Accueil > Amakuru > Amashuri > Ishirahamwe CREDEJ rirakenguruka ikurwa ry’umuyobozi wa kaminuza (...)
Ishirahamwe CREDEJ rirakenguruka ikurwa ry’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi
mercredi 10 Kigarama 2014
Ishirahamwe CREDEJ rirakenguruka ikugwa rya Gaston Hakiza yahoze arongoye kaminuza y’Uburundi. Basaba umuyobozi mushasha kugarukira kaminuza mu gushira imbere ibiganiro hagati y’abanyeshuri, abarongozi n’abakozi ba kaminuza igihe cose haje ikibazo.
Mw’itangazo CREDEJ yasohoye kuri uwu wa gatatu, mw’ishirahamwe CREDEJ baranezerejwe n’ikugwa rya Gaston Hakiza. Abo muri iryo shirahamwe bavuga ko kuva kaminuza y’Uburundi irongowe na Gaston HAKIZA (kuva mu mwaka w’2005), haciye htangura ingorane z’ubwoko bwose : amayegereyegere y’urutavanako, imyaka yinjira mu yindi, kugerageza gucanishamwo abanyeshuri mu gihe bariko basaba ivyo barekuriwe n’amategeko.
Muri urwo rwandiko, CREDEJ yandika ko ubuzima bwo muri kaminuza y’Uburundi bwari bwabaye akayobera bahinga gushika naho babona ko ari ingabo zitagira umutware canke intama zifise umwungere atazitayeho. Gaston Hakiza yagirizwa kandi kuba akuwe mu mabanga vyanse ko atora inyishu y’ikibazo kijanye n’agaciro kazogira urupapuro ruzohabwa abanyeshuri bazoba bize muri wa mugambi mushasha wa BMD (Baccaleaureat-Maitrise-Doctorat). Aho abanyeshuri bavuga ko batigeze babona ico ariko arabafasha kugira ico kibazo gitorerwe inyishu.
Urwo rwandiko rwashizweko umukono na Félix NDACAYISABA, icegera c’uworongoye CREDEJ, rusaba Gaspard BANYANKIMBONA, umuyobozi mushasha wa kaminuza y’Uburundi, ko yoyigarukira mu gushiraho ibiganiro bihuza ubuyobozi n’abanyeshuri igihe cose hadutse ibibazo. CREDEJ isaba kandi ko ubutungane bwokora ukuri kukaja ahabona kugira abavyeyi b’abanyeshuri babiri bapfuye barashwe mu mwaka w’2011 bamenye ico bazize, ababikoze bahanwe.
Cherif Nkeshimana