Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
COMIBU : Aba islamu bahamariwe kwitaba amafungo y’ukwezi kwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > COMIBU : Aba islamu bahamariwe kwitaba amafungo y’ukwezi kwa (...)

COMIBU : Aba islamu bahamariwe kwitaba amafungo y’ukwezi kwa Ramadan

mercredi 10 Mukakaro 2013

Uko umwaka utashe, abari mw’idini rya Islamu baragira ukwezi kw’amafungo mu ntumbero yo kunezereza Imana no kuyereka ko bayubaha kugira bashobore kuja mw’i Paradizo. Ukwezi bitiriye « Ramadan », gusanzwe ari n’uburyo bwo kwibuka ibikorwa vy’intumwa Mahomet, ukwo kwezi kukaba gufatwa kandi nk’umugisha w’Imana.

Ukwo kwezi rero kugenewe kwisonzesha no kusenga kugira abari mw’idini rya Islamu barushirizeho kwegera Imana. Ukwisonzesha muri ukwo kwezi kwa Ramadan, gusanzwe gufise intumbero zibiri : gukomeza ubumwe mu miryango mu gihe bariko barasangira ibifungurwa vyo ku mugoroba hamwe no kwiyegereza Imana gusumvya uko bahora babikora.

Ukwosonzesha kukaba ari kimwe mu nkingi zigize idini rya islamu harimwo kwemera Imana imwe rudende, gusenga gatanu ku munsi, gufasha abagowe no kugira urugendo i Maka.

Ukwo kwezi kwa Ramadan kukaba kwanshinzwe kugira kube ukwezi kwo kwisonzesha, ukwezi kw’icenda mu mwaka bivanye n’igihe ukwezi guserukiye. Ivyo bikaba ari itegeko ku mu islamu wese, yaba umugabo, yaba umugore canke umuyabaga.

Muri ukwo kwezi, baributsa abatunzi bose kwibuka no gufasha abagowe, kwitaho abagwaye.
Na hano mu Burundi, uwo mugenzo wo kwisonzesha urakurikizwa kubari mw’idini bose rya Islamu. Abari mu muryango w’aba islamu hano mu Burundi, COMIBU, biciye ku murongozi wabo izwi imbere y’amategeko, Djuma Salum Gilbert, basavye aba islamu bose bari hano mu Burundi kwifatanya hamwe n’abandi mu kwisonzesha no gusenga.

Uno munsi rero, igenekerezo rya 10 Mukakaro 2013, akaba ariho hatanguye ayo mafungo kw’isi yose.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.