Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo Brazzaville: Abanyagihugu bitavye imyiyerekano yo kwiyamiriza (...)
Congo Brazzaville: Abanyagihugu bitavye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu
lundi 28 Nyakanga 2015
Abanyagihugu barenga ibihumbi bagize imyiyerekano biyamiriza ko umukuru w’igihugu ca Congo Brazzaville Denis Sasso Ngwezo asubira kwitoza kurongora igihugu mu mwaka uza w’2016.
Iyo myiyerekano yabaye kuw’Imana igenekerezo rya 27 Nyakanga 2015 hagati ku murwa mukuru.Abitavye imyiyerekano bari abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi FROCAD na UDC.
Abitavye iyo myiyerekano bagenda bavuga amajambo yo kwiyamiriza ihonyangwa ry’ibwirizwa nshingiro,biyamiriza kandi ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Denis Sassou Ngwesso n’itunganywa ry’amatora yo kwemeza canke guhakana ko yosubira kwitoza.
Denis Sassou Ngwesso w’imyaka 72 y’amavuko,amaze imyaka irenga 30 ku butegetsi,ibwirizwa nshingiro rikaba ritamwemerera gusubira kwitoza kuko rivuga ko ata mukuru w’igihugu arenza ibiringo bibiri,kandi akaba ata mukuru w’igihugu arekuriwe gutwara igihugu arenza imyaka 70 y’amavuko.
IGIHE
Messages
28 Nyakanga 2015, 09:13, par ntukamazina
none ko amaze 30 years kubutegetsi ikiringo kimwe kigira15ans.
28 Nyakanga 2015, 09:14, par Kariyo
Nk’ Uko Mubibona Aho Kucapa, Uyo Munyagihugu Avuga At: Congo Si Icibare Ca N’guesso N’ Ajagwi Kiwe. Aha Iwacu Naho, Uburundi, N’ Icibare Ca Nkurunziza N’ Abiwe? Turindire Ariko Bobo Igiporisi Cabo Kirafise Indero. Murabona Ko Ariko Arashikiriza Iciyumviro Ciwe Atawumurya N’ Urwara.
28 Nyakanga 2015, 19:22, par bob
ese aba presida ba afrika bo bapfuye kimwe
19 Gitugutu 2015, 20:22, par Vincent de PauL
Nivyo Arakuze Kwel Natange Imihoho Abis Abandi.Turets No Gukuru Ibiringo 2 Barekurirw Vyararenz Natekane. Mbe Basha Nikuk Abantu Bubu Basigay Bikunda???