Accueil > Poritike > Imigambwe > CNDD FDD: Abarundi basubiriye kwerekana ko ico bashatse n’Imana iba (...)
CNDD FDD: Abarundi basubiriye kwerekana ko ico bashatse n’Imana iba igishatse.
samedi 25 Mukakaro 2015
Umugambwe CNDD FDD umenyesha ko abanyagihugu bakoze igikorwa co gushira mu ngiro uburenganzira bwabo bahabwa n’Ibwirizwa Nshingiro,mu matora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 21 Mukakaro 2015 kandi ko batazokwemera kwumvira umuntu yoza ashaka kubategeka kwivuguruza.
Mw’itangazo ry’umugambwe CNDD FDD ryateweko umukono na Pascal Nyabenda arongoye uwo mu gambwe kuwa 23 Mukakaro,uwo mugambwe umenyesha ko ibiharuro vy’imfatakibanza vyerekana ko amatora yitabwe ku rugero rwa 80 kw’ijana, bikerekana ko Abarundi basubiriye kwerekana ko ico bashatse n’Imana iba igishatse.
Muri iryo tangazo, umugambwe CNDD FDD umenyesha ko bibabaje kwumva ivyashikirijwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zibicishije ku muvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire John Kirby, ku wa 21 Mukakaro 2015, kuko bisambura kandi vyuzuyemwo akagaye ko kutemerera aburundi kugira uburenganzira bahabwa n’amategeko bwo kwitorera indongozi zabo nk’abandi bo mu bindi bihugu vyikukiye.
Umugambwe CNDD FDD urashimira abanyagihugu bitavye amatora,ugashimira kandi abamenyeshamakuru,abajejwe umutekano,abakozi b’umurwi CENI bitanze kuva mu gatondo gushika mw’ijoro kugira amatora agende neza.
Umugambwe CNDD FDD urashimira kandi abagumyabanga, abakenyererarugamba n’Imbonerakure bakoze uko bashoboye kugira ngo amahoro atsimbatare mu gihugu cose c’Uburundi.
Van Naris Mugisha
Messages
25 Mukakaro 2015, 13:15, par Nora Shekka
jewe iyo uba uwanje nogusaba gufunga umunwa kuvyo uvuga kuko umuntu ntiyicwa nico ariye yicwa nikimuvuye mu kanwa. c’est tres dommage kubona dutwagwa nkabantu nkamwe igihugu ubona coterimbere gute.
25 Mukakaro 2015, 13:31, par freedom
imana yo nyene niyo izi ivyavuye mu matora kwarivyokuri wewe reka kubesher abarundi kubera ntakurikwawe ww wokwizeza abarundi kwamatora yagenzeneza yagezeneza mumadayanyu gusa
25 Mukakaro 2015, 14:03, par OKAY
Iyo mana yanyu abarundi ntayo tuzi kandi ntayo dushaka. Imana ibatuma kwica no gushaka gutwara igihugu kunguvu atawubashaka. Twe Imana tuzi idusaba kwicisha bugufi. Uyo munwa wawewe nawo ukeneye kuwugaabanya muhungu. Buraca bugacana ayandi. Imbere gato harahinda
25 Mukakaro 2015, 14:14, par inkundaburundi
nibara kumutemere uko biri kwose muriko mutera ingere yanyuma, peter ntazodutwara uko biri kwose imana yabarundi basenga iracari imna yo reka turabe kuva le 26 aout ntadutwara washaka dutsibe
25 Mukakaro 2015, 14:21, par Grace
Zamugir ico mutinya urashobor kwiyadukiz ngivyabant bashaka n’Imana irabishak mbe Imana ikorera kuvyiyumviro vyabantu?nimwiremesh kk mutarayibona iriko irabah utunywafu two kwiyo minwa ivuga nab knd ntimuz mutubeshera ngo twitavy amator turisinzi kk abarundi dusanzw tuziko muri ceni basiga amajwi mumamashini aharuramajw mwica mugab mwibukak Imana izobasubiriza mundumane
25 Mukakaro 2015, 20:37, par power
Good,Imana ikundabantu bayubaha,bipfuzakubana mumahoro,mubukene canke mubutunzi,ntikunda uwipfuzako ivyiza vyobakuriwe gusa.Nukorero ukobyakwose nivyiza kuko kutagiramatora navyo nikimwe mubizana intwaro yigitugu nkuko ariyo yari yariganje muburundi.Uwumvarero atabishima nakore ivyiwe mugabo ntabeshere Imana,kuko ntamacakubiri ishaka nkuko muriko muvyiofuza .Mwishebenshi mushaka kurushiriza ngo ni 3rd term,Mbega 1988 yariki? 1993 yari mandat ya 3?Mushakubwifanyi kuko ntawe mwahekuye kera muzo ngera gutoroka,muzitware namwe ngaho muri abomwatwye twarababonye nimwtonde.
26 Mukakaro 2015, 08:57, par SOGO
Abo barundi uvuga ni bande canke iyo mana?reka tubirindire
26 Mukakaro 2015, 09:45, par BONA
AMATORA UTI YANGENZE NEZA!!! EGO KWERI!! AHUBWO IVYIYUMVIRO N’UBWENGE VYAWE BIRACURAMYE SINKUBESHA!! INCABWENGE ZA CNDD-FDD ZARAHUNZE ZOSE MUSIGAYE MURI IMPEHENSA NICOGITUMA MUHEBA MUKIBAZA KWIVYO MWAKOZE ABARUNDI N’AMAKUNGU BATABIBONYE!! UBWO SUBWENGE NUBUJUJU EKA MBERE N’UBUSAZI.
26 Mukakaro 2015, 12:01, par Lucie
Iyo mana isambanya abakecuru bababikira baba taliano ikongera ikabaca imitwe eka n’imana ya mavoka na adolph na bunyoni.
26 Mukakaro 2015, 12:03, par Lucie
Iyo mana isambanya abakecuru bababikira baba taliano ikongera ikabaca imitwe eka n’imana ya mavoka na adolph na bunyoni.
28 Mukakaro 2015, 18:20, par Fupi
Barayamaz bati amenyo aragutwenga arayaw kand bat iyo bumenyumw bwaikindi ahubwo ntibamaramara!!