IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Croix Rouge: ibibanza bitatu vyakira abakomeretse muri kino gihe (...)

Croix Rouge: ibibanza bitatu vyakira abakomeretse muri kino gihe c’imyiyerekano

mercredi 29 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Umuryango utabara imbabare Croix Rouge umenyesha ko wategekanije ibibanza bitatu vyo kwakiriramwo abakomeretse canke abahuye n’ayandi masanganya muri kino gihe hari imyiyerekano nk’uko bishikirizwa na Alexis Manirakiza umuvugizi w’uwo muryango.

Ivyo bibanza navyo bibanza mu burengero kuri centre de formation ya Croix rouge iri muri mu Ngagara quartier y’indwi,mu bumanuko kw,ivuriro ritoya rya Croix Rouge riri mu Kinindo hamwe no kucicaro gikuru ca croix rouge kiri hagati mu gisagara ca Bujumbura . Ikindi amenyesha n’uko uwokomereka canke akagira isanganya ashobora guhamagara ku nimero zikurikira 77.735.604 canke 79.974.711

Mu muryango utabara imbabare Croix Rouge bakaba bamenyesha ko bamaze gutabara bashika 33 bakomerekeye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.