Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD urashima ivyavuye mu matora
CNDD FDD urashima ivyavuye mu matora
mercredi 8 Mukakaro 2015
Inyuma y’ivyatangajwe n’umurwi utegura amatora CENI ,ku bitigiri vy’intebe imigambwe ifise mu nama nshingamateka,umugambwe CNDD FDD umenyesha ko ushima kandi wakiriye neza ivyavuye mu matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka.
Umukuru w’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu Pascal Nyabenda avuga ko nkuko vyabaye mu mwaka w’2010,aho abatitavya amatora bari baronkejwe ibibanza muri Reta,umukuru w’umugambwe CNDD FDD amenyesha ko batanka ko bobashiramwo.
Pascal Nyabenda amenyesha ariko ko bisaba ko bicara hamwe bakaganira mu kuraba ingingo zohinduka mw’ibwirizwa nshingiro,gutyo baronke uko baronka ibibanza bashiramwo abatandukanye.
Mwomenya ko umugambwe CNDD FDD ariwo uza imbere mu gihugu cose ku ntebe z’abshingamateka,n’intebe 77 ku ntebe 100 zitegekanijwe.
Van Naris Mugisha
Messages
8 Mukakaro 2015, 07:19, par Scott
Ariko none nkawe gamutama ubona ugomba uzozire iki? Aho urajangaho ukabona ko ari amahigwe? Ivyovyose mubikora basemerera mugabo ejo aho bukera uzorira utagira gitabara nabo murikumwe.
8 Mukakaro 2015, 07:32
rindira gato mwabicany mwe twipange muiheze murabe muzotwara mukamenge ningozi
8 Mukakaro 2015, 11:19, par nduwimana
Mutama turashima ubwitonzi nta ngere ufise.Twebwe abanyagihugu turabashigiye muzororanirwe kwibi byi caro ubu naho turindiriye ko hagera tukitorera umukuru wigihugu.
Uwo nawe atukana kuvuga nabi imana ntibikunda.
8 Mukakaro 2015, 11:27, par NDUWIMANA
NYAKUBAHWA NYABENDA AHUBWO TWEBWE TURIKO TWITEGURIRA GUSHITSA ISEZERANO ITARIKI 15 MUKAKARO AHO TUZOKWITORERA ABADUTWARA.
8 Mukakaro 2015, 14:29, par king
Aaahh. Ariko nyabenda. Nn. Wewe. Urakomeye. Gitware. Tuzorabe. Ahuja. Mbe uzohembwa. Nandeko. Ahowakura. Imfashanyo. Nibiturire. Bahugaye. Kwamasoko mwayaturiye. Ahubwo. Nukwiremesha. Rindira. Tubuce. Tubamesa. Nkuko. Mwabivuze.
8 Mukakaro 2015, 18:11, par Kanyosha
Mukuruwumugamwe CNDD FDD ukwonyene wabonyetwahagurutse tujagutora abobama komine nabashingamateka kumukuru wigihugu niwabona twabayebeshi ntibizogutangaze kuko hamazimisi abavukanyibacu baribahungiye TZD na RDC bagaruka kubwishi kwitorera umukuruwigihugu. Nukworero bavuga dutora dutora dusenga ntituzigera duhinduka.
9 Mukakaro 2015, 05:25, par ALLEXIS
NIPETERO NKURUNZIZA NTAWUNDI.DUSHAKAKOYOBA PEREZIDA.MURAKOZE
24 Mukakaro 2015, 16:11, par Jonas
Nukuri nivyi cane hamwe boza bakicara hamwe bakagabura izontebe uko zabonetse kumbure nabahunz’igihugu bogaruka.