Accueil > Amakuru > u Burundi > CNTB: Umugwi wo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo urabandanya (...)
CNTB: Umugwi wo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo urabandanya gukora igikorwa cawo
jeudi 24 Nzero 2013
Umugwi wo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo ugiye gukura Nyakabeto Justin mu nzu iri mu Ngagara quartier ya gatanu inomero 48-49 asanzwe ayibamwo ubu.
Ivyo rero bikaba bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’ingingo NoRC1360/012 ryo kuwa 27 Myandagaro umwaka w’2012 ijanye n’impari ziri hagati y umuryango wa Mpitabakana Stany hamwe n’uwa Kayibigi Bernard.
Kubwa Nyakabeto Justin,ngo naho agomba kwirukanwa muri iyo nzu,yayironse biciye m’ubutungane kandi ko afise n’impapuro zivyemeza, akaba asaba rero ko ubutungane bwokwubahirizwa.
Ababanyi biwe bobo bakaba bemeza ko iyo nzu ari iyiwe kandi ko yayiguriwe n’ibanki y’igihugu y’iterambere ry’ubutunzi BNDE.Kubwo abo babanyi rero ngo ingingo zifashwe n’umugwi wo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo ntizoca zitera zija mu ngiro kuko bishobora gutuma havyuka ingorane mu miryango.
Joel Sengurebe