Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD FDD urashima igenwa rya Yoweri Museveni nk’umuhuza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD urashima igenwa rya Yoweri Museveni nk’umuhuza

CNDD FDD urashima igenwa rya Yoweri Museveni nk’umuhuza

jeudi 9 Mukakaro 2015

Umugambwe CNDD FDD umenyesha ko wakiriye neza igenwa ry’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni nk’umuhuza mu kibazo ca politike kiri mu Burundi.

Pascal Nyabenda arongoye umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu avuga ko Yoweri Museveni azi kahise k’igihugu,ivyo bigashobora gutuma atorera inyishu ikibazo ca politike kiri mu Burundi.

Umukuru w’umugambwe CNDD FDD avuga ko umugambwe arongoye udahakana intwaro yojamwo bose harimwo n’abatitavye amatora nkuko vyasabwe n’inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,ariko akavuga ko hari ingingo zimwe zimwe zo mw’ibwirizwa nshingiro zitemera ko iyo Reta ibaho.

Ku bijanye no kwigiza inyuma amatora kw’igenekerezo rya 30 Mukakaro,Pascal Nyabenda avuga ko badahakana ko yokwigizwa inyuma ariko mu gihe yoba adahonyanga ibwirizwa nshingiro ry’igihugu.

Pascal Nyabenda arangiza asaba umurwi utegura amatora CENI ari nawo ujejwe ibibazo vy’ubuhinga,kugira ntibihave bituma haba ihungabana ry’inzego.


Van Naris Mugisha

Messages

  • KO MUSHIMA UWO MUHUZA,NIVYIZA KANDI KO MUMWEMERA.INGINGO ZIZOFATIRWA HAMWE,MUZOZEMERA?OPPOSITION NAYO IRAMWEMERA?TURINDIRE GATO?IMANA NIYO TWOSHIRA IMBERE GUSUMBA ABAHUZA.

  • Ibwirizwa Nshingiro Mwarihonyanze Kera. Kunyungu Zanyu Rirahonyangwa, Kunyungu Z, Igihugu Ngo Namba! Umutekano Wategerezwa Kuruta Vyose Kuko, Abantu Baheze Kubera Mwamaze Kuremga Amategeko Kunyungu Z, Umuntu Umwe Kandi Nyabenda Azobibazwa Fins Der Fins.

  • mbe burundi waragowe eac yarabuzumushi nkantahe yogena n africa yotse bacurubaza nuruyoya yoshobora guca mbe amada yabany africa azotugezahe

  • Muraraba neza nkurunziza nakuremwo akarenge kuko niwe ahagaritse vyose by by genda mahoro

  • Mwarasaze,ubu murabona ko mwebwe arimwe mwakurikije amategeko? Ingingo ziriko zirafatwa kubwanyu,uwo nawe mugomba muzane ngo n’umuhuza,kahise kahehe azi, namba azi akahise k’ubuganba acamenya n’akuburundi?warayinze mumutwe wewe,mwamuhaye amahera none ngo yoweri aze, murabesha kuko iyo mandat mwiha kunguvu ntayo muzomara itabakozeko.

  • Ariko niwumva gayemwe ngo Museveni ntibamwanka kuko bazi ko nawe iwe nta democratie ihari.Ariko icobomenya Museveni birya akora we birazwi ko arikigirwa mana cabazungu.ubwo rero ntazoreka kubakubita intahe mugahanga kwitegeko ryabazungu.

  • uwowowo yatumwe nka firipo nimba hrikindi mwishimirije ugra nigisirikare nimbonerakure gusa aho muzogra echec imwe mutazigera mwibagra.

  • Hahahahahahahahhh urwo n’urukundo rwinshi??

    Ni Mchezo Wa Ndani...

