Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > ConnectedCar: ubuhinga bw’ugukurikirana imodoka aho igeze hose
ConnectedCar: ubuhinga bw’ugukurikirana imodoka aho igeze hose
samedi 16 Ndamukiza 2016, par
Amashirahamwe hamwe n’abantu bakorera mu gisata c’ukwunguruza abantu n’ibintu bagiye gushobora gukurikirana umwanya wose aho imiduga yabo igeze, hamwe n’ibiriko birakorwa kuri iyo miduga. Ubwo buhinga bwatangujwe na ECONET LEO ibicishije muri Econet ConnectedCar Fleet Management Service (FMS).
Ubwo buhinga bwa ECONET LEO bwatangujwe ubwa mbere mu Burundi, bufasha kubona aho umuduga ugeze mu mwanya wose, bugafasha gusuzuma ku nyabwonko (Ordinateur) canke kuri terefone ngendanwa, aho imodoka ishizwe, kuronka ubutumwa ku biriko birakorwa ku modoka, ingene igitoro kiriko kirakoreshwa ku rugendo, kuronka ubutumwa iyo imodoka ijanywe mu kibanza itari yateguriwe kujamwo, ibarabara ifashe, ingene uwugendesha iyo modoka yigenjeje, hamwe n’ibirometero imodoka yagenze.
Ubuhinga bwa Connectedcar buzofasha amashirahamwe hamwe n’abantu bakorera mu gisata c’ukwunguruza abantu n’ibintu, mu gushobora gukurikirana imiduga aho bazoba bari hose.
IGIHE
Messages
16 Ndamukiza 2016, 20:22, par gwasa
erega dukeneye iterambere!
16 Ndamukiza 2016, 21:38, par Kamaro
Ivyo muri KENYA twabitanguye muri 2001,mwebwe niho bigishika iyo mu burundi?mugabo ntibitangaje kuko ikibaraje ishinga nukwicana.
17 Ndamukiza 2016, 04:49, par Avec
@Kabaro, uragakizwa, mbenone wewe kohariho abagutanze kuvuka twovugako bagutanze urimubiki?
17 Ndamukiza 2016, 06:27, par Ferdinand
@Kamaro, wewe uri umu Kenya? Uti muri Kenya mwabitanguye kera.
17 Ndamukiza 2016, 07:11, par MUKIZWA
UBWO BUHHNGA BUKWIYE GUKORESHWA NIGIPORISI
17 Ndamukiza 2016, 08:11, par Feza
Ibyo mu Rwanda twarabirenze,imodoka z’iwacu zisigaye ziba zirimo wireless,internet cyarakemutse!erega nubundi uretse politique yamunzwe,dufatanyije twagera kure hamwe....
18 Ndamukiza 2016, 09:02, par turaje
hahahahahah
hahahahhaa
hahahhaa
murinyuma mwiterambete nkikibuno rwose mujye mwicecekera mwicane gusa
mbabwire ko muri EAC nimwebwe gusa mudafise ubwo buhinga hahahahhaa
iyo igihugu cyagutaye nakure mwiterambere bivuzeko nomuri politic nimwajyana uba warasigaye sana
mureke ubunyeshamba ncuti mwubake igihugu kd mugikorere namwe mukataze mwiterambere injinji gusa.
18 Ndamukiza 2016, 09:11
Mon frere abarundi bose s’ abicanyi w ubahe igihugu canj UBURUNDI nigihugu c isezerano mw iyubare mumajambo muvuga.