Accueil > Amakuru > Poritike > Concilie Nibigira asaba abanyagihugu kwizera inzego z’umutekano
Concilie Nibigira asaba abanyagihugu kwizera inzego z’umutekano
vendredi 24 Ndamukiza 2015
Umukuru w’umugambwe UPRONA wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, asaba abanyagihugu kwizera inzego z’umutekeno muri bino bihe Uburundi bwimirije amatora.
Mw’itangazo yashikirije, Concilie Nibigira yavuze ko ikiringo c’amatora ari ikiringo gituma abanyagihugu benshi bakunda kugira ubwoba, ari naco gituma abasaba gutekana mu mitima, bakitegurira amatora.
Umukuru w’umugambwe UPRONA wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, arashima kandi ko akamo bateye ko kwitaho cane umuteko ku makambi y’impunzi kitabwe, kuko ahatari hake ubu hacungerewe umutekano.
Nayo ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, umugambwe UPRONA ishami ryemewe n’ubutegetsi, ukaba umaze kumenyesha akatari gake ko, uzohiganwa n’uwariwe wese.
Van Naris Mugisha
Messages
24 Ndamukiza 2015, 10:32, par itonde
Inzego z’umutekano witabira mwe na Edouard umengo ntituzihemba twese!!Nyuku nukuri washaje nibakubabarire ntuvuga ibijanye n’ighe tugezemwo.
Niwirire mbona wanavyibushe birenze.
24 Ndamukiza 2015, 10:36, par ITEKA Anic
NDAKWEMEYE URI UMUPFASONI USUMBA ABAGABO BESHI BIYEREKANA NGO NABAGABO ARIKO ATACO BAMARIYE IGIHUGU ARI UKUGITEZA UMUVURUNGANO GUSA,UBUNDI IYUMUNTU UTEMERA K YOTWARA UJA MUBANYAGIHUGU UKABASIGURIRA IGIYUMA ADAKWIYE GUSUBIRA GUTWARA HANYUMA BAKAREKA KUMUTORA NUGUHIGANWA NAYO KUJANA ABENEGIHUGU MWIBARABARA NG NIMWIYAMIRIZE NAKA BISA NUKUBWIRA UMUNYAGIHUGU ATI JIMBERE YIRYANKOHO NDAKWICE HAMA SIGARE NDARERE ABANJE MUVYAWE NAKARE NTACUMAZE KUK URAKENYE NUKUNTENZA INGORANE GUSA BANYAGIHUGU NDABASAVYE KUBONA KURE NKUYU MUPFASONI YAVYEREKABYE KWARUGUHIGANWA NUWARIWEWESE MUMATORA VYUMVIKANA K YITEGUYE.
24 Ndamukiza 2015, 11:12, par manzi
mbegu mukecuru asara ashaje nizere kwatamugabo afise nimba amufise naho niniryo kukwibi uwumukecuru arimwo gukura ntaho bitaniye nugusuka petrol mubana.kukwiyinkuba irabije umwansi numukunzi birajana
24 Ndamukiza 2015, 11:31, par PCE
Uwo mugore Concilia ntaco amaze , ivyo avuga vyose ntanumuntu aserukira .Yashizwe ho na leta ya CNDD-FDD . Jewe nibaza yuko no kumuha ijambo ari uguta umwanya
24 Ndamukiza 2015, 12:06, par NDAVUGASIMVURA
erega ico mwomenya co nuko concilie kuva kera ntiyumva ama accord ya arusha yari mubayagwanya we ntiyashaka ko batera ibikumu ngo bumvikane nabagwana ubu rero kuri we ni vyiza, urumva ntangorane wewe ateye cndd.fdd kuko arazi ko bazoguma bamufasha mumafuti yiwe ntamenye ko isi izunguruka ariko umuntu afise ubwenge akaraba ibigize iminsi biba nka karorero gato kubona serapiyo avugira kuri radio ko yiyamirije ikiringo ca 3 c’umukuru wigihugu mwabantu mugenda mukabona ntimubona ko iyi isi ari ukwitonda kuyibako.
24 Ndamukiza 2015, 14:50, par Nuwera
Uyumuvyeyi avuze ibintu vyiza ariko hariho abaciye bamwita mubi! Ariko hariho abavuga ibintubibi mbere bigatuma bamwe mubarundi banahinga ahorero nibobitwa beza! Arikondababwire uyumuvyeyi numuvyeyikoko wijunja nijambo.
27 Ndamukiza 2015, 23:37, par mukunda gihugu
uuuuhhhhhmmm nta soni ufise ga manzi uyo mu fasoni yokwibaruka urubahutse ga!!!ooooya ni tugumane ubuntu naho ata discipline tumaranye imisi ...he he..hehe... yemwe yemwe discipline irakenewe..
28 Ndamukiza 2015, 10:41, par manariyo
Ewe Concilia urakwiye kwikebuka .Ibi vyose biriko biraba nawe uzobibazwa....
28 Ndamukiza 2015, 18:08, par nahayo
Hahahahah arakwiriye akazina kubuhizi uyo mpfasoni kabisa. " NSUMIRINDA". Keza cane