Accueil > Amakuru > u Burundi > COTEBU : Abadandaza batumweko kwirabira aho ibibanza vyabo bitumbereye
COTEBU : Abadandaza batumweko kwirabira aho ibibanza vyabo bitumbereye
lundi 20 Gitugutu 2014
Abadandaza baronse ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU buca binjira muri iryo soko kugira birabire aho ibibanza vyabo bitumbereye, n’aho umurwi ujejwe gutanga ibibanza muri iryo soko utatanze isango ry’igihe bazoyinjirira icese kugira batangure kuhakorera.
Ivyo vyashikirijwe na Melchior Simbaruhije umukuru w’umurwi ujejwe gutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co ku muhingamo wo kuri uno wa mbere, mu gihe yariko ashikiriza aho igikorwa c’uwo murwi kigeze. Mukibuka ko bahora mu gikorwa co gusesangura no kwihweza amadosiye y’abari basavye gutunganirizwa n’uwo murwi.
- Melchior Simbaruhije, umukuru w’umurwi ujejwe gutanga ibibanza mw’isoko y’imfatakibanza ya COTEBU
Melchior Simbaruhije amenyesha ko abari bituye uwo murwi bose hamwe bagera ku 723. Ariko abashoboye gutunganirizwa inyuma y’umwihwezo wabo kuko bari bakwijije ivyangombwa bagera ku 452 gusa. Abaronse ibibanza nabo muri iryo soko bagera ku 2318. Melchior Simbaruhije amenyesha ko muri rusangi abari bafise amasezerano na SOGEMAC bose bashoboye kuronka ibibanza. Nk’uko yabandanije abisigura, hari n’abakenyezi bo mw’ibarabara boba bazoshobora kuronka ikibanza aho muri iyo soko mfatakibanza ya COTEBU kuko hari aho babasigarije, naho ari hato.
Uwo murwi utera akamo abadandaza bose kwishikira ku kibanza COTEBU, kuri uno wa gatatu kugira barabe ko bazoba bari kuri urwo rutonde baheze banahinjire birabire aho ibibanza vyabo bitumbereye.
Inyuma yaho hazoca hakurikira igikorwa co kwubaka ibibanza, hakurikijwe intumbero izoba yatanzwe n’abarongoye igisagara ca Bujumbura bagiye inama n’abaserukira abadandaza, abagize umurwi hamwe n’abazotunganya iyo soko.
Tubamenyeshe ko muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, n’ubu uwo murwi ntiwatanze ikiringo ntabanduka c’igihe iyo soko izoshobora kwugururirako.
Floxella Karire