Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD FDD isaba ko ibwirizwa nshingiro ryohindurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > CNDD FDD isaba ko ibwirizwa nshingiro ryohindurwa

CNDD FDD isaba ko ibwirizwa nshingiro ryohindurwa

mercredi 29 Mukakaro 2015, par Jean De Dieu

Umugambwe CNDD FDD watsinze amatora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 21 Mukakaro 2015,usaba ko ibwirizwa nshingiro ryohindurwa mu ntumbero yo gufasha gushinga Reta y’Ubumwe nkuko vyasabwe n’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka A frika y’ubuseruko.

Ubicishije mu butumwa bwo gukeza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku ntsinzi yaronse,ubicishije ku rubuga ngurukana bumenyi rwawo,umugambwe CNDD-FDD umenyeshako guhindura ibwirizwa nshingiro vyotanga ubushobozi bwo gushira mu ngiro ivyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko.

Umugambwe CNDD FDD umenyesha ko guhindura ibwirizwa nshingiro vyotuma hatongera kuba ikibazo nk’icabonetse mu mwaka w’2005, igihe umukuru w’igihugu yipfuza gushira muri Reta abo mu yindi migambwe, abatavuga rumwe na Reta bakabihakana kuko bavuga ko bitari vyubahirije ibwirizwa nshingiro.

Ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi riteganya ko abagize Reta bava mu migambwe yaronse n’imiburiburi 1/5 c’intebe mu nama nshingamateka.
Urunani ’Amizero y’Abarundi’ rwaserukiwe na Agathon Rwasa, rwaronse ibice 21% vy’ intebe mu nama nshingamteka, ariko si umugambwe, rwagiye mu matora rurimwo abigenga.


IGIHE

Messages

  • Bagira Barihindure Acoce Yitoza 4em Manda Uburundi Bwaraziwe

  • IBWIRIZWA SHINGIRO RYACU MWEMWB ABA DD NTIMUKOREKO

  • Ibibibtu birumvikana mberekubwanje nutunditunenge turimwibwirizwashingiro bocabatwigako twose mazemukabikora muvyumvikanyeko atawuniganwe ijambo kandi nukarwiza kwamamwibuka ivyomwapfunditse kuko abanyamahanga baraduseka iyo ibwirizwashingiro ryigihugucacu usanga badusumvya kuritahura eregamwenibi abanye politike bacu biharaje vyokwigirishankana kukintubazi abandibohanze bacababona ukuri bagasigarabibazako muribijuhu kuko murijomuraharira kubintu bitaribigoye gutahura vyanditse.

  • Yoo.Aba.D.D.Bagarukanye.Ivyamoko..Nn.Ngwibwiriza.Shingiro.Rihindurwe.Nibareke.Guta.Ubwenge.Abo.Dictateur.Bicaye.Kumaraso.Yabantu.Mbega.Ntibazi.Kugira.Ribôneke.Bige.Yamakungu.Yahahoneye?Na.Amaraso.Yabarundi.Yasesetse.Bagwanira.Ubwigenge!Mumenye.Imbeba.Yarihuse.Ihusha.Umwobo..Igwa.Muruzi.Gezaho.Twarushe.Mureke.Gukwegera.Abana.Banyu.

  • Ntimute umwanya ngomurihindure nibirakunda komutwara,kuko siyo amatora!hanurwa mwumve!

  • rihindure abashingamateka twitoreye izuba riva amakungu arorera turabashigikiye de100% hama abaguji bamaramare duceturaba iyo baja ni tugire cndd-fdd.

  • mugih hari munama nshingamateka umugambw umw abanyagihugu nabo batora kugitsure ntavyo nshigikiy. ko mwatow nimukor ibikorwa vyiteramber murek kwihutira gusambura amategeko mutari mwashinz mwenyen.

