Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cristiano Ronaldo yaraye ahawe akandi gashimwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Cristiano Ronaldo yaraye ahawe akandi gashimwe

Cristiano Ronaldo yaraye ahawe akandi gashimwe

vendredi 29 Myandagaro 2014

Cristiano Ronaldo yaraye yambitswe ikanga ry’umukinyi wa mbere wo ku mugabane wa Buraya mu mahiganwa yabaye mu mwaka w’i 2013 ushira uw’i 2014. Aciye imbere umunyezamu Manuel Nueur n’umukinyi Arjen Robben.

JPEG - 140.6 ko
Michel Platini na Cristiano Ranaldo

Ku mugoroba w’uwo wa kane igenekerezo rya 28 Myandagaro, Michel Platini arongoye ishirahamwe rihurikiyemwo imirwi y’umupira w’amaguru y’i Buraya (UEFA) yarahaye agashimwe umukinyi wa mbere yakoze ibikora inka mu mahiganwa yo mu mwaka w’i 2013 ushira 2014. Agashimwe kahawe umukinyi Cristiano Ronaldo akina muri Real Madrid ku nomero 7 (CR7). Cristiano Ronaldo aciye imbere ya Manuel Nueuer, umunyezamu w’umurwi wa Bayern de Munich na Arjen Robben umusatirizi wo muri uwo murwi nyene.

CR7 aje akwirikira abakinyi nka Franck Ribery umufaransa yatwaye ikibanza nk’ico mu mwaka w’i 2012-2013, Andres Iniesta yatwaye ikibanza mu mwaka w’i 2011-2012 na Lionel Messi yagitwaye mu mwaka w’i 2010-2011.

CR7 ahejeje gutora agashimwe yavuze ati:"Naritanze cane muri izo nkino ariko ndamishiye cane umurwi wanje nkinamwo kuko iyo ataba wo ubushimwe nk’ubwo buhabwa umukinyi umwe".

Cristiano Ronaldo ntiyabonetse cane mu nkino z’igikombe c’isi nk’umukinyi mpuzamakungu w’igihangange aho igihugu ca Portugal cakuye meza mu za mbere, ariko yaheruka kuronsa igikombe ca "Champions League"umurwi wiwe wa Real de Madrid. Muri ico kiringo ca Champions League yinjije ibitsindo 17.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.