Accueil > Inkino > FOOTBALL > Cristiano Ronaldo ntashima impanuro z’abamubuza kuzokina urukino na Atletico (...)
Cristiano Ronaldo ntashima impanuro z’abamubuza kuzokina urukino na Atletico Madrid
vendredi 23 Rusama 2014
Hari igipfungu ku bakinyi b’ibihangange b’umurwi wa Real Madrid bashobora kutazokina urukino rwa nyuma. Cristiano Ronaldo azokina naho amagara yiwe atameze neza, ariko bagenzi we nka Pepe, Bale, na Benzema bashobora kutazokina. Cristiano aranegura ibibazo vy’abamenyeshamakuru bo mu gihugu ca Portugal badasha ko yokina kugira yibike azokine neza mu gikombe c’isi yose.
Urukino rwa nyuma rurangiza amahiganwa y’igikombe c’i Buraya "Champions League" buca ruhuza imirwi yo mu gihugu ca Espagne ariyo Real Madrid na Atletico Madrid. Umurwi wa Real Madrid urafise ingorane z’abakinyi b’ibihangange bashobora kutazokwitaba urukino.
Umwimenyerezo wa nyuma wa Real Madrid wabaye kuri uwo wa kabiri uheze. Cristiano Ronaldo ntiyagiye mu kibuga ariko yari yagiye kubonana n’umuganga avura imitsi. Muri iyo myimenyerezo, abakinyi karuhariwe mu kwinjiza Bale, Karim Benzema na Pepe ntibayitavye, ivyo rero bitera ubwoba abakunzi ba Real Madrid kuko batabona ahova intsinzi abo bakinyi batarimwo, kandi na Cristiano amagara atifashe neza.
Ivyo biri uko mu gihe, abarongoye umurwi nserukiragihugu wa Portugal, Cristiano akinamwo batabihurizako kuko bavuga ko azokinishwakandi atameze neza. Bafise amakenga ko ashobora gukomereka akazohava adakina mu nkino z’isi yose zizotangura kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi. Cristiano ababwira ko ata rukino na rumwe yakinye arwaye, ashaka kwerekana ko nawe nyene yikunda. Naho biri uko, Ronaldo aranegura abamenyeshamakuru baguma bamubaza ibijanye n’amagara yiwe.
Mwomenya ko umurwi wa Atletico Madrid aherutse gutwara igikombe c’amahiganwa yo muri Espagne mu gutsinda FC Barcelone, ariko n’uwo murwi uzokina ku munsi w’ejo utagira umukinyi w’igihangange, Diego Costa. Urukino rutazoba rworoshe na gato kandi rwitezwe n’abantu isinzi.
Cherif Nkeshimana
Messages
23 Rusama 2014, 22:22, par Jérémie
Bamureke Cristian Ronald Akine Kkumukinowejo Suwovyinata Abakunzibiwe Tumurinyuma
23 Rusama 2014, 23:38, par Claude wazalako
Kubwanje nimba umuganga amuvura abonako amagara y’iwe ameze neza aramureka akine.atamezeneza naho nareke hazokine abakomeye.
24 Rusama 2014, 06:14, par Joshua
Yeah let him play this final he may do better
26 Rusama 2014, 11:13, par Fabrice
Niba amaze kworohegwa uno mukino nawukine
5 Ruheshi 2015, 18:54, par JUSTIN IRAKOZE
Mbega urukino rwanyuma rwa champions ligue ruzohuza real madrid naatlethico canke ruzohuza barcelone na juventus
5 Ruheshi 2015, 18:54, par JUSTIN IRAKOZE
Mbega urukino rwanyuma rwa champions ligue ruzohuza real madrid naatlethico canke ruzohuza barcelone na juventus
7 Munyonyo 2015, 20:52, par ERIC ndayisaba
Ntibibaho ko karim benzema na bale hamwe na mutama critiano ronaldo batazokina nabafana ba real madrid twoca tubiheba
27 Kigarama 2015, 21:45, par buregeya sylvere
none hadakinye cristiano ronaldo intsinzi izoheza ive hehe
23 Ndamukiza 2016, 18:42, par Jean Nyabenda
Imvyontibikundahamwebandakinyehokinande ?
23 Ndamukiza 2016, 18:44, par Jean Nyabenda
Imvyontibikundahamwebandakinyehokinande ?
18 Munyonyo 2016, 19:54, par Céléstin Nkeshimana
Je Simbo Nako Hari Incizi Ihari Kuko Ibihangange Nka Birya Bidakinye Twebwafana Twikoreyamaboko
31 Rusama 2017, 19:38, par Rambert
Iconosaba Crisiano Azeyinanate Akine Nayahandi Botunyagira
25 Ntwarante 2018, 22:13, par Ndayishimiyemechack
None ball adakinye cLISTIANA ARABIBONA REAL 3 RONALDO 2 MARCELO 1