IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Croix rouge imaze kuronka amahema 250 yo kwegeranirizamwo abantu

Croix rouge imaze kuronka amahema 250 yo kwegeranirizamwo abantu

mardi 11 Ruhuhuma 2014

Inzu 1000 nizo zasambutse, abantu bagera ku 14500 barakorwako n’ikiza c’umwuzurira cahitanye abantu n’ibintu ku munsi w’Imana igenekerezo rya 9 Ruhuhuma, nk’uko bishikirizwa na Anselme Katiyunguruza, umunyamabanga mukuru w’umuryango utabara imbabare Croix rouge mu Burundi.

Mu muryango utabara imbabare Croix Rouge babandanya kumenyesha ivyononekariye mu mvura yaguye ku munsi w’Imana. Nk’uko tubimenyeshwa na Anselme Katiyunguruza, umunyamabanga mukuru w’uwo muryango utabara imbabare Croix rouge mu Burundi, aho twamusanze kw’isoko ya Kamenge ari kumwe n’abitanga (volontaires) bo muri uwo muryango, ibitigiri vy’ivyononekaye birabandanya kwiyongera. Inzu 1000 nizo zasambutse mu gisagara ca Bujumbura, abantu 14500 nabo nibo bakozweko n’ibara ryashitse mu gihugu c’Uburundi.

JPEG - 2.7 Mo
Anselme Katiyunguruza, umunyamabanga mukuru w’umuryango utabara imbabare Croix rouge mu Burundi

Anselme Katiyunguruza, umunyamabanga mukuru w’umuryango utabara imbabare Croix rouge mu Burundi, amenyesha ko mu bikorwa rero vyihutirwa, hari ukuronsa aho abashikiwe n’ivyago boba baraba, hakenewe ibikoresho vyo guteka, imiti, imfungurwa, amasabuni, impuzu, hamwe n’ibintu vyo kwipfuka. Muri kino gihe rero bakaba bariko barondera ibiziga vyoba bikiri mu bisigarira vy’amazu. Mu nyuma hazoca hakwirikira igikorwa co gupompa kuko ubu ibintu vyaronekaye, hari amazi y’utuzu twasugumwe, ibiziga n’ibindi bikoresho vyatwawe n’amazi bishobora gutera indwara nka za cholera n’amacinya.

Nk’uko Anselme Katiyunguruza, umunyamabanga mukuru w’umuryango utabara imbabare Croix rouge mu Burundi abandanya abimenyesha, Reta imaze kubaha ibibanza bitatu boshobora gushiramwo amahema, ubu rero bamaze kuronka amahema 250 kugira abakozweko n’ico kiza babe bararonka aho bakika umusaya.
Uwo munyamabanga mukuru wa Croix Rouge mu Burundi agasaba ko abarundi bogerageza bagafashanya muri kino gihe, nk’uko bamye barangwa no gukorera hamwe, ko bobandanya bakorana ako gatima nk’uko vyamye muri kahise, kuko ibikenewe ari vyinshi cane.


Floxella Karire

Messages

  • Nimutabare, ariko kandi hari babandi ba Basaruriramunduru, baba abtegereje ko ibyago biba ngo babine uko biba ! Abantu baziba iby’abababaye Imana izamerera nabi!
    Imana nitabare abarengana..Ariko ngo: Ntibizabura kubaho! Imana irimo kuvuza amahoni menshi kw’isi, n’uburundi ntibworohewe....Imiryango ibabaye yihangane, igiye gurabarwa!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.