Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CREDEJ: Inama rukokoma y’indero yateguwe nabi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > CREDEJ: Inama rukokoma y’indero yateguwe nabi

CREDEJ: Inama rukokoma y’indero yateguwe nabi

vendredi 28 Munyonyo 2014

Ikigo CREDEJ gisaba abazoja mu nama rukokoma y’indero gutorera inyishu ingorane zitandukanye zugarije igisata c’indero nk’amayegereyegere y’urutavanako, inyigisho zidahuye n’igihe Uburundi bugezwemwo, igabanurwa ry’uburyo Reta ishira mu gisata c’indero.

Mu gihe inama rukokoma y’indero itegekanijwe ku magenekerezo ya 2 gushika ku wa 5 kigarama uno mwaka, mu kigo cishinze guteza imbere indero y’urwaruka CREDEJ barafise impungenge ko iyo nama ishobora kutagira icishitseko mu kunagura igisata c’indero mu Burundi kigeramiwe bimwe biboneka n’ingorane zitandukanye. Ahanini muri CREDEJ bakabivuga bishimikije itegurwa ry’iyo nama rukokoma ryabonetsemwo utunenge tutari duke aho batanga uturorero nk’ibibazo vyagiye bihabwa abanyagihugu ngo bishure kandi ata bumenyi babifitiye, abagize uwo murwi bagize ku bice 92 kw’ijana n’abari mu nzego nkuru nkuru za Reta, aho mbere babona ko uwo murwi ushobora kuba ari umurwi wa poritike kandi vyari bikenewe kugirwa n’abahinga bashobora gutanga intererano zitandukanye zonagura ico gisata. Ikindi n’uko bavuga ko batigeze batumirwa muri iyo nama rukokoma.

Ikigo CREDEJ gisaba kudafatira ku vyavuye muri vyo bibazo babaza abanyagihugu, muri CREDEJ basaba kandi ko abokwitaba iyo nama boterera bikwiye ibibazo vyose bituma indero mu Burundi itera imbere, n’ubwo ata cizere na gito bafitiye iyo nama rukokoma, aho bafatira ku manama rukokoma yama yabaye mu bisata bitandukanye yaba ivy’ubutungane n’ibindi ariko ugasanga ntashirwa mu ngiro ry’ivyavuyemwo rihaba.


Floxella Karire

Messages

  • None indero mwumva yotera imbere gute,kandi abo yega bakumirwa mu kwiga ibibazo vyerekeye indero,mbega burya umuyaya umuturubika yokurerera neza Umwana?Kuki abarezi bigisha Leta itabahemba neza nkabandi bakozi ba Ngira babona ko ataco bitwaye!wewe wokunda umwana gusumba ugakengera uwumureze!Nubwo bomuha ishano,yobifata minenerwe!ahubwo leta ni yikebuke!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.