  • Erega uretse ko amakungu yose yemeje ko iciswe amatora mu Burundi atari amatora yemewe, yigenga, atekanye kandi ari mu muco, n’ivyavuyemwo ntivyemewe na gato. Nta nama nshingamateka nta mukuru w’igihugu batowe bsriho kuko nta matora yabaye. Nkuko Radjabu yabivuze kuva le 26 aout igihugu kizoba citwara.
    Mbega hoho urunani rwabigenga ruremewe mw’ibwirizwa shingiro ry’uburundi? Urunani amizero yabarundi ntirwemewe n’ibwirizwa shingiro, donc, n’inama nshingamateka irimwo abatowe mu runani rutemewe n’amategeko nayo nyene Assemblee nationale anticonstitutionelle.

  • Aba ba CNDD-FDD aha ntibatunzwe n’urumogi kweri?nimurihindure mugabo haraho imva zanyu zoba ziriko zirabegereza kuko uburundi s’urwanda canke zimbabwe.mucimba shimo huingiya mwenyewe.

  • Eeeeh,RWASA yarabakenyuy kko ndazi ko iyo atitaba mwac mushiramw ba bagor banyu Concilia mukaDD na Jacqueline BIGIRADD maze mgaca mushing gouvernement!

  • MUBONABIKENEWENIMURIHINDUREKUKOMURIKWIJE ARIKO NTIBIGARUKANIMIGUMUKO MUGIHUGU

  • wewe wiyita#farcon#wewe kuvugana ishavu werekana kwanka aba cndd fdd urarondere ukuntu wobica ubamare kugira uronke amahoro mumutima ariko ntibizokunda ishavu ry’imbwa riherera mumurizo kunwa urumogi ndazi nawe urabizi mwe mwagiye mumyiyerekano nimwe mwarunwa kandi mwaranarufatanwe.ivyo binogo uvuga harubwo vyojamwo abawe.

  • karabaye baratsinz shimika turihe ama continaires ya self-volant n-ibipurizo

  • ayo namayeri kugir bahindure irya ngingo ya 302 ntakindi

  • hewe aho ntimukoreko, muratanguye!!!!!! peter agomba azoce aba umwami, turavyanse turavyanse, turavyanse.

  • Nimushinge reta iri mubihe budasanzwe nkuko na nkurunziza mwamuhaye ikiringo ca gusa muvuga yuko cari mubihe bidasanzwe ariko kwibwiriza nshingiro ntimukoreko

  • @Vyenyd
    Ihangane nta vya moko bikiri mu burundi,twese twonse rimwe turi bamwe tunuka igikakwe twese.Aba cndd bafashe ingingo yo guhindura ibwirizwa nshingiro,c’est pour le bien de tout le monde hutu et tusi confondus nkuko muri rebellions abahutu aribo benshi,si vyo none,ntugire ubwoba ibwirizwa turihinduye tuguma turi abarundi twese.
    Abantu mwese mbona mwagize ubwoba mwitwaza amoko,nta moko akiri i burundi,umuhutu arongora umututsikazi ,tout va bien ,tout roule,nimuhebene n’amacakubiri,hihihiiiiiii,hahahaaaaaa.

  • Koma Musose Sinababwiye Aba DD Ntabwege Bagira Nivyambere Ntibirahera Ubu Naho Basaba Guhindura Ibwirizwa Nshingiro. Mbega Babisaba nde?Ko Abanyagihugu Twasemereye Bakatugaya Hamwe Namakungu Bakayaraba Irarirari.Nasha Bwire Abo Ba DD Ko Aho Tutabona Imana Irahatubonera Mwanka Mwemera Iyimwaka 5 Ntayo Muzotwara.Ntimukoreko.

  • Emwe Aba D D Bagire Batangure Bimwe Biboneka Gutabagura Igihugu Muga Babigire Bitonze Kko Bizohava Bibahitana

  • Ubu naho muze musubire kuja mumabarabara mwantumva mwe! Hapa tutawaongoza hadi Jesus Christ arudi ndipo mutaelewa kwamba raia wa sasa sio yule wa before 1993!!

  • mugire musubire muvyonge? mbe abaritoye ko mwarimwo ko mutavuze ngo hindura aha? kura agahimbo ngaho.

  • Birababaje kuba witwa ko uriko ukorera igihugu nabenegihugu hama ukaba uwambere agisambura, ukavuga ngo urondera amahoro akaba ari wewe uyabuza abo urungoye, birababaje kuba uvuga ngo ugwanira ubwoko canke ntabwo urenganya akaba ari wewe ubutoteza. Mana tabara CNDD FDD iri mukaga gakomeye ikibabaje irahumye kandi izohumuka igeze mw’idamba.

    BASEMERERA NONE ? GIRA ICO UVUZE?

  • Aba DD Kuki Mwibaza Ko Muciyakenge Kurushabandi??? Mwaransibiganiro Kandi Mubiganiro Ariho Mwari Kuganinirira Ico Kibazo, None Muri Gusaba EAC Ngwibahuruhusha Muhindure Constitution!! Ntavyo Boshobora Reka Babafatire Ambargo Mugoke!! Ikizi Nuko Mukwegeye Ba Nyarucari!!!!

  • Igihe mwankira imigambwe iri muri opposition kwiyamamaza icifuzo c arico gushika kuguhindura ibwirizwashingiro?kugerageza birakunda ariko ntakizovamwo.

  • Igihe mwankira imigambwe iri muri opposition kwiyamamaza icifuzo c arico gushika kuguhindura ibwirizwashingiro?kugerageza birakunda ariko ntakizovamwo.

  • JEWE COMBONA,ABOBANTUBOSIMWOBASIRAMWO,ARIKO NKA ,EFUNERE YIYOYEKUMUSHINGANTAHE RWARA,AGATO,NAROTAZAMURETA,YARAHEMUTSE,IMANA,IMUBARI,ABIMURITA HARIKOMUSAMARAKO,NTAGENZURWA DYABAKOZIMURIRETA DYAHABAYE,NKUNZIZA,ARAZIGUTWARA,ICO,ABANYAGIHUGU BAVUZE NIMUGIKOREREKO,NTIHAHOTEGWE,UMUNYAGIHUGUMUBO,CANKEMUVYUMVA.NDAKUND,NKUNZIZA,ICONDAMUNDIRA,ARASENGA,YESASHIMWE CANE

  • Je harico abantu bibagira tanton ngo tugira duhindure ibi ejo duhindure ibindi ukamenga n’IMANA ntibibaze ko harabigize nkuko batamaze nakabiri biyitirira ibiyaga,bishira kumanoti,nibindi ariko ubuntawuzi aho bari nubuzima barimwo.so,umuntu yomenya kw,Imana irengeye vyose hama akarondera ineza kuri bose atavyaba dd canke banaka kuko ijambo ry,Imana rivuga ko uwimba icobo azogikorokeramwo.

  • Abanyagihugu turiteguye kwereka amakunguko twikukiye kandi dushoboye.Ibwirizwa nshingiro niry’abarundi;rihe abarundi beneryo baryemeze canke barihakane.Abagize akajagari umutahe nabo borondera ikindi gihugu bazojamwo kuko ivyo twarabisezereye.

  • ibwiriwza shigiro riraba twebwe abanyagihugu kuko nitwe tubona igonane ndufise nirihiduke turyemeze kuko twemeje

  • murihindura mwareka vyose Imana izobisambura vuba ntibizorama ndabarahiye! ishireho abatware bakunda igihugu, abatwara nabi basezererw umwanya wabo waraheze

  • NAHO RYOHINDUKA ARI IBIZANA AMAHORO NIVYIZA.

  • Wewe wambonerakunya wiyita #bongo#,jewe ntabwo niyita FALCON niryo zina ryanje nitwa FALCON,mbe ko imbonerakunya n’abagumyabondo muribona iryo FALCON mugasha?ntaburenganzira mufise bwo guhindura ibwirizwa shingiro mwa BIVUMWE MWE.

  • UMUTAMA WACU NYENICUBAHIRO RWASA,BAMWAKA UMUGAMBWE BIBAZA NGO NTAZOZA MUMATORA.NIBABARIRE BAMWE BAHEKEREZA IMIGAMBWE BABAFASHE.BO NTIBABAFASHIJE BAHABWA IMIGAMBWE YABANDI.

  • Burya ntibabeshe rero’ikirago kiranyerera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.