Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ouattara yemeye gushumbusha abakozweko n’ubwicanyi bwo mu 2010 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ouattara yemeye gushumbusha abakozweko n’ubwicanyi bwo mu 2010

Ouattara yemeye gushumbusha abakozweko n’ubwicanyi bwo mu 2010

mardi 16 Kigarama 2014

Umukuru w’igihugu ca Côte d’ Ivoire Alassane Ouattara yamenyesheje ko agiye gushiraho ikigega c’amafranga agera ku miriyoni 15 z’amafaranga y’amanyaburaya kugira aze afashe mu gushumbusha abakozweko n’intambara yabaye inyuma y‘amatora yo mu mwaka w’2010 na 2011, yahitanye abantu ibihumbi bitatu muri ico gihugu.

Ico kigega kikazoshirwaho guhera mu mwaka w’2015,ikigega kizoba gifise amafranga imiriyaridi 10 z’ama CFA hafi imiriyoni 15 z’amafaranga y’amanyaburaya , nk’uko bishikirizwa na Alassane Ouattara ku mugoroba wo kuri uno wa mbere, mu gihe muri ico gihugu bari mu birori vyo gutanga icegeranyo c’umurwi ujejwe ibiganiro, ukuri no kurekuriranira( CDVR), inyuma y’imyaka irenga itatu ugiyeho.

Ouattara akaba yagize ati :’’Harageze ko dufasha abahuye n’ivyago tukongera tukabashumbusha . Reta nta numwe izibagira.’’ Mbere akaba yahamagariye ibihugu bisanzwe bibafasha kuzoterera muri ico kigega.

Mamadou Soromidjo Coulibaly arongoye urunani rw’abahuye n’intambara yabaye inyuma yayo matora avuga ko ataco bivuze kuko umwe wese mu bakozweko n’ubwo bwicanyi ashobora kuronka amafaranga y’ama CFA 100000, ni ukuvuga amafaranga y’amayaburaya 150, kuko nko mw’ishirahamwe arongoye bageze ku banywanyi 20000.

Tubibutse ko igihugu ca Côte d’ Ivoire camaze amezi atanu mu kajagari kadasanzwe mu bwicanyi bwabaye inyuma y’amatora, ahoa abahitanye ubuzima bagera ku 3000 hagati y’amazi ya kigarama 2010 na Ndamukiza umwaka w’2011.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.