Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD-FDD: Imbonerakure yose yohanwa ku giti cayo
CNDD-FDD: Imbonerakure yose yohanwa ku giti cayo
samedi 28 Nyakanga 2013
Inyuma yaho urwaruka rw’imbonerakure rugiriye ruragirizwa n’abantu batandukanye harimwo abari mu migambwe itavuga rumwe na Leta, abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’abandi, ko Imbonerakure zihohotera bamwe mu banyagihugu, umugambwe CNDD-FDD wasohoye itangazo aho usaba ko umuntu wese akoze ikosa yorihanirwa ku giti ciwe.
Umugambwe CNDD-FDD ukaba usaba ubutungane n’abarongoye inzego, ko bohana uwagiriwe ikosa wese, ku giti ciwe, ukwo yoba ari kwose naho yoba ari imbonerakure. Muri iryo tangazo, umugambwe CNDD-FDD, uvuga ko imbere y’uko urwaruka ruwukomokamwo rwitwa imbonerakure, aba ari abarundi nk’abandi bose, kandi bakagengwa n’amategeko aganga abanyagihugu bose. Muri uyo mugambwe rero bavuga ko Imbonerakure ari ukuyifata nk’umurundi wese, kandi igahanwa yagiriwe n’icaha nk’abandi, kuko umugambwe CNDD-FDD atiriwo utuma urwaruka rwawo kurenga amategeko.
Umugambwe CNDD-FDD rero ukaba wiyamiriza abo bose bashaka kudomeka umuriro hagati y’urwaruka rwabo n’urundi rwaruka ruhurikiye mu yindi migambwe. Umugambwe CNDD-FDD ukaba usavye abagumyabanga ko boguma batekanye, bakirinda ivyo vyose vyobatuma bacanamwo n’abandi, kugira bagume bafumbatiye amahoro n’umutekano.
Twobibutsa rero ko iryo tangazo risohotse mu gihe hari hamaze iminsi havurwa ukutihanganiranira hagati y’umugambwe CNDD-FDD n’imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri. Ndetse urwo runani ADC rukaba rwari rwasavye ko urwaruka rwabo rutosubira kwihanganira agasomborotso bagirirwa n’imbonerakure, ko ubu yoba ingere ku yindi, mu gihe ngo igikubitwa nticishure ari ingoma. Ayo majambo akaba yarateye ubwoba abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, n’abandi bakurikirana ibibazo vy’Uburundi, aho babona ko ukwo kutihanganiranira gushobora kuvyara akarambaraye mu gihugu, canke kugatuma amatora yo mu mwaka w’2015 atagenda neza.
Aristide Nizigire
Messages
8 Gitugutu 2013, 04:49, par dumbuli
Nyamara Leta ikurikirane uru rwaruka rutakora amabi cga ngo rusenye aho kubaka kuko mu Rwanda byatangiye tubona birakomera abanyarwanda baramarana
14 Ndamukiza 2015, 21:13, par nininahazwe evode
Imbonera kure ntimuzifate nkabakeba b;,igihugu kuko nibo burundi bwejo.numuco wakazoza keza.