Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Consolata Ndayishimiye yatej’imbere abikorer’ivyabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Consolata Ndayishimiye yatej’imbere abikorer’ivyabo

Consolata Ndayishimiye yatej’imbere abikorer’ivyabo

vendredi 15 Ntwarante 2013

Consolata ndayishimiye, arongoye ishirahamwe ry’abadandaza n’amahinguriro (CFCIB) yaratej’imbere ibikorwa vyaryo, mu gutuma ubudandaji bugenda neza
«Birakwiye ko bose bumva ko abikorer’ivyabo aribo bafise inguvu zo gutez’imbere ntibibe icivugo gusa.

Consolata Ndayishimiye afis’imyaka 50 yatowe kuba umukuru wishirahamwe ry’ubudandaji n’amahinguriro (CFCIB) mu mwaka w’i 2010. Intumbero yar’afise yar’iyo gutez’imbere igihugu c’iwe, N’igikorwa akora iminsi yose akaba yubatse afise abana 5.

Mu cegeranyo ku bijanye n’ubudandaji mu Burundi cakozwe n’ibanki y’isi yose, u Burundi buri mubihugu 10 vyagize iterembere mugufasha abagomba gukora urudandazwa avuga ngo’’sinarinzi ko twoshika ku rugero nk’urwo, ivyo vyanyeretse ko iyo hariho ugushaka muri politike, vyose bishobora guhinduka’’. Kugira ngo u Burundi bumenyekane, CFCIB irategura igahuza abadandaza bo mu Burundi n’abo hanze.

Mbere n’umukuru w’igihugu c’u Burundi yaraje mu ndwi yahariwe Ububirigi aho abazana imitahe yabo baribaje ngo bahure nabagwizatunga b’Abarundi. Imbere yaho gato yari yamye yerekana iterambere ririko riraba aha mu Burundi.

Ubwa mbere yatanguje uburiro Barbecue

Consolata Ndayishimiye avuka mu muryango ugwiriyemwo abakenyezi b’abagwizatunga. Yize muri Kaminuza y’Uburundi, ishure rikuru ry’Ubudandaji. Yatanguriy’akazi muri ONATEL, ishirahamwe rya Leta ryo gutumanako amakuru. Mu mwaka w’i 1990 yaciy’aja gukora mw’ishirahamwe ry’abanyamerika rijejwe iterambere ariko ingwano yaciye ituma ikigo cugara.

Yaciy’atanguza uburiro bwitwa BARBECUE mu 1996, atanguza kandi uburiro aho bateka inyama zokeje zikundwa mu mico y’Abarundi, aca atanguza n’uwundi mugambi wo gutegura neza imbere mu mazu. Uwo mugambi yawiyunviriye akiri mw’ishure.

Consolata Ndayishimeye ari mu mashirahamwe yandi ashika 10 hamwe nishirahamwe riha ingurane abakenyezi ngo batanguze amashirahamwe yabo. Yarabaye umukuru w’ishirahamwe East African Business rihurikiyemwo abagwizatunga bo mu bihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Aranezerwa n’igikorwa amaze gukora kuko yasanze CFCIB imeze nk’iyazimanganye. Avuga ko atazi neza ko azokwitoza mu matoro yo mu kwezi kwa Ndamukiza 2013 ngo abandanye arongoye CFCIB, ariko akifuza ko yobandanya agira ico afashije mw’itunganywa ry’iryo shirahamwe.


Gildas Ndihokubwayo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.