Accueil > Kwidagadura > Amareresi > COPRODAC yahawe infashanyo n’Ubuserukizi bw’Ubudagi mu Burundi
COPRODAC yahawe infashanyo n’Ubuserukizi bw’Ubudagi mu Burundi
jeudi 21 Ntwarante 2013
Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 20 Ntwarante, Urunani rw’abahinga mu mareresi (COPRODAC) barashikirijwe imfashanyo y’ibikoresho bahawe n’Ubuserukizi bw’Ubudagi mu Burundi. Ibaronkejwe inyabwonko « ordinateur » zibiri ziri ku buhinga bushasha n’icuma gifasha mu gufata amajwi. Ubwo buserukizi burashima cane ukuntu igisata c’amareresi kiriko kiratera intambwe iboneka mu Burundi.
« Ndahimbawe cane. Birateye igomwe uravye ingene muri COPRODAC bakora . Baratanga inyigisho mu buhinga butandukanye bujanye n’amareresi, Ubuserukizi bw’Ubudagi mu Burundi buzokwama bubafasha nk’uko twabigize. Ico gisata ciyongeye ku vyo dusanzwe dufashamwo nk’indero, amagara y’abantu, uburimyi, ubworozi n’ibindi. » Ivyo bishikirizwa na Carine Desenne ajejwe imigambi n’ukumenyesha amakuru mu Buserukizi bw’Ubudagi mu Burundi. Ni we yashikirije ibikoresho kw’izina ry’uwuserukira ico gihugu.
Intambamyi zishingiye ku kubura ibikoresho vyo guhinyanyura ireresi ntizikigwiriye mu Burundi. Muri COPRODAC, uwuje wese arisanga. Ibikoresho abironswa ku buntu. Aho bahinyanyurira amareresi harateye igomwe. Uravye ibikoresho bafise, n’aho nk’uko abagize urwo runani babivuga bikiri bike, nta gatosi kuko ni inyabwonko zitaragwira mu Burundi, zigezweho kw’isi yose.
Nzeyimana Eloge, umunyamabanga wa COPRODAC ati : « Uwipfuza gutunganya ireresi yiwe, ni ku buntu nta n’ifaranga na rimwe ariha. Ibikoresho turabifise, uwo twaka amafaranga makeya ni uwuriko akora ireresi irihwa n’abayimutumye. Aho na ho, mu kwerekana amafaranga ayibakorerako, araheza agashiramwo ayo gukota ibikoresho. »
Kururu Simon arongoye ico kigo, amenyesha ko Abarundi bahagurukiye cane igisata c’amareresi. Gushika ubu iyimaze Gukorwa ndende (long métrage) ni iyitwa Gito l’ingrat ya Ngabo Léonce, hakaba hagira hasohoke iyindi yitwa Amaguru n’amaboko ya Rugero Roland. Na yo ngufi ngufi, hamaze gukorwa nyinshi kandi zibiri ziramaze kuronka udushimwe mpuzamakungu. Gito l’ingrat yoyo yarashimiwe kenshi cane mu masabukuru adasanzwe haba Afrika, Uburaya na Amerika.
Juste Bigirimana