Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNDD FDD isaba umuhuza Abdoulaye Bathily gutanga imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD FDD isaba umuhuza Abdoulaye Bathily gutanga imihoho

CNDD FDD isaba umuhuza Abdoulaye Bathily gutanga imihoho

lundi 6 Mukakaro 2015

Umugambwe CNDD-FDD usaba intumwa idasanzwe ya ONU mu karere ka Afrika yo hagati, akaba n’umuhuza mu bibazo vya politike mu Burundi Abdoulaye Bathily gutanga imihoho.

Mw’itangazo ry’umugambwe CNDD-FDD ryashikirijwe na Gelase Ndabirabe umuvugizi w’umugambwe, uwo mugambwe umenyesha ko Abdoulaye Bathily atigeze agomba kwimenyekanisha ku nzego z’igihugu.

Umugambwe CNDD-FDD ukamenyesha kandi ko Abdoulaye Bathily yagerageje kuzana indorerezi z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi MENUB gukurikirana amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka.

Muri iryo tangazo,umugambwe CNDD-FDD usaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU gusubiriza umuhuza Abdoulaye Bathily kuko yahonyanze ukwikukira n’ubwigenge bw’Uburundi.

Mwomenya ko Abdoulaye Bathily agize uwa kabiri yiyamirijwe, inyuma y’aho Said Djinnit nawe yiyamirijwe n’imigambwe itavuga rumwe na Reta hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike.

Messages

  • kananira abagabo ntiyimye. ngobarikuki? 66%yimsharayabakozi iracavahanze none ukokwikukira,si yo ONU nyene 1962 yakwemeje? tubitege amaso.

  • Inkona Yarika Mugitihejurucane Kandi Ntiyaruzwa Iyobaciye Igiti Yaritsemwo Kikarwa iyigize Ngiguruke Yicwa Namatabiyacagiti Kubero Akanyaro Kandi Umushumba Yatanze Nyeninka Gupfa Ivyo Usene Rajabuyavuze Arimumpimba Bizoba Yavuze Ati Nibagure Mpimba Kuko Abarinyuma Nibenshi Igihe Ubutsetsi Bwa Cndd fdd Buzorangirira Harihobenshicane Bazicara Aho Rajabu Yarari Ntumuzitwaze Ngo Ninaka Kuko Abavyanze Barihungiye Ntuzorye Ivyumugayo Anyagîhugu Ntibacemera President Narek

  • Noneho karabaye mwashaka ahengame?muramwase ntawundi bazorungika bazobarungikira bimwemwamenyeye biturika ariko NYAMUBURA IKIMUHANURA NIWE NYAMUBURA IKIMUHAMBA Murakinishije UN nkuko mwamenyeye Ile michezo yandani?????????watawaonyesha muchezo wao wao siyompira Mutakuja kujuta.

  • NYAMBA ARUKO ARIKO AKORA NATANGE IMIHOHO KUKO NTIVYUMVIKANA .
    KANDI IGIHUGU CUBURUNDI NTIGITWARIRWA MU MAHANGA KUKO GIFISE INTWARI ZIBIKWIYE KANDI ZIBISHOBOYE NKA NYAKUBAHWA PETERO NKURUNZIZA.

  • Birabagoye kumbura mwihane, mwakire Yesu we muhuza w’abantu n’Imana.

  • KUMUHUZA WAMBEREBAMWANSE NUWUNDI BAKABABAMWASE NONEBAZOVYISHOBORERA ? HASIGAYE AHIMANA YONYENE

  • Burya aba dd ijambo bita ibiganiro bamye bataryumva ,ico bagomba nugusamaza abo muri oposition be namakungu,kugirango bibandanirize inkinamico yabo ngo n’amatora nibaheza bace bavugako abanyagihugu bihitiyemwo atawobavuguruzo ,gutyo abarindiye ibiganiro amaso azohera mukirere ,muzoba mumpinyuza

  • NTAVYANYU MURIKO MWITOZA UTUNYONI KUGIRA AMATORA ABE INYAKA KUBWIRWA YABWIW NUK AMASO ATUKUYE

  • nuko abanye politike boreka intwaro yatowe nabanyagihugu yorangiza ico kiringo gisanzwe kizwi>
    kirangiye bose bakaja kwiyamamaza uwushimwe bakamwongera canke arushijwe uwutsinze agatwarira bose Amahoro akaguma asasagaye atakugumura abantu.

