Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo Brazaville: Abashikiranganji badashigikiye ko ibwirizwa nshingiro (...)
Congo Brazaville: Abashikiranganji badashigikiye ko ibwirizwa nshingiro rihinduka birukanywe
mardi 11 Myandagaro 2015
Umukuru w’igihugu ca Congo BrazzavilleDenis Sassou Nguesso yirukanye abashikiranganji babiri inyuma y’aho bitabiye inama yarimwo abatavuga rumwe na Reta,yashitse ku ngingo isaba ko ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ritohinduka.
Abo bashikiranganji babiri birukanywe ni umushikiranganji w’ubudandaji Claudine Munari,hamwe n’umushikiranganji w’abakozi ba Reta Guy-Brice Parfait Kolélas.
Abicishije mw’itangazo yateyeko umukono rigaca kw’iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu kuwa mbere igenekerezo rya 10 Myandagaro 2015 risomwe n’umuyobozi mu biro vy’umukuru w’igihugu, abo bashikiranganji babiri berekanye ko badashigikiye ko ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka w’2002 rihinduka kugira umukuru w’igihugu abandanye gutwara kuva mu mwaka w’2016.
Inyuma y’amasaha makeya,abashikiranganji birukanywe muri Reta baciye basubirirwa.Umushikiranganji w ‘ubudandaji yasubirijwe na Euloge Landry Kolélas,mu gihe umushikiranganji w’abakozi ba Reta yasubirijwe na Gen Gilbert Mokoki.
Sassou Nguesso yarongoye igihugu ca Congo Brazaville kuva mu mwaka w’1979 gushika mu mwaka w’1992. Yasubiye kuja ku butegetsi kuva mu mwaka w’1997 gushika n’ubu mu mwaka w’2015.
Van Naris Mugisha
Messages
11 Myandagaro 2015, 17:47, par jimy
Nico gituma ari umugenzi wa nkurunziza
11 Myandagaro 2015, 19:35, par Grace
Mbega yemw karashiz ingan abatwar ibihugu mur africa bagme bank kuv kubutegetsi?mbeg ubusamboo!!none kuki badashaka kubuvako?aho ntamabi baba barakoz ntibashak guhanwaa!za mumenyak Imana yabahay igihugu kugra mugisangire
11 Myandagaro 2015, 21:38, par Kariyo
Deni Sassou Nkurunziza. Aho Ni Ahandi Abanyagihugu Bagira Bapfe.
14 Myandagaro 2015, 21:53, par @@@@@@@@
Ibisa birasabiranira!