Accueil > Amakuru > Amashuri > CREDEJ : Umukuru w’igihugu nafashe kugira yegereyegere iri muri za kaminuza (...)
CREDEJ : Umukuru w’igihugu nafashe kugira yegereyegere iri muri za kaminuza ihagarare
mardi 7 Gitugutu 2014
Ishirahamwe CREDEJ riratewe amakenga n’ugukwega ibirenge kugaragazwa n’abategetsi mu bushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza, mu gihe abanyeshure bo mu gisata ca BMD bari muri yegereyegere.
Mw’itangazo ryashizwe ahabona na Felix Ndacayisaba icegera c’umukuru wa CREDEJ (Centre pour le Renforcement de l’Education et du Développement de la Jeunesse) risaba umukuru w’igihugu gufasha kugira hatorwe umuti kuri ico kibazo gihanzwe na benshi mu gisata c’inyigisho za kaminuza, mu gihe babona ko umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza ataco ariko arakora kuri ico kibazo. Muri CREDEJ bagasaba kandi abarezi muri za kaminuza zitandukanye gufasha kugira abanyeshure bave mw’ibarabara.
Mukamenya ko mu bushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi bavuga ko barindiriye inama rukokoma mu gisata c’inyigisho itegekanijwe mu mezi abiri ari imbere kugira izo ngorane zihanze ico gisata zize zigirweye.
Aristide Nizigire