  • Ntibitangaje kuba mwamushimye.Iwe nta mandat zibaho,namwe arivyo mushaka.Hanyuma abatitavye amatora ni bande ko ata matora araba habaye recencement ya CNDD-FDD.Zirya ntebe mirongo 77 nizurunani Amizero yabarundi,kuko bobo baronse 21 batagiye mu matora.Muri 2005,abarundi babizera 100% ,muri 2010,babizera 30%,muca mwiba amatora,ubu naho babizera 0%,muca icitwa amatora (forcing election)ataho araba mw’isi ,bose babatera ivyatsi.Sha turaronse kahise abana bacu bazokwiga: l’immaturité politique du regime CNDD-FDD.Mwari mukwiye kuragira impene nivyo bidasaba ubwenge

  • Ibintu Vyotuma Haba Leta Mfatakibanza Ntawovyemera.Umukuru W’umugambwe Yabivuze Neza Cane.Amatora N’abandanye Bihangane Imyaka Itanu Ni Mike N’iba Imana Yarabasezeraniye Gutwara Igihugu Bazogitwara,Ariko Ubu Nibihangane Kuko Imana Niyo Yimika Abami.

  • Museveni ntimumugereranye nuwo nimba ali nkurunziza niba ali ki . museveni arakunzwe nabaturage be museveni yateje igihugu imbere museveni azi ubwenge . museveni nu mugabo uvuga ijambo ukumva ko ali umugabo . ntumugereranye nuwo . ngo ngo amavoka impene imbwa nibindi byinshi avuga ukibaza ukuntu nkuwo ayobora igihugu . kigatera imbere ntibishobaka wapi.

  • Abo ba DD bavuga mu7 ntawe bazi sha. Rindira azobereka. Turategereje propositions ziwe kuko kugeza ubu nta na kimwe turamenya mu vyo ariko arapanga. Aba DD co kimwe na opposition nta n´umwe mu7 akunda. Wewe arazi ico azovuga. Reke turindire.

  • Ww nimba utatoy nturumurundi w,umutima ukunda igihugu twebw benegihugu twaratoy ww uyanka nkande wa kijuju w urashobora kutugaya twebw twatoy nuko tungana ko abatatoy muri ku rushi

  • BANYAKUBAHWA JEWE ICOMBO NUKO AMATORA YOBANYA KUKO ABOBADASHASHAKAKWAMATORA YOBA TUBETURANGARA KANDI TURABENEGIHUGU.MURAKOZE.

  • BANYAKUBAHWA JEWE ICOMBO NUKO AMATORA YOBANYA KUKO ABOBADASHASHAKAKWAMATORA YOBA TUBETURANGARA KANDI TURABENEGIHUGU.MURAKOZE.

  • @lili. Museveni ni ingona ubugande yarabusahuye araburangiza. Ruswa muri uganda ni iya mbere kw’isi. Icyo asigaye ashoboye ni ugusinzirira munama. Mubugande bamuhimbye akazina (Kabaka w’abahungizi)

  • Mbese hari uwaturusha kumenya umuteramwaku Pacifique aho ari ubu ngubu.None ko yamye atanga amategeko yo kujya mwibarabara ko atakibivuga?? Ndashima Leta y’uburundi kuki i Bujumbura amahoro arahinda. Gusa bakomeze bashakishe inkozi z’ikibi zari zirongoye imyeyerekano hanyuma bazikatire 30ans y’agasho

  • Museeni niyo yasahura igihugu . niba nawe afite ibyo asahura akagira nibyo asigira igihugu nabaturage be . usahura ubusa igihugu gicungira kubusa. nibyo navugaga ko utagereranya uburundi na uganda.

  • JEWE ICO NOTERERA NUKO ABAZUNGU BATOKWINJIRA MUVYABARUNDI KUKO NABO NYENE NTITWINJIRA MUVYABO ICANBERE IWABO HABAYE AMATORA NTANUMUSI NUMWE BADUSABA ABAROREREZI NONE NDASABE KO KERA NTEGA NAMARANGARA ABANTU NTIBATURIWE AMAKUNGU ARORERA CANKE NUKO HARI INYANKA BURUNDI JEWE SABA AMATORA KUKO UWUYITABA ARAHARI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.