Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Communities of Hope ryatanze inzu ku banyagihugu bahuye n’aya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Communities of Hope ryatanze inzu ku banyagihugu bahuye n’aya (...)

Communities of Hope ryatanze inzu ku banyagihugu bahuye n’aya myuzurira

vendredi 18 Mukakaro 2014

Ishirahamwe Communities of Hope ryashikirije imfashanyo zigizwe n’inzu zubatswe kijambere ku miryango yahuye n’aya myuzurira yatwara abantu n’ibintu mu kwezi kwa Ruhuhuma uno mwaka.

Mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu bo mu Gatunguru bahuye n’ivyago vy’aya segenya yahitana abantu n’ibintu mu kwezi kwa Ruhuhuma, kuri uno wa gatanu, ishirahamwe communities of hope ryashikirije imfashanyo rigizwe n’inzu zubatswe kijambere, kugira mu gihe imvura yosubira kugwa ntibahitane nk’uko vyagaragaye mu kwezi kwa Ruhuhuma. Izo nzu zikaba zahawe ahanini imiryango igizwe n’abapfakazi.

Ku miryango yahawe iyo mfashanyo kari akanyamuneza ntangere ndetse bashimiye bimwe vy’imvamutima ishirahamwe Communities of Hope ryabiyumviriyeko. Eka na musitanteri wa komine Mutimbuzi yashimye cane iyo mfashanyo atako asaba n’abandi bagiraneza koboterera agacumu k’ubumwe bakubakira n’abandi banyagihugu. Mw’ishirahamwe Communities of Hope nabo bamenyesha ko hamwe boramuka baronse ubundi buryo ata nkeka boca bubakira n’abandi.

Tubamenyeshe ko iyo mfashanyo igizwe n’inzu zitandatu zubatswe kijambere ,imwe imwe ikaba ifise ivyumba bitatu na salon, imwe yose iciye imiriyoni 20 z’amafranga y’amarundi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.