Accueil > Amakuru > u Burundi > Jean Marie Vianney Kavumbagu na Lucie Nyamarushwa basubirijwe mu murwi (...)
Jean Marie Vianney Kavumbagu na Lucie Nyamarushwa basubirijwe mu murwi CNIDH
jeudi 21 Myandagaro 2014
Inama nshingamateka yaremeje kuri uwu wa kabiri amazina ya babiri bagiye kuja mu murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu. Abo babiri basubiriye mu kibanza c’abandi babiri barangije ikiringo cabo.
Abo batowe ni Gamaliel Nkurunziza yahora ari icariho c’umushikirizamanza mukuru akukira sentare isubiramwo imanza mu ntara ya Ngozi. Uwundi yatowe n’inama nshingamateka ni Joséphine Niyonzima, bompi bakaba basubiriye mu bibanza vya Jean Marie Vianney Kavumbagu na Lucie Nyamarushwa barangije ibiringo vyabo.
Kavumbagu Jean Marie Vianney yahora ariwe arongoye igisata kijejwe gukinga (sous-commission Protection), mu murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu.
- Jean Marie Vianney Kavumbagu
Lucie Nyamarushwa nawe akaba yahora ajejwe gukingira agateka ka zina muri uwo murwi (sous commission protection des droits de l’homme)
- Lucie Nyamarushwa
Egide Nduwimana
Messages
22 Myandagaro 2014, 11:51, par BURUNDI BUHIRE
mweho igire amahoro ubutwari bwanyu tuzobuyaga kandi iyo muzoja muzokore uko ariko tweho mudusize tugowe.abaje kubasubirira si nkamwe