Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Amaradiyo atanu yahagaritswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Amaradiyo atanu yahagaritswe

RDC : Amaradiyo atanu yahagaritswe

mardi 25 Munyonyo 2014

Amaradiyo atanu yahagaritswe mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abategetsi b’ico gihugu bakaba bavuga ko bahagaritse ayo maradiyo, kugira bashobore guhagarika ubwicanyi bukorwa n’abaroberi ba ADF Nalu, bwibonekeza na cane cane mu karere ko mu buraruko bwa Kivu hamwe no mu karere ka Beni.

Amakuru dukura kuri BBC avuga ko abo bategetsi b’ico gihugu bavuga ko ubwo bwicanyi bumaze guhitana abantu 200 mu kwezi kumwe gusa. Mu Bumanuko hoho, n’imboneshakure yahagarikiwe ibikorwa.

Ivyo bimenyeshamakure vyahagaritswe bikaba vyagirizwa gucishamwo ubutumwa bw’abaroberi b’abanya islamu bo mu gihugu c’Ubuganda basanzwe batera ubwoba abanyagihugu. Kubwa Lambert Mende umuvugizi wa Reta ya Congo, si agaseseshwarumuri biragaragara ko ivyo bimenyeshamakuru bikorana n’abo barwanyi.

Ku ruhande rw’ayo maradiyo, bararahira bakarengwa ko ata migenderanire n’imwe bafitaniye nabo baroberi ba ADF Nalu. Amashirahamwe asanzwe arwanira ubwigenge bw’abamenyeshamakuru bariyamiriza iyo ngingo kuko ije isubiza inyuma ubwigenge bwo kumenyeshamakuru muri ico gihugu.


Floxella karire

Messages

  • uwompagarikira cakimana cabatavuga rumwe nubutegetsi BWI Burundi citwa NGO rpa yirirwa,iragumura abene gihugu amarementanya yurutavanako nuko ubwihevyi bugoye nociyahuriyeko

  • Kabura kabura! Uwokubona umutundararo yogira ngo uri uwundi muntu naho riye. Ko woba udakunda RPA canke ntunezerezwe n’ivyo ishikiriza vyari ibisanzwe kuko gukunda canke kudakunda ikintu ni uburenganzira bw’uwariwe wese. Ariko, aha abandi bashikiriza ivyiyumviro, si ivyipfuzo. None twovuga yuko wewe ubonye inkuru nk’irya yo kwugara amaradiyo n’imboneshakure muri Congo mugihe tugezemwo, uca ugira iciyumviro nk’ico (hamwe twocita iciyumviro)?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.