Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Colombiya : Umukuru w’igihugu arasigura imvo zatumye yigirako umwanda muto (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Colombiya : Umukuru w’igihugu arasigura imvo zatumye yigirako umwanda muto (...)

Colombiya : Umukuru w’igihugu arasigura imvo zatumye yigirako umwanda muto mu bantu

jeudi 20 Ntwarante 2014

Inyuma y’aho abatari bake muri Colombiya bumiwe babonye umukuru w’igihugu wabo yigizeko umwanda muto mu bantu isinzi, bariko barumviriza imigabo n’imigambi yiwe mu kiringo co kwitoza ubugira kabiri kugira arongore Colombiya, Juan Manuel Santos yasiguye icatumye ivyo bimushikira.

Amenyesha ko asanzwe agendana indwara ya kanseri yo mu bihimba vy’irondoka vyiwe. Igihe yariko arashikiriza ijambo, akaba yafashwe amasanamu ariko arigirako umwanda muto, kandi ntiyahagaritse, kuko uruzingi runini rwarabonetse ku mpuzu y’ibara rya kaki yari yambaye. Umukuru w’ico gihugu ca Colombiya w’imyaka 62 y’amavuko, akavuga ko yababajwe n’abantu bagiye barakwirakwiza amasanamu y’ivyamushikiye, nk’aho umenga yabigize abishaka, ndetse hakaba hari n’abanditse amajambo yo kumutyoza kuri ivyo vyago vyo kwigirako umwanda muto vyamushikiye. Asigura ko ivyamushikiye vyatumwe n’amagara yiwe atifashe neza, kuva aho abaganga bamubagiye ibihimba vy’irondoka.

Nayo abariko barakamisha ivyamushikiye na cane cane imwe mu migambwe itavuga rumwe nawe, mu kumenyesha ko amagara y’umukuru w’igihugu yifashe nabi kanatsinda yagize ibidakorwa, mu kwihagarika mu mpuzu yambaye ishengero ry’abantu rikinje, ko atoshobora kurongora igihugu, Juan Manuel Santos avuga ko ata ngorane n’imwe afise, amagara yiwe yifashe neza cane, naho vyashitse akiyonona mu bantu, atacobuza ko abandanya arongora igihugu mu kindi kiringo c’imyaka ine iri imbere.


Aristide Nizigire

Messages

  • nibamureke uwo mukuru w’igihugu nimba vyamushikiye kubera akarwara s’amakosa kandi ntawutarwara. mbe abarwaye mu mitima yuzuye ikibi n’ukwikunda ntibariho ko batavurwa? abanyagihugu biwe nimba bamukunda ku burongozi bwiwe ivyo ntaco bitwaye namba. abo bahiganwa nabo ntagitangaje kubona bamurtyoza bagomba kumukurako abanywanyi bitwaje ivyamushikiye mugabo bo hari naho bogira ibisumba ivyo yagize bivanye n’indwara bafisewe yakoze ivyoroshe. ahubwo ndamwipfurije imigisha.

  • ariko yarambay’ibara yemwe! none nkaho abo bahiganigwa ikibanza bari kureka kumurtyoza gute? bategerezwa kuboneraho kumurtyoza nyene.

  • ntagishoboye kuyobora nabise abandi ntabona ko yakoze ibitera soni najye kuruhuka aronke akanya ko kwivuza

  • kandi niwe bivugwa ko yofashije abayobora Uburundi kutanga amafaranga yokugira referandumu...none nawe yisovyeko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.