Accueil > Poritike > Imigambwe > Itangazo rya CNDD FDD inyuma y’ingingo za sentare yubahiriza ibwirizwa (...)
Itangazo rya CNDD FDD inyuma y’ingingo za sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro
mardi 5 Rusama 2015, par
Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umugambwe CNDD FDD, inyuma y’ingingo ya sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, uwo mugambwe uvuga ko Abagumyabanga batihenze, babanje gushishoza mu gushira imbere uwo bashaka.
Muri iryo tangazo rya CNDD FDD, bagiriza abanyeporitike hamwe n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, ko bashatse guhahamura Abagumyabanga, mu kubajuragiza kugira bibaviremwo guhitamwo nabi, no kwihakana uwobazanira intsinzi yo mu mwaka w’2015. Uwo mugambwe ukavugako imyiyeyerekano, yahavuye ihinduka imigumuko, aho bavuga ko yahavuye ifata isura mbi y’amacakubiri, yibutsa ivyabaye mu myaka y’1994 n’1995.
Umugambwe CNDD FDD uvuga ko ibiriko biraba ubu, ari ikurikirana ry’ibikorwa vyo kwanka amatora. Umugambwe CNDD-FDD urashima inyifato yaranze inzego z’umutekano muri ibi bihe bidasanzwe; zarerekanye ko zidatinya kwitanga mu kurangura akazi zijejwe ko gukingira abenegihugu.
Tukabamenyesha ko abari mu myiyerekano biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza nabo, bavuga ko vyama vyashitse ko inzego za Reta zihenda mu ngingo zifata. Uwahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana umugumyabanga wa CNDD FDD aterekwa ico kiringo ca gatatu, abivuga, ati :’’ Abanyagihugu nabo, barafise ububasha bwo kwanka ingingo mbi ziba zafashwe.’’ Asaba ahubwo abari mu myiyerekano, kubandanya banka ko Petero Nkurunziza yokwitoza ubwa gatatu, binyuranye n’amategeko y’Uburundi.
Ku kibazo c’amacakubiri umugambwe CNDD FDD uvuga ko kiranga imyiyerekano, abahoze barongoye Uburundi nka Sylvestre Ntibantunganya, Domitient Ndayizeye eka na bamwe mu barongoye imigambwe nka Agathon Rwasa arongoye FNL wigenga, bavuga ko imyiyerekano irimwo bose, abahutu, abatutsi, abatwa, abakuze n’abato. Bakemeza ko iyo myiyerekano itoraba namba ubwoko, kuko amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa nshingiro,vyegamiye abarundi bose atagucagura.
IGIHE
Messages
5 Rusama 2015, 17:13, par titi
hahah iri kete ryanditswe kera biraboneka
5 Rusama 2015, 17:19, par NDAVUGASIMVURA
reka kwidigadiga bagenzi akanyu kegamye.
5 Rusama 2015, 18:15, par abdhara
mbabajwe na opposition yananiwe gutegura amatora ngo ni ikiringo ca3,none amatora abagereyeho bashobora kuzabona 0.025%.
6 Rusama 2015, 00:36, par Nuwera
CNDDFDD JEWE NDAYIKUNDA NUMUGAMBWE MWIZA WA BAGUMYABANGA.
6 Rusama 2015, 11:20, par kirokira
pole mwese. none nimba opposition izoronka ubusa bibabaje kwiki mw’abana bo gupfa rubi? muzokubitwa inkoni nkiyo herode yakubiswe, muturike inyo amahanga abaraba. mwama munezerwa nugusesa amaraso yabo mwonse rimwe! babigisha amacakubiri, aho kubigisha ubumwe. mufise amaso ntimubona, mufise amatwi ntimwumva!
6 Rusama 2015, 17:37, par Hamisi Boase
Ntibitangaje reonidasi abo bamuhenze nibo bazo mwica ntibantunganyawe akumbuye ubuhungiro ndayizeyewe turazi ivyiwe gwasawe agomba gusoza