Accueil > Kwidagadura > Komedi > Comedy Knights, iminsi ibiri ibica bigacika i Bujumbura
Comedy Knights, iminsi ibiri ibica bigacika i Bujumbura
dimanche 24 Ntwarante 2013
Amosozi adaturutse ku bubabare, ugutonekara mu nda bidaturutse ku ndwara, udusonga tutababaza n’ibindi bishobisho, nivyo umurwi Comedy Kinghts warumaze iminsi wereka abanyabujumbura baje kuwurorera kuri uyu wagatanu n’uwagatandatu twaraye turangije.
Mu nyubakwa zahahoze hitwa “ikigo ndangakaranga c’abafaransa” no mu bunywero “Buja Arts”, uwo murwi w’imisore icumi iba mu Rwanda wararemesheje ibiteramo. Ico bakoze ni ugutwenza abantu bakoresheje ivyese bigufi bigufi bikunze kwitwa “stand up” mururimi rw’icongereza.
Comedy Knights akaba ari umurwi ugizwe ahanini n’imisore y’imiyabaga. Abakina ni 7 n’abandi 3 babafasha mu myiteguro, kumenyesha amakuru y’umurwi no gufata amasanamu yawo. “Mu vyukuri mu murwi turafise umukobwa umwe, Alice, ariko ubu ari muri Canada”, Michael Sengazi niwe abimenyesha.
Buri wagatanu wanyuma w’ukwezi, uwo murwi uremesha igiteramo co gutwenza abantu i Kigali, rimwe mu mezi atatu naho atakigoranye bagakinira i Bujumbura. “Ugukina rimwe mu kwezi niyo ntumbero twashaka gushikako aho batatu muri twebwe bagira iciyumviro co gutanguza uyu murwi muri Nyakanga 2010”.
Iyo misore ikaba ikina ahanini mu gifaransa, mu congereza,mukirundi no mukinyarwanda. Rimwe na rimwe bagacanga n’ikiganda gikeya. “Mu majambo y’ivyese vyacu, turavuga ibiba mu Rwanda, Congo, Uburundi, Kenya na Uganda kenshi cane kuko muri twebwe hariho abafise amaraso y’abarundi canke bakurira mu Burundi (3), abakuriye mu Buganda (1), muri Kenya (2). Kimwe co twese dusangiye ni amaraso y’amanyarwanda atembera muri twebwe”.
Hambavu yo kuba abakinyi b’ivyese bitwenza muri bo harimwo abamenyeshamakuru(2), uwukora mubiro vy’umushingwamanza (1) abandi nabo ni abanyeshuri muri kaminuza no mu mashuri y’isumbuye. Comedy Knights ifise icizera ko muri kazoza hazoboneka uburyo bakaja no gukina mu bihugu vya Buraya.
Ingabire luc-noel
Messages
25 Ntwarante 2013, 00:55, par umuringa
ryari biryoshe caane kabisa twararyohew nukuntu abo bantu badutwengeje vyukuri abo bantu botwenza nikiziga lolllll
25 Ruheshi 2013, 16:16, par ntiruvakure.ismael@yahoo.fr
vmt kurijew ndaryohewe kubona ahonzoza ndirabira inkuru zinwenza nahora nwenga ubuho nzorenza murakoze
10 Mukakaro 2014, 12:26, par january
none gusetsa bifise akahe kamaro atari ukugora umunwa no kuvuna imbavu?