  • NONE BAMWANKIYE IKI UWOMUHUZA .EWE IVYOMUBURUNDI BIRAGOYE .NIVYA ABARUNDI NYENE

  • @Ntaco eric
    Numva nezerewe niyo nkuru,abatutsi muraja ngaho umwanya wose ni non,ni oya,amakete àgauche àdroite mwanka ibi na birya,natwe rero turamwanse,n’uwundi azoza nawe azoze yitonze nawe tuzomwanka,on va faire comme vous,vous n’avez pas le monopole yo gutera akajagali,vyose natwe tuzobica amazi ikivyimvye kimeneke bandes d’assassins.

  • Abarundi turagoye,hasigaye ah-Imana gusa canke ah-umuheto.Ab-Imana izobashirako ikimenyetso cayo,ntaco bazoba,ariko

    abahungiye ku Sekibi,ngwaho!!!!

  • Agasozi Karamarere Kahiy Abagabobabona.Nibareke Gukinisha Abobahuza.Uyo Peter Nawe ???

  • "Ugutwi kw’impene kumva kubabuye"non nka Gélase NDABIRABE ninde yokwitega k’avuga ikintu cubaka?mumutw iwe hariyo kwica gusa,Nkurunziza umugambw aturukamwo uriko umuta m’urudubi,iconzi nuko umugambw cndd-fdd utarusha inguvu kaddafi,mbega abanya AFRIKA mwese kuney kwemera mwiboneyeko?"agasozi kari amarer kahiy abagabo babona"

  • Ibitangaza!mbega cndd fdd yarigeze imwitaba hoho kugira twumveko yahengamye mubiganiro bariko baragirana?cndd fdd yamwanse atarashika ntagitangaza kirimwo.ariko agasozi k intahanugwa kahiye abagabo babona!leta niyaba ikunda abanyagihugu niyitabe ibiganiro nayahandi izokwibuka kubogora yasheshe.

  • Non’aho pita yirukanye uwo muhuza ,yibaza se ngw’azokwigera aronka umuhuza azomushigikira ngo yitoze ubugira gatatu ivyo ntamuhuza numwe azokwigera .abimwemerera. Yari CINDOREJE DANIEL ari muri KENYA.

  • heheee...uwo mutama mwiyamiriza azobavuga nabi,ntimwomureka!!

  • Ego, vraiment mushize mukur.nubundi yaje asa naho afise ahengamiye.biranum vikana joyari kuruhand rwabatavuga rumwe nareta y’uburundi.nyumvir namwe ngonamator yabaye kandi nabenewabo bomur ONU.jew ubwanj narabbony mu kamenge.naba cameraman. Ahah! ivy’uburundi sishaha.mpaka imana yonyene. Dushaka umuhuza ahuza vyukur tuve mundyane turimwo.atiger ahengama nagatoyi.

  • Mana Dukize Iyidayimoni Yukutumvira Abahanuzi!Ijambo Ryimana Ryoku 28 Niryoryavuzi Riti Mubumvira Canke Mutabumvira Mumenyeko Hagati Yanyu Harabahanuzi!Uwurinamatwi Niyumve!Dutabare Mana Mushobora Vyose!

  • cnndd fdd nitange igihugu ataruko naho baraduca umutwe

  • HA UMUHUZA WAMBERE BARAMWASE UWUMUSUBIRIYE NAWENYENE BARAMWASE EREGA NIYOYAGENDA NTAWUNDI TUROZORONKA NIMURABAYOTUGOWE NYAMUBURIKIMUHANURA NIWENYAMUBUKIMUHANURA

  • cnndd fdd nitange igihugu ataruko naho baraduca umutwe

  • cnndd fdd nitange igihugu ataruko naho baraduca umutwe

  • ryuuuuuu nimumaramarire hiyo mutinya ko amanyanga yanyu abatekurukana!Imana irabona ayo mugoje Abarundi sha ivyo mwigira vyose!!!

  • Emwe muri barujongo,barukara pe.None gutwara bibananiye,muca mutuka nabo mutega amashi. Mbe ONU murayizi? Souveraineté d’un 3ème pays pauvre au niveau mondial pourquoi pas le premier le 1er n’iyihe? Reka incabwenge babihere iryinyo. Usanga mufise ubumenyi mu kwica,nokurasa abana,abakecuru,nizindi nzirakarengane.muragapfa.

  • Nukumenya ko ataje kugira ashigikire umygambwe uyu cnk uriya arik ONU yamutumy mu Burundi kugira avuge ataho ahengamiye!!ndi umugumyabanga kandi wo kwitsitso ariko sindota nshigikira ibiriko bikorwa na Nkurunziza hamwe n, akarwi kamuri inyuma.

  • Uwanditse iyinkuru yibaze mukuyi tekinika bituma abasoma abaroga! Mutigute? Ugiye kuruhome wikinyamakuru caba DD citwa cndd-fdd.org ntihanditse nkukoyavuzengo’ uwomuhuza ngontiyabanje kujakwishikana cankekwiyerekana munzego zigihugu sukwovyandi. Baranditse bavugako’ Umuhuza yaje ntiyanabanza kuja kuramutsa umukuru wigihugu atahubwo yaciye yitangurira kwigira kwibonanira nabaserukira ibihuguvyabo, nokwibonanira nabanye politike etc. Mutigutekenika birihe? Uyumwanditsi yanditse Ngo kujakureba inzego zigihugu bisigura kuzunguruka ahantuhashi, Kunama Nshigamateka, nokunkenguzamateka, kumuhuza wabarundi, kubashikiranganji batandukanye etc. Ariko ada DD baravuzeko imbere yogutangura kubonana naboyatanguye kuganiriza yarikubanza akaja kumenyesha serugo umukuruwigihugu koyamaze gushika mu Burundi. Numukuru wigihugu ntibanditse inzego, burya inyandiko uyikuyemwo akajambokamwe ushobora kubuyikuyemwo akanovera kayo.

  • emma

    muramurabe uwomugabo nukuza kwiwe twarakubonye, ataramara nimisi yashitse abonana na bamwe mubapinga reta gusa atanuwa reta arimwo rero ntacotuma ata bahengamirako mugabo turamubona ivyoyikoza vyose, nyamba vyamunaniye natahe ntazi guhuza icarico.

  • Ipfupfu.Ryimende.Ribonekera.Muti.Vyurugo.Abadede.Mwarapfuye.Amaraso.Mwikoreye.Amganiki.Ngumuhuza.Ntimumushaka.Aho.Rero.Mwabuze?Ingene.Mubigenza.Yase.Vyabiturire.Vyanyu.Urya.Arasenga.Kandi.Arazi.Amahera.Ntatwagwa.Ninda.Nkamwe.Amahera.Leta.Yabarihiye.Yapfuye.Ubusa.Mbe.Bige.Yareta.66kwijana.Ntava.Hanze?Yemwe.Ingero.Yumwana.Ipfa.Amagodoka.Mbega.Ko.Mwitwaza.Umugambwe.Nkurumbi.Atwara.Igihugu.Canke.Atwara.Umugambwe.?Nimba.Atwara.Igihugu.Manda.Yaraheze.

  • Haha leta y’uburundi irabaye nk’umwana yahiye mu kwaha.none izohanurwa nande?nimba uwo muhuza yarahonyanze amategeko y’abarundi,cndd fdd ikamusaba ko yotanga imihoho ,reka dusabe n’abahonyanze amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro nabone batange imihoho vyihuta.imbere yo gutosora ikiri mu jisho rya mugenzawe ubanze witosore iryawe.

  • Ahubwo mwar mwatevy kumwiyamiriz nn nukuber iki yatangur kuramuts ba pacifiqu hoyociy kurumuts presid nn pacific niw atwara igihugu?ahubwo narab ateker agend agayan nka ba pacifiqu

  • ASHA EGOME PETER NIZO MBONERAKURE ZAWE NIMUBE MURATERA IGERE RYANYUMA KUKO NATWE AMAKUNGU NATWE MUMISI MIKEYI CANE BUCA ADUHA ZA LANCE ROCKETS NA ZA BLINÉS NAMA MITRAILLEUSES NKA KUMWE ADOLPHE NA KAZUNGU MWABIKWIRAGIJE MUMBONERAKURE MUGA IKINTANGAZA NUKO PETER ATABONA YUKO BURYA CNDD-FDD IZA YARAMAZE GUSAMBUKA EGA BURYA HUSSEN RADJABU HARYA WAMURENGANYA ABO MWAGENDANYE BA GODEFROI NA BA RUFYIKIRA NABA TOUT AUTRE WIHENDA YUKO BATARI BAHAYE BAKURABA ASHA WEWE BUCUKUBITWA IZO MUMATWI NKA LAURENT Gbagbo KANDI NTAHO UZODUHUNGIRA NTANKEKA TUZOGUTOZA IMINWE TU HAMA TUGUKATIRE URUKUBEREYE NAKARWI KAWE KINKORABARA!

  • Undi mu General muntwaza miheto zuburund’ ahejeje kwemeza k’ ahasigaye batanguye gutegur’intambara mukugondoza nkurunziza. nkuko bivugwa kuri wwww.afrototality24.com. ngo muminsi yavuba hagomba hatangur’intambara kandi. S’amahoro twaronderewe na Mandela barahaze none bagire batangure kuyakina ruhago. Peter, niyombare hamwe nabandi bansi buburundi ibyanyu bizorangira nabi.

  • SHA NANJE KUVA URIYA MUJENERAL YAVUGA KO ARIBO BAMAZE IMINSI BICA ABANTU NGAHA MUGISAGARA NUMIWE, AHUBWO RETA N’UBUTUNGANE MPUZA MAKUNGU NI BABAFATE KABISA. KUKO BAVYEMANZE KUMA TELEVISION MPUZAMAKUNGU N’AMASANAMU ARAHARI NTABINDI VYABONA BIKENEWE.

  • Nkuko abiyamirije Djinnit bemeza ko bari bafise imvo ziboneka niko n’ubu bimeze kubiyamiriza Bathily na cane cane nk’akarorero na EAC yaremeje ko ivy’amatora yo ku wa 29/06/2015 yagenze neza ariko we uravye ivyo avuga ntawuzi amatora yakurikiranye ayariyo. Nivyo rero nagende nta mugabo atamikwa ijambo. Adashobora no kwemeza ivyo yiboneye we nyene yoshobora kuba umuhuza w’abarundi mu myaka tugezemwo? Mwenabo twarabonye ico bamariye abarundi Ku ntwaro za ba Micombero, Bagaza na Buyoya. Ubu rero harageze ko umurundi wese avyiyumvamwo atari ba kavantara canke ba nsumurinda ahaguruka akagwanira ubwigenge n’amahoro vy’igihugu catwibarutse kuko umengo hariho abarundi bamwe bamwe bagomba kudusubiza Ku ntwaro za gikoloni. Imana ibaturinde nk’uko yasanzaje imbuto z’abihenda ngo barazivukana.!!!!!

  • Ariko Imana ntiyodukurako abo bicanyi ba ba DD na chef wabo NKURUMBI!
    Commauté internationale iyo hageze gutabara les peuples ntiboneka mugabo mugabo hageze gusahura no kubaryanisha , ntibatangwa. Bazoboneka batuzanira ibirwanisho vyo kumarana.

  • Jewe Ico Mbona Ko Banse Abahuza Bose Onu Irazi Ingorane Ziri Muburundi Nifate Ingingo Yanyuma Hagowe Twebwe Abarundi

  • Umvenkuyumuntu yiyise weit and see , Womenga avuze umusirikare arimugihugu urinkumuntu utasomye ngumenye uwoyabivuze wocutangura kugirira amakenga abasirikare bigihugu wibaza ngondegayemwe yabivuze! Ariko vyavuzwe nabanwe batoroka kudeta ibapfanye kukoyavuzeko aribo baribamazimisi batera amagranade , ivyo ushakakubimenya somakukinyamakuru comurwanda gisanigifasha uwowese atavugarumwe na reta yu Burundi mukumuhijamwo (igihe.com)

  • NAGOMBA NDABABWIRE MURABE IBIRIHEJURU IYOKRISTO ARI NTIMURABIVYOMWISI

  • none ga uburundi gihava kiba igihugu nka somaria,ewe mana niwibuke igihugu cacu.

  • Il faut dire àBathiiy qu’un diplomate mandaté par l’ONU comme médiateur n’entre pas dans un pays indépendant comme un professeur de droit entrant dans une classe de BAC I.

  • Ibisaka vy’imbwa birabashany,non k’umuhaza n’abakuru bibihugu bo mukarere bavuze rimwe,ubunaho bitwaza iki?inkona ntiyarugwa ariko hariho ikiyihuta,sisi hatufanyi mchezo wa ndani tunafanya mchezo wa nje"asiye sikia la mkuu huvunjika mguu"

  • WEWE WIYISE HElly EGA MWARAHUMIWE NTIWAHEZA NGO UBIMENYE NTUZEWE! MBE BURYA PETER WE URACAMWITA PEREZIDA HAHAHA NI RWAWE JEHO NTANTWARA KANDI NTAZOSUBIRA NUKUNTWARA HABE NAMBA KUKO MANDAT GWIWE IZA YAIEZE BUCA ACIKA INFUNGWA HARYA MWIBUYE KUMUSAGA MBE WUMVISE YUKO INTWARAMIHETO ZA GODEFROID NA CYRILLE NDAYIRUKIYE BUCA ZITANGURA INGWANO YINDWI IMWE IZOCA ITEMBAGAZA PETER NAKARWI KIWE? KUMBURA UTE WOMOKESHA UBU UYE UBURUNDI BURAMUTSWA BA PACIFIQUE, GODFROID N’ABARYA BOSE BIYAMIRIJE IKIRINGO CA 3 KIZA GUHONYANGA AMASEZERANO YA ARUSHA!

  • CNDD FDD KOMERAKWIBANGA, MPEJE GUSOBA INKURU YASOHOTSE KURI BBC IVUGAKO UMWE MURIBAMWE BAGERAGEZA GUTERA KUDETA YAVUZEKO ABARI MURIRUYA MYIYEREKANO BARIKUNWE NABARYABAGERAGEJE GUTERA KUDETA, DNDD FDD SIMBIMANGA, UBURERO TURAFISE AMAZINA YABARIBASERUKIRA IRYAMYIYEREKANO BARIBARARAHIYE BARARENGWA BAVUGAKO BATARINYUMA YABARYA BARIBAGERAGEJE GUTERA KUDETA BASHA RINDIRA TURAJE TWAMBIKANE MPAKA.

  • Abarundi Twarahaze Intambara Uzoyizana Izomuhitana

  • Ibisaka vy’imbwa birabashany,umuhuza n’abakuru b’ibihugu bo mukarer,bavuz rimw,ng’inkona ntiyarugwa?har ikint kimw kiyihuta,sisi hatufanyi mchezo wa ndani, tunafanya mchezo wa nje "asiye sikia la mkuu huvunjika mguu"

  • MUSHIRIMITIMA KUBIRIHEJURU IYOKRISTAR MUVEMUVYISI

  • NIBAMUREKE UWO MUHUZA NIWE WA VRAI IMVUGAKURI NKIYO NIZO ZIKENEW,

  • je nibaza KO abarundi turushe kuko nta kibabaza nko guhunga umuntu nkawe,umurundi nkawe kuki ikiryoshe Ubu twese tur’abarundi bananijwe n’abansumirinda ari bo bâ nye politik aho umengo ntibabumbwa nivyo bafisr ntibohungira mû Mana yo nyene amahoro Ikabaha kubumwa n’ivyo baron se Hama aga cadeau ariko le Burundi Imana yatwiheteye tukakabanamwo amahoro.muze turek kwiyanfuza n’yo ma critiques tureke Imana yo ida àur ànkunzi ab’ari yo ishitsa ubugombe bwayo kuko niyo yonyene MWIZIGIRWA gusa

  • WEWE WIYITA INNOCENT NAGOMBA NDAKUMENYESHE YUKURI IKIJUJU CA CANE! HEWE NGWIYO BUBUBWUMWE BWARI IKINDI! UTI UWUZOZANA INTAMBARA NGWIZOMUHITANA POLE SANA KUBERA YUKO NIWE IZOHITANYE NA PETER NAKARWI KWIWE KIBISUMA NINKORABARA MBE BURYA UZOBA AYIKWEZI NINNDE? NAGIRA NI PETER WE AGOMBA GUHONYANGA AMASEZERANO YA ARUSHA! NTAGISIVYA PETER ARARASWA!

  • CNDD Ushaka Abavug Rumw Naw Gusa? Abo Mundahuz Imvyiyvr Nugucish Kubuhombo? Abarundi Muratunzeha Amanyanga Yanyu Yadushishe

  • sha iyomuva kuberamadayanyu adahaga mwatononey umugabwepe

  • Nimuze dusabe Uhoraho yirobanurirumurongozimwiza nitutasengatuzobonivyago

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.