Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire: Umunyeshuri muri kaminuza yatanze ibisabwa kugira yitoze (...)
Cote d’Ivoire: Umunyeshuri muri kaminuza yatanze ibisabwa kugira yitoze umukuru w’igihugu
jeudi 20 Myandagaro 2015
Umurwi utegura amatora mu gihugu ca Cote d’Ivoire wakiriye impapuro zisaba kwitoza z’umunyeshuri muri kaminuza.Ayo matora azoba kw’igenekerezo rya 25 Gitugutu 2015.
Uwo munyeshuri azwi kw’izina rya Bernadin Yobo Nago,afise imyaka 30.
Umuhinga muvya politike yavuze ko uwo munyeshure adashobora kwemererwa kwitoza kuko amategeko atomoye,nayo akavuga ko umuntu akwije imyaka 40 ariwe wenyene afise uburenganzira bwo kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.
Yobo Nago abaye uw’indwi amenyesheje ko ashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu inyuma ya Bolou Gouali Eloi, Alassane Ouattara, Siméon Konan Kouadio, Henriette Lagou, Nanan Koua Gnamantê, Ahoua Stallone, Adama Ouattara na Norbert Israël N’ Goran Koffi.
Gutanga ibisabwa kugira bitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu bizohagarara kw’igenekerezo rya 25 Myandagaro 2015.
Van Naris Mugisha
Messages
20 Myandagaro 2015, 17:28, par Desire
Uwo munyeshure ndamwemey sana.très sérieux ambaye Kure namuha ijwi
20 Myandagaro 2015, 17:45, par None?
Kumwera ntawutomwemera, ari ntitwiyibagizeko namero aringeara?
21 Myandagaro 2015, 11:49, par Valentin
Kubera iki bitwaza imyaka? Nnese hatwara imyaka cyangwa hatwara umuntu? Jye mbonako atakibazo byakagombye gutera kuko ukuri kuvuga uwukuzi ntikuvuga ukuze.