Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD na UPRONA bariko bapfa ibibazo vy’igihugu badahurizako
CNDD FDD na UPRONA bariko bapfa ibibazo vy’igihugu badahurizako
samedi 1er Ruhuhuma 2014
Umuhinga muvya poritike Julien Nimubona amenyesha ko umubano wa CNDD FDD na UPRONA umeze nk’uwamaze gutituka, ivyo bigatumwa n’ibibazo nyamukuru bihanze igihugu arivyo vyatumye iyo migambwe ibiri yahora iri kumwe muri Reta itangura kurabana ay’ingwe.
Julien Nimubona, kuri Bonesha FM ku munsi w’ejo, yamenyesheje ko intanduruko yo kudacana uwaka hagati ya CNDD FDD ari kubona umugambwe UPRONA warerekanye ko udashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Ibindi bibazo vyoba vyaratumye inyungu z’iyo migambwe zitandukana, ni nk’ikibazo kijanye n’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro, hamwe na sentare idasanzwe yegukira umurwi CNTB ujejwe ibibazo vy’amatati y’amatongo n’ayandi matungo.
- Julien Nimubona, umuhinga muvya poritike
Kubwa Julien NIMUBONA, umuhinga muvya poritike, abadasigana b’umugambwe UPRONA bari bakwiye kwikura muri Reta, mu nama nshingamateka na nkenguzamateka kugira bashobore kwicarira ibibazo umugambwe wabo ufise.
Nk’uko bibandanya bisigurwa n’umuhinga Julien NIMUBONA, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Bernard Busokoza asanzwe akomoka mu mugambwe UPRONA yari akwiye kwicarana n’umukuru w’igihugu bakaganira ico kibazo, kuko ikibanza afise yagishizwemwo n’inzego zaraye ziyamirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana.
Egide Nduwimana
Messages
1er Ruhuhuma 2014, 15:05, par Runyura aho rushaka yves
Eeeeh!cndd fdd mwimonogoje imigambwe yose isigase murabana urunuka UPRONA mutaravye neza musigaje gufugwa murarikanure aba bagabo bagajwe.(?)
1er Ruhuhuma 2014, 17:27, par Fils de papa
Ebana jew nar umu dd muga aho sindabashigkiye.aba dedé murakwiye gushra imbere inyungu zabarundi hagushra indyane mu migambwe.
1er Ruhuhuma 2014, 17:27, par Fils de papa
Ebana jew nar umu dd muga aho sindabashigkiye.aba dedé murakwiye gushra imbere inyungu zabarundi hagushra indyane mu migambwe.
1er Ruhuhuma 2014, 23:36, par nusu
je mbona peter yohaguruka agahagarika impanuro nibikogwa vyako kagwi kamuhenda nottament bunyoni nabandi kuko baramuhenda