ihangiro ry’uwo mugambi ritashitse, hakiri kare, kuko batararaba ico uwo mugambi wahinduye mu buzima bw’abanyagihugu.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 17 Kigarama, Pamphile Muderega yavuze ko bashimishwa n’imfashanyo zari zemewe n’abafasha Uburundi zimaze gutangwa kuko zirenga ibice 85 kw’ijana z’ayari yemewe mu nama yabereye i Génève.

JPEG - 36.7 ko
Pamphile Muderega umunyamabanga ntayegayezwa mu kigo kijejwe gutorokanya imfashanyo za Reta

Pamphile Muderega agira ati : "Imbere y’uko inama y’i Génève iba, Uburundi bwari bwerekanye ko bukeneye imiriyaridi 3,6 z’amadorari y’abanyamerika, kugira bushire mu ngiro umugambi wa kabiri wo kurwanya ubukene. Inyuma y’iyo nama y’i Génève, mu manama yabaye i Bujumbura, basanze bihenze kuko bafashe amafaranga akoreshwa mu bindi bihugu nka Tanzaniya n’Urwanda baca bayashira yose mu kivunga, ariko bamaze gutosora basanze amafaranga akenewe ari imiriyaridi 4,5 z’amadorari y’abanyamerika.

Muri ayo mafaranga yemewe n’abafasha Uburundi, Pamphile Muderega avuga ko gushika kuwa 30 Gitugutu uno mwaka bari bamaze kuronka amafaranga angana n’imiriyaridi zibiri n’imiriyoni amajana atandatu na cumi n’icenda ni ukuvuga ibice birenga 87,3 kw’ijana. Agira ati : "Umuntu ntashobora kuvuga ko uwo mugambi udashobora kuja mu ngiro kandi kuri ayo mafaranga imiriyaridi 4,5 z’amadorari zari zemewe hamaze gutangwa imiriyaridi zirenga zibiri n’ibice bitandatu.

Mu kigo CNCA bavuga kandi ko uwo mugambi ukiri ku mwaka wa gatatu, kubw’ico kigo, barabona ko uwo mugambi uzogenda neza. Ku cerekeye naho ko vyananiranye ko uwo mugambi ushika kw’ihangiro kuko hari ukutamenya ku bakozi bakuru bakuru ba Reta, Pamphile Muderega aremeza ko hagikenewe inyigisho.

Mu kigo CNCA batanze izo nsiguro inyuma yaho Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ashikirije amakenga afise, aho mbere yavuze ko abategetsi bamwe bamwe barabwa n’uwo mugambi botanga imihoho, kuko ahanini uwo mugambi usa n’uko vyanse k’ushika kw’ihangiro ryawo, kuko habuze itegurwa ry’imigambi itomoye, kimwe mu vyatumye imfashanyo zitaza.


Floxella Karire

Messages

  • Nkuyo wuva andebagura ibiki??87% none mwayashizehe??kwizara yishe abantu???koyarayo kugabanura inzara???urazicarico 4,5 mikkiard$ kukihugu nkuburundi????iyoba mwarayarose ifaraga,ryacu ryoguma rikoroka ????izo jerekani mumutwe harigihe zibaza kwabarundi bose iri ibijerekani ??uruva ako kagaye kabA dd????87%yaaaaaaaaaaaa tukaba tukenye nkuku ????ur agenda uhende nyoko nabiwanyu ???narya foustin yavuze sukuvuga ko yamaze kuza yose mufise ayAnje yijiye atarenga na 12% ayandi ari mumpapuro (2ekabungu)

  • NWARI,NIBIKI BIKURI MUMUTWE BITUMA BURIKUTANZE ICIYUMVIRO KIJANA NIBITUTSI!? MBEGA BURYA URAMENYA KO NATWEBWE DUSANZE DUSANABAHUJE NAWE KWIYAMIRIZA IBIKORERWA BURUNDI KUBURIKO URDUTUKISHA?

  • @question wesha vuga aho uhagaze nivyiyuviro vyawe ncanke ndakubarira abuza guhanura apana jewe naco dusangiye nawewe

  • NWARI, BMBARIRE MUGENZI ABOBANTU BAGUSUMVYA GUTUKANA NDABIKEBURIRE KUMBURE BOBOKUMVA, AROKO NUBWO DUNGANYE NIYI LETA BIZOTUGORA MUGIHE DUKEBURANYE BIDAKUNDA! EREGASINASE IVYIYUMVIROVYAWE ICONASE NIBIRYABITUTSI BIGENDA BIJANA NABURICIYUMVIRO.

  • @question wesha namaze kubona ko uri ummwicanyi,wumu DD ??ko harico dusagiye andika uti aba bicanyi baba dd ,ababa basuma ba dd, baramararamaje uburundi??oho ca ndakwemera ?nayo kuvuga ko ntukana iyoba vyemewe ko tutukana aha kurubuga womaze imisi atarya dakubariye narikukutuka ndakwikuru nka ;;;;yikura;;;;;;

  • NWARI, JEWE NIBAZAKO NTABINDI BITUTSI WOBARABITSE UDAKORESJE, IYABANGAHA UWANDIKA ASHIRAMWO IBITUTSI BACAREKA KUREKURA IVYOYANDITSE WEWE NTANKURUYAWE TUBTUBONA NGAHA, GERAGEZA WANDIKE IBINDIBITUTSI URABE KOBAREKA KUBIREKURA!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.