Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD FDD: "Gusubira gutorwa kw’umukuru w’igihugu ni igitangaza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > CNDD FDD: "Gusubira gutorwa kw’umukuru w’igihugu ni igitangaza (...)

CNDD FDD: "Gusubira gutorwa kw’umukuru w’igihugu ni igitangaza c’Imana"

jeudi 13 Myandagaro 2015

Umugambwe CNDD FDD umenyesha ko gusubira gutorwa kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ari igitangaza c’Imana,kandi ko wemeye gushiraho Reta ihurikiwemwo na bose.

Mw’itangazo uwo mugambwe washize ahabona kuri uno wa kane igenekerezo rya 23 Myandagaro 2015,umugambwe CNDD FDD umenyesha ko amatora yatunganijwe neza,naho hari hari abarundi bamwe bamwe n’abanyamahanga bateze imitego mu ntumbero yo kunigira mu menshi intwaro rusangi.

Muri iryo tangazo,umugambwe CNDD FDD umenyesha ko bafatiye ku ntambwe imaze guterwa n’igihugu c’Uburundi,ko ari Imana yabakingiye kandi yabarinze,ari naco gituma bayiha ikibanza ca mbere.

Umugambwe CNDD FDD umenyesha abarundi,akarere n’amakungu ko Reta ihurikiwemwo n’abitavye amatora bose,hamwe n’abandi berekanye ko bakunda igihugu hisunzwe ibwirizwa nshingiro,ariko bizokorwa umukuru w’igihugu ahejeje kurahirira kurongora igihugu.

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha kandi ko ibiganiro ari nkenerwa,naho hari bamwe mu bari mu migambwe itavuga rumwe na Reta no mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike,bagomba kuvyinyegeza inyuma mu gutembagaza inzego zotowe hisunzwe ibwirizwa nshingiro.

Umugambwe CNDD FDD umenyesha ko ibiganiro bitegerezwa kubandanya hagati y’abarundi bonyene ubwoba ata mu nyamahanga avyivanzemwo.

Mu kurangiza,umugambwe CNDD FDD umenyesha ko,naho hari ubwicanyi bukorwa ku rubuga,igihugu kiri mu mutekano mu bice vyose,ariko ugasaba abanywanyi babo kuguma barikanuye kuko vyamaze kuboneka ko hari ibirwanisho vyinshi biri mu banyagihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Muhagarike gutuka Imana. Itorwa rya Kurunziza nako Nkurumbi ku Barundi ni igikorwa ca shetani si ic’Imana.

  • Iyo mana mukesha itorwa ry’umukuru wigihugu nimw yaturira isoko rya BUJUMBURA? ntabwoba muteye narirya mwacitse umutwe.

  • Iyo mana Nimw Nkuru Yatuma Guturir Isoko Niyo Itazi Amasezerano Ya Arusha Ic Arico.

  • besha amakungu sha bene gihugu ntimukitubesha ayo mada yanyu azoruhukira kumpanda

  • ASHA NAWE IYO mana KUKO JEWE SINOYANDIKA NA MAJISCULE KUKO IVYO NI IBIGIRWAMANA NDAZI NEZA YUKWATAMANA YUKURI YAMUTUMYE WE NA RUDOLUFE NA BUNYONI NGWAJE KUNIGAGURA ABARUNDI HAMA NKAGIRANTI NARORERE GATOYI LE 28/08/2015 AZOHEZA ABONE YUKO ZIRYA NYIGISHO AHAYE AKWIRAGIZA MUBURUNDI NGO ABATUTSI BAGUMUTSE ATARIZO NAGATOYI MBE BURYA KWAHENDABANYAGIHUGU BURWMYA TOUT AUTRE,PIE NTAVYOHANYUMA,RUFYIKIRI, JEREMIE NGENDAKUMANA ET BCP D’AUTRE BURYA NABO NI ABATUTSI? HARYA NGO UWUVUZE UKURI KWIBINV WESE AZOCA ACA YITWA UMUTUTSI NARORERE BUCA TUMUVUGUTIRA UMUTI MBE YANGWANO KO MBONA YAHEREYE IWIWEGA YEMWE BURYA NTIMUBONA YUKWARINAHO IZOHERERA ? KO YATANGUYE GUHITANA RUDOLUFE BURYA HASIGAYE INDE HASIGAYE INDWI ZIBIRI NGO TUMUMARAMAZE BASI NIZO NGIGWA LETA YIWE ITEMEWE .

  • EMW,NUKUR,TURAGUSHIGIKIYE,EREG,TUBONA,KURE,ABOBASHAKAKUTUCANISHAMWO,TURABIYAMIRIJE.KOMER,MUTAMA.

  • yarasizwe amavuta nka simoni petero niyirambire nkijambo ry’imana

  • Satani iyo aza guseruka yiyita Satani ntabantu aba yarajimije,ariko kugirango aronke abo azimiza yiyise umukozi w’Imana. Uwuri n’amatwi yumva natahure

  • Iyo mana mufyinisha rindira muzoyibona. S’Imana y’abicanyi

  • IMANA ikomeze irinde uburundi n’abarundi. naha tugeze atawabikekaga n’Imana yabikoze. tugumye dusenge aho yicaye iyo mw’ijuru iratwumva. ndakunda abantu bashira Imana imbere. God bless Burundi!

  • IBIGANIRO NINKENERWA RIKO NABARUNDI,TURASHOBOYE ,ABOBAZUNGU NIBATEGEKIWABU,TWABARAMBIWE,MBEGINGORANE ZIRIWABU KOZABANANIYE,? UBURUSIYA NA IKLENE KOBIRIGWA BARARYANA ABOBAZUNGU ,DATA BIG IZABAHUZA BARIHEHE ?BARASINZIRIYE?EKA DAAA! IMBERE YUGUKURIKIGA MUJISHO RYAMUGENZAWE UTANGURA GUKURIKIRIMURYAWE

  • gutorw k,umukuru wigihugu twebw abarundi tuziko atamatora yabaye.kandi hagiy gushirwah nyangoma.nkurunziza naw akab ahejeje mandat yiw.

  • Mbega Boba dd.Jewebarantangaza Kubera Iki Mugereranya Imananabantu.Mbegamwibaza.Ngo Imana Niyogufyinisha.Haryamuzumigwa.Ivyomukozevyoooose.Ngwimana.Nimurindire.Bitebebitebuke.Ivyimanamuzobibona.

  • Abagumyabanga IMANA dusenga ntisinziriye. nibindi izobikora.

  • NUKUMUTO NYENE KUKO NIWE YATABAYE UBURUNDI INYANKABURU ZARIZITANGU KUGITABAGURA,NA 2020 TURITEGUYE KUMWONGERA 2EM MANDANT, KUKO MURAZIKO 1ER MANDANT pacifique na niyombare na samantha power basambuye.

  • cndd-fdd rambaaa!!!!! umva ivyobinyagu ngonibambonimpa banyangoma nyakurwa muri twarete izuba riva amaraso bagomba kwaseseka araseseka ntakibuza hama ivyobishano vyabatutsi birekuza imizuru nkinutsi ndabirahiye bizopfa ntakabuza kandi fidelite ,vital ,kanyosha, kabizi. nabandi bakunzi ba cndd-fdd ndabasavye tugirurunani twikureko izombwa zabaguji kandi tumenyane sawa nitugire cndd-fdd.

  • Navyo nimba ari ibitangaza IMANA yama yabikoze ntabwo azoba ari ubwambere ibitanguriye kuruwo mugambwe wanyu wimbunuza.

  • Uburundi si itongo rya Cndd-Fdd canke rya Nkurunziza, oya! Uburundi ni ubwa barundi bose, bahurikira mu mugambwe umwe canke mu migambwe itandukanye. Ntibushobora rero gutwagwa n’umugambwe umwe uko tubibona uyu munsi mu nama Nshingamateka na Nkenguzamateka. Kandi bibuke ko hari abarundi baheze inyuma y’Igihugu bahunze kubera umutekano muke uvuye ku matora aciye ukubiri n’Ibwirizwa shingiro.

  • Nivyiza ko mwatsinze turabakej!!! turakej n’umukuru w’igihugu yongey gutahukana itsinzi.ariko uwatsizwe ntatsindweho!!

  • Ivyo Sivyo Aho Barahihendeye Imana Ikunda Umuntu Akunda Abandi Nkuko Yikunda Wenyene.Ahubwo Nubugombe Bwashetani Kandi Yaboheje Nabi Nibaraba Nabi Bizobahitana Banse Kurya Bikeyi None Agiye Kubura Bikeyi Navyinshi.

  • @ mumenyane muri bangahe uriyita amazina warangiza ngo mumenyane itonde iyi ni technologie 69...

  • @ Muhuza urazwineza mumenyane muri bangahe wiyita amazina worangiza ugahindura mumenyane itonde iyi ni technologie mugenzi 69...

  • uwiyita ngo nanyina wuwundi avyara umuhungu ntukwije neza mumutwe mbega haheze ibihe mutega iminsi IGIHUGU ndakubaze le28/08/2015 mwateguye iki? sha turacrindiriye tuzobamena imitwe mutangare TURI MASO TURAbarindiriye na coup d,etat zanyu muzozikubita ba so banyu kuri banyoko banyu.mwantozomwe!

  • Mbega yemwe abanka umukuru w’igihugu barikurushi ,none bazokoriki ? imbonerakure nihoziri kanditurazemera naba d. mo. b. nihoturi ndarivuze kandi ubutuvugana mpagaze imuyinga.

  • ni ya mana yo hejuru ark simwe yaremye uburundi.imana yaremye uburundi, izoza irabagaragaza buke buke.ubu umwasi wacu adolf aryamye mur frigo.nazuka duca tumwongera ipete.

  • JEWENDAGAYE ABANTUBATANGA AMAKURU BATUKABANDI KANDIBOSE BAKORESHA POLTIQUE MURAKOZE

  • TWEBWABANYESHURI BIMUTSINDA ZONE MPARAMIRUNDI COMMUNE BUSIGA INTARAYA NGOZI NIMUTUBASHUMUTSIMA WAKAWUNGA IGISIGAYE URORANIRWE MUMABANGA YAWE KUKO UMUGABO WUBWOBANYAMUNZU NIBAKUVEKO